IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo mu gisata c’Ubuvuzi bashaka kunonosora ivyigwa (...)

Abanyeshure bo mu gisata c’Ubuvuzi bashaka kunonosora ivyigwa bahebujwe

mercredi 19 Ruhuhuma 2014

Umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi, Joseph Butore yakuriye inkoni ku gishitsi ba banyeshure bo mu mwaka wa mbere w’igice ca gatatu mu gisata c’ubuvuzi ko bidashoboka ko baja kubandanya amashure yabo mu makungu kubera Reta ifise ingorane y’uburyo buke.

Ku munsi w’ejo ,igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2014, mu nama umushikiranganji yagiranye na ba banyeshure b’abaganga biga mu mwaka wa mbere wo mu gice ca gatatu c’amashure, umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi Joseph Butore yabamenyesheje ko Reta itagiye kubandanya ibafasha kubera ingorane z’uburyo. Abo banyeshure bigira ivy’ubuganga berekanye ko badatahura aho ingorane yoba iri kugira ntibabe bakija hanze kandi imyaka 20 iheze Reta yama irungika abanyeshure kunonosora ubwenge hanze ata ngorane. Akababaro rero akaba ari kenshi cane kuko abenshi muri bo bataye akazi aho bari basanzwe bakora. Ku bw’abo banyeshure babona ko iyo ngingo ije gusubiza inyuma iterambere ry’igihugu, na cane cane ko abaganga b’abahinga ari bake cane mu gihugu.

JPEG - 5.9 ko
Joseph Butore, umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi

Abo banyeshure rero basaba umushikiranganji ko Reta yokubita inzu ibipfunsi, hirya no hino mu basanzwe bafasha Uburundi hamwe n’abasanzwe bafasha kaminuza y’Uburundi kugira bafashe mu buryo, kuko atari uko inyigisho mu Burundi zigiye gusubira inyuma cane. N’umwe mu baganga basanzwe bamaze igihe kinini muri uwo mwuga bari muri iyo nama, Niyongabo Aloys nawe nyene asaba Reta ko yododora ku basanzwe bafasha Uburundi bakunganira.

Umushikiranganji Joseph Butore yarangije abamenyesha ko abipfuza kwiga bashobora kurindira bakiga kuko n’abigisha basanzwe bari ngaho, nayo ababona ko batorindira bosubira mu kazi bahoramwo.
Ivyo umushikiranganji Joseph Butore akaba abimenyesheje inyuma y’aho abo banyeshure bari bamwandikiye urwandiko biyamiriza ifutwa ry’umwaka wa mbere w’igice ca gatatu c’amashure ya kaminuza mu gisata c’ubuvuzi, nk’uko vyari mu rwandiko yarungikiye umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi.


Floxella Karire

Messages

  • Nakamaramaza none ryaterabere bahayagiza ririhe?ngabana bavyarakubuntu abavyeyi bavyarakubuntu ngaho amashure bagombabugare gato namavuriro yeeebabawee???biratangaje nukuvuga kigihugucifashenabi bavuga kwibintuvyose vyera nibagwize imipira tuje twikinire.

  • Ingaruka y’ubutegetsibubi niyo igihugu kibura uburyo gute mugihe bavuga ngo intwaro ya CNDD niyo iruta izindi ntwaro za haciye ,habuze uburyo gute mugihe muvuka ko infashanyoiza kubwinshikubera amakunguabizeye ? Ahubwo muratwenza abantu iyo mutubwira ko vyose bigenda neza mugabo imigambi y’areta ntishobore kuja mungiro , igihugu nku Burundi kizoterimbere gute kidashoboye kurungika abanyeshuri kubandanya ivyirwa vyabo mubihugubiteyimbere ?

  • Mwihangane ncuti zanje!Notre pays va mal svp!Ntimwumvise ko barihafi kukubitisha beyirahise Uburundi n’ibirimwo,n’ababurimwo!Igihugu cobura amahera gute mugihe amazu yubukwa kubuhinga bwa none aduga kumusi kumusi,Imiduga myiza myiza ibarizwa aho iwacu?No 1 yoraza ishinga nukwita se barundi adashoboy kubaha ivyo barekurirwa namategeko?Ahubwo ndi uwo mushikiranganji noca mpagarikira aho kuko biteye isoni kwumva ijambo nkiryo ngo igihugu gifite uburyo buke kandi atantambara turimwo?

  • Nta gitangaje dd ntaco itazokura igitangaje nuko baduza amagorofa n’imiduga bigezweho ariko hagera kurungika abanyeshure bacu ngo baje gukarisha ubwenge hanze ngo nta buryo,mweho ni uko mwivye ayahagije aho buca mugwarira muzoja kwivuriza i buraya none nyarucari we azovurigwa he?Nande?Stop being selfish think also for of your people bataye umeanya babaha amajwi.Guys mwari abo mpanura icerekwa ni ikibona ikibarigwa ni icumva twari gushigikira Mutama wacu Rwasa otherwise ni intango akari inyuma karahinda

  • Nta gitangaje dd ntaco itazokura igitangaje nuko baduza amagorofa n’imiduga bigezweho ariko hagera kurungika abanyeshure bacu ngo baje gukarisha ubwenge hanze ngo nta buryo,mweho ni uko mwivye ayahagije aho buca mugwarira muzoja kwivuriza i buraya none nyarucari we azovurigwa he?Nande?Stop being selfish think also for of your people bataye umeanya babaha amajwi.Guys mwari abo mpanura icerekwa ni ikibona ikibarigwa ni icumva twari gushigikira Mutama wacu Rwasa otherwise ni intango akari inyuma karahinda

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.