IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure 1715 bungurujwe batamenye bagabishijwe

Abanyeshure 1715 bungurujwe batamenye bagabishijwe

mardi 26 Munyonyo 2013

Inyuma y’aho ubushikiranganji bw’indero bugiriye amatohoza bugasanga mu mashure y’abigenga ari mu ntara 14 yararenze amategeko, mu guha ibibanza abana batatoye ikibazo giha uburenganzira abanyeshure bo mwaka wa gatandatu ku bandanya mu mwaka w’indwi, hari amashure amwe yemeye gusubiza abo bana inyuma, n’ayandi yananye.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero avuga ko, abahaye abanyeshure ibibanza batamenye, barenze amategeko, barenga no kwitegeko nshikiranganji rivuga ko muri uyu mwaka w’ishure w’2012 ushira 2013, umwana wese yaja mu mwaka w’7, yabwirizwa kuba afise amanota 30 kw’ijana. Juma Edouard akaba abandanya avuga ko abanyeshure 1715, ko aribo gushika n’ubu bakiriko bariga bidakurikije amategeko, batatoye ikibazo kibaha uburenganzira bwo kubandanya amashure yisumbuye mw’ishure nshingiro. Benshi muri abo, bakaba bari mu makomine ya Rumonge na Nyanza Lac.

Juma Edouard akaba anegura abayobozi bayo mashure kubona bashobora guha ibibanza abana batamenye. Uyo muvugizi w’ubushikiranganji, akaba abandanya amenyesha ko kuva aho bagiriye amatohoza, amashure menshi yari yararenze amategeko yikosoye, ararungika abo bana mu mwaka wa gatandatu, kiretse Nyanza Lac na Rumonge, amashure y’abigenga yaho, yananye, akareka kurungika abo bana mu mwaka wa gatandatu. Juma akaba agabisha abayobozi bose bariko bararenga amategeko, akavuga ko ayo mategeko barengako, buca abagarukako, bagahabwa ibihano bikwiriye.

Asaba abavyeyi ko bofashanya, abafise abana bungurujwe batamenye, bakabasubiza inyuma, kuko amazina yabamenye azwi mu bushikiranganji, ndetse bakaba bayafise mu nyabwonko, abariko bacisha ahabo mu kugumiza abana batamenye mu mwaka w’7, naho vyoshika bakaca mu ryahumye kuko boba barerekewe na bamwe mu bayobozi babo, batazobakorana ibibazo vyo mu myaka ikurikira, ndetse bakaba batazoronswa n’urupapuro rw’umutsindo.

Muri ayo makomine abiri rero adomwako urutoke n’umuvugizi w’ubushikiranganji, abavyeyi b’abanyeshure bakaba basaba ko abana babo batosubizwa mu mwaka wa gatandatu, ko ahubwo bopfuma basibirizwa mu mwaka w’7, na cane cane ko abo bavyeyi bavuga y’ukwo amashure nshingiro aja yaruzuye, abana babo, bagashobora kubura ibibanza. Ubushikiranganji bw’indero ahabwo, bukamenyesha ko abo banyeshure atakindi, atari ugusubizwa mu mwaka wa gatandatu, kuko batashikanye amanota 30 kw’ijana y’abategerezwa kubandanya mu mashure yisumbuye nshingiro.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.