IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Abanyeshure barenga 3900 bo muri kaminuza ntibazoronka infashanyo bita (...)

Abanyeshure barenga 3900 bo muri kaminuza ntibazoronka infashanyo bita Bourses

lundi 3 Kigarama 2012

Ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza bwafashe ingingo ko abanyeshure 6500 aribo bazoronka imfashanyo y’inyigisho bita Bourses kuko batoye ikibazo co kwinjira muri kaminuza ata manota abanje kwongerwako. Abandi barenga gato 3500 batoye ikibazo ariko hamaze kwongerwako amanota n’ubushikiranganji, ntibazoronka Bourses.

Haraheze imyaka irenga 5 ubushikiranganji bwa kaminuza bwongera amanota mu bisata vyose mu kibazo co kwinjira muri kaminuza bita ‘’Examen d’Etat’’ kugira baronkre 50 kw’ijana asabwa kugira umunyeshure jinjire muri kaminuza yaba iya reta canke iyigenga. Bose bahora baronswa imfashanyo ya reta bita Bourses d’etudes.

Muri uyu mwaka w’ishure ugiye gutangura w’2012 ushira 2013, umushikiranganji wa kaminuza avuga ko ibintu bigiye guhinduka. Julien Nimubona amenyesha ko abazoronka imfashanyo ari abanyeshure baronse amanota 50 kw’ijana ubushikiranganji ataco burongerako. Abo nabo ni hafi 6500. Abaronse amanota 50 kw’ijana hamaze kongerwako amanota, ngo nta mfashanyo bita Bourses bazoronka. Abo barenga gato 3900.
Julien Nimubona avuga ko uburyo reta ifise ari buke butokwira abanyeshure barenga 1000 batoye ikibazo ca reta bazokwinjira muri kaminuza, yaba iya reta cokimwe na kaminuza zigenga.

Umushikiranganji ajejwe inyigisho za kaminuza avuga kandi ko kaminuza zibiri za reta harimwo kaminuza nderabigisha ENS zizokwakira gusa abanyeshure batarenga 6500, abandi naho batoye ikibazo ca reta ngo bazokwiyandikisha muri za kaminuza zigenga, iya gisirikare ISCAM, iy’igipolisi ISP, iy’ubuganga INSP n’izindi.
Inama shikiranganji yakoranye mu ndwi iheze niyo yafashe iyo ngingo. Itangazo ry’iyo nama rivuga ko imfashanyo y’abanyeshure bita Bourses d’Etudes atari uburenganzira ahubwo ngo bivana n’uburyo reta ifise.

JPEG - 72.4 ko

Umushikiranganji Julien Nimubona yaboneyeho akaryo ko gutanguza icese iyandikwa ry’abanyeshure bifuza kwiga muri za kaminuza zigenga guhera kuri uyu wa mbere italike 3 ukwezi kwa Kigarama. Iryo yandikwa ryari ryarahagaritswe ivy’agateganyo kubera ko amanota y’ikibazo ca reta Examen d’Etat co kwinjira muri kaminuza atari bwabosohoke. Asigura ko iyandikwa ryari ryabaye imbere rifuswe, ko n’abari biyandikishije bategerezwa gusubiramwo kugira vyemerwe n’amategeko.

Ahamagarira abanyeshure bo mu bihugu vy’akarere k’ibiyaga binini bifuza kwiga mu Burundi kuza kwiyandisha kuko ngo inyigisho zirazimbutse kandi kaminuza zisigaye zitanga inyigisho zifise akanovera kuva ku mwaka w’ishure uheze aho hatangura gukoresha uburyo bushasha bw’inyigisho bita BMD, Baccalaureat Master Doctorat.


Pierre Claver Niyonkuru

Portfolio

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.