IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyamitahe ba Sogemac ntibashigikiye imvugo y’umukuru w’igisagara ca (...)

Abanyamitahe ba Sogemac ntibashigikiye imvugo y’umukuru w’igisagara ca Bujumbura

vendredi 9 Myandagaro 2013

Abanyamitahe bo ku rwego rwa 2 ( Actionnaires de la Sogemac "Groupe B") bashimye kubeshuza amajambo y’umukuru w‘igisagara ca Bujumbura yashikirijwe ku nsamirizi Bonesha FM kw’igenekerezo rya 6 Myandagaro 2013, aho yamenyesha ko amasezerano yari hagati y’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura n’ishirahamwe Sogemac yahagaritswe kandi batarinze kugishwa inama na rirya ayo masezerano yari ay’imyaka 30 bakaba bayahagaritse ku myaka 19 gusa.

Mu kiganiro umukuru w’urwego nshingwantwaro mw‘ishirahamwe Sogemac, Libere Nyabenda yahaye abanditsi n‘abamenyeshamakuru kuri uno musi wa gatanu igenekerezo rya 9 myandagaro 2013 yavuze ati : "Ntitwumva ingene bafata ingingo yo gufuta amasezerano hagati ya Sogemac na Mairie tutagishijwe inama kandi isoko itahiye yose nk’akarorero’ nk‘ikibanza ‘’le grenier du Burundi’’, salon de thé, aho ibanki BGF yakorera n’ahandi.’’

Abo banyamitahe bo ku rwego rwa kabiri basaba ubuyobozi bw‘igisagara ca Bujumbura kurekurira ishirahamwe Sogemac kuriha abakozi bahora barikorera kuko n’itegeko ryabahagarika mu mirimo yabo ryaheze kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 08 Myandagaro 2013. Yongera ati : ’’Dusaba ko isoko ya Cotebu yoshirwa ku buyobozi bwa Sogemac na rirya ariyo yariyagiranye amasezerano n‘abadandaza bazokorera muri iyo soko.
‘’Ntitwumva ingene twokorana imyaka 19 bagaca barindira ko isoko isha kugira bavuge ko amasezerano ahagaritswe.

Mu gihe hashizweho umurwi ujejwe gusubizanya (remise et reprise) kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro 2013, abo banyamitahe bo ku rwego rugira kabiri babona ko ari ukwihenda cane .’’Nta gusubizanya twogira, ntaho vyoba bifatiye, ntitubona ico twosubizanya kuko abanyamitahe bafise ibice 61,05 kw’ijana, mairie nayo ikaba yari ifise ibice 38,95 kw’ijana.’’

Mwomenya ko abo bakozi bari baje kandi kuri uno musi kugaragaza akababaro imbere y’ahakorera ishirahamwe Sogemac. Libere Nyabenda akamenyesha ko abakozi bitazoshoboka ko babahemba mu gihe batumvikanye n’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.