IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abanyamulenge basaba ko Rwasa Agathon yorengutswa

Abanyamulenge basaba ko Rwasa Agathon yorengutswa

mardi 2 Kigarama 2014

Inyuma y’imyaka cumi habaye ubwicanyi bwahitanye abanyamulenge mu Gatumba, umushingwamanza Moise Nyarugabo asaba ko Agathon Rwasa yagirizwa ubwo bwicanyi yorengutswa mu butungane.

Umushingwamanza Moise Nyarugabo amenyesha ko urubanza rw’ubwicanyi bwakorewe abanyamulenge kimaze imyaka myinshi, kandi hari abemanze ko aribo babukoze. Uwo mushingwamanza asaba ko Rwasa Agathon yorengutswa mu butungane, akishura kuvyo yagirizwa. Moise Nyarugabo avuga ko irengutswa mu butungane rya Rwasa Agathon ritofatwa nk’ikibazo ca poritike, kuko nibasanga atakimwagira azokwezwa n’ubutungane.

N’aho Rwasa Agathon ariwe yagumye yagirizwa ko ariwe yakoze ubwo bwicanyi bwo mu Gatumba, umunsi atahuka mu gihugu inyuma y’imyaka itatu atawuzi irengero ryiwe, yarahakanye ko ata ruhara yigeze agira muri ubwo bwicanyi, amenyesha ko vyobazwa Pasiteri Habimana kuko ari nawe yavyiyemereye ku nsamirizi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Mbe uwo Mutama bamuronderakwiki?Uwavyemanze kuma Radio ntibamuzi?Nibatekane amaraso ya banyamurenge siyo yaranuze kurusha ayumukuru w’Igihugu c’uburundi yaguye mu rwanda.

  • Mbe Moise Nyarugabo uko nugusuzugura Leta y’Uburundi canke Abarundi? Turasavye Leta y’Uburundi Yuko hamwe wohirahira Ngo uhonyoye kubutaka bw’uburundi ko wofatwa ukaja kubazwa ivyerekeye ubwicanyi wakoreye Impunzi z’Abarundi zari muri Zaïre ubifatanije na Bizima karaha, Azariasi Rubera, hamwe na Leta Yu Rwanda. Nukuru DD iyambike umutamana mureke gusasira Indava abo banyamulenge. Turabasavye ntimukomeze kudukora munkovu. Niba DD vyayinaniye Abarundi tugasubira kumva umunyamulenge Ku butaka bwacu nukuri tuzihanira. Amabi badukoreye I Shabunda, Tingitingi, mbandaka na Uvira bibazako inkovu zakize? Hakira igisebe ntihakira inkovu. Kandi ntibahave bibazako abarundi twese twoba turi ibikoresho nkaba DD

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.