IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kirundo : Imiryango irenga ijana isaba gufashwa

Kirundo : Imiryango irenga ijana isaba gufashwa

samedi 25 Gitugutu 2014

Abanyagihugu bo muri komine ya Kirundo bavuga ko imvura yaguye muri iyi ndwi yononye imirima yabo, ndetse batagira ico bazofungura mu minsi.

Imiryango igera kw’ijana rero akaba ariyo yahuye n’iyo ngorane y’imvura. Amazu yabo banyagihugu yarasambutse, imirima iratwarwa n’amazi, eka bakemeza ko mu minsi iiza kigiye kubatuza mu gihe bari bakoze ivyo bashobora, bararima kugira ikigoyi gihitiye mu makomine amwe amwe y’iyo ntara gisezererwe.

Musitanteri wa komine ya Kirundo akaba asaba abagiraneza batandukanye kugarukira kuri iyo miryango yahuye n’urwo ruvura kugira bafashwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.