IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure ba ETS Kamenge basaba ko umuyobozi wabo yokurwa mu (...)

Abanyeshure ba ETS Kamenge basaba ko umuyobozi wabo yokurwa mu mabanga

vendredi 31 Nzero 2014

Kw’ishuri ryisumbuye ry’imyuga riri muri komine Kamenge ETS :Ecole Technique Secondaire, abanyeshure bazindutse mu migumuko. Abanyeshure n’abapolisi bahanganye, abigisha n’abandi bajejwe indero bari hanze basa n’abumiwe.

Abanyeshure biga muri ETS Kamenge bazindutse mu migumuko. Igihe twahashika abapolisi bari bacunganye n’abanyeshure kugira ntibaje mw’ibarabara. Bagerageje gusohoka baca babatera vya vyuka bikoroza amasozi, ariko batevye barasohoka, abapolisi babagaruriye imbere y’ikigo ca Kaminuza y’Uburundi kiri mu Kamenge babona gusubira inyuma.

Nk’uko abo banyeshure babivuga, iyo migumuko yababujije kuzindukira mw’isomero nk’uko vyahora, kimwe, n’uko baronse amakuru ababwira ko abigisha babo babiri harimwe umuyobozi w’ubuhinga «Directeur Technique» baraye bahatswe kwicwa n’akarwi kagizwe n’imbonerakure zirongowe na Nkeshimana Jean-Claude batazira Komiseri, hamwe na bamwe mu bakora mw’igendereza. Vyavurwa ko umwe muri abo bariko bategura gukora iryo shano yaciye ababurira mu kwanka gusesa amaraso. Abo banyeshure bagasaba ko uwo batazira "Komiseri" yokwirukanwa co kimwe n’umuyobozi w’iryo shuri agakurwa.

Ku bwinjiro bw’aho umuyobozi w’ishuri rya ETS akorera hari hamanitse itangazo ko ata mumenyeshamakuru arekuriwe kwinjira. Nk’igihe c’isaha zitanu z’igitondo, umushikiranganji w’inyigisho w’amashuri matomato n’ayisumbuye yahashitse. Ahejeje kubonana n’umuyobozi, yatumye kumwegeraniriza abanyeshure. Imbere y’abo, Rose Gahiro ati : «Abashaka kwiga binjire mu mashuri, abadashaka nabo amarembo aruguruye batahe iwabo», aca atangaza urwego «Comité» ruzohora rukwirikirana ibibazo biri kuri iryo shuri hama bakabishikiriza umushikiranganji, kugira bitorerwe inyishu. Urwo rwego rukaba rugizwe n’abantu 6. Ivyo yabivuze mu gihe yabanje gusaba abamenyeshamakuru bose baraho gukinjura. Mu nyuma z’aho uwo mutegetsi yabonanye n’abarabwa n’ikibazo c’indero kuri iryo shuri.

Ibibazo vy’abamenyeshamakuru vyishuwe n’umuvugizi w’umushikiranganji Rose Gahiro, ariwe Edouard Juma.. Bamubajije ko umushikiranganji yoba yavuganye n’abajejwe indero kuri ETS ikibazo c’umutekano muke wibonekeza kuri iryo shuri. Juma yishuye ko atangorane z’umutekano ziri kuri iryo shuri, ko ibivurwa ari insaku kuko atacerekana ko hari umutekano muke. Juma ati : «Ikibazo c’umutekano muke umushikiranganji ntiyagitevyeko kuko kidafashe»


Chérif Nkeshimana

Messages

  • IYO NYISHU IRI POLISE NACANECANE KO UMUSHIKIRANGANJI YUMVISE KO ABAGIRIZWA NUMUTEKANO MUKE HARIMWO INZEGO ZARETA ARIMWO NTAYINDI NYISHU ATARI:(NTIBIFASHE)

  • umushkiranganji ntiyirengagze ico kibazo ahubwo nagitorere ikibazo yime umwanya abanyapolitike kuk ntaho bhuriye nivyirwa twe twagye kwiga nta politike twagiye gukina hama hamwe atomukura directeur twe tuzomwikurira

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.