IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo muri kaminuza za Reta basa n’abatumva akamo batewe

Abanyeshure bo muri kaminuza za Reta basa n’abatumva akamo batewe

mardi 25 Ntwarante 2014

Abanyeshure bo muma kaminuza ya Reta basa n’abanse kwitabira akamo batewe n’umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi Yozefu Butore, hamwe n’akamo umuyobozi wa kaminuza Y’Uburundi yabateye ko kuja kwiyandikisha, kuko gushika mu gatondo ko kuri kuri uwu wa kabiri abanyeshure 280 ku banyeshure barenga ibihumbi 18000 aribo bari bamaze kuja kwiyandikisha.

JPEG - 45.4 ko
Abandika abanyeshure baje kwiyandikisha

Ku munsi ugira kabiri wo kwiyandikisha, abanyeshure bo muma kaminuza ya Reta ntibitavye akamo katewe n’umushikiranganji w’amashure ya kaminuza hamwe n’umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi. Gushika igihe c’isaha zine n’igice, abanyeshure 28 gusa nibo bari bamaze kwiyandikisha muri kaminuza y’Uburundi, mu gihe kw’ishure nderabigisha ENS ata munyeshure n’umwe yari bwiyandikishe.
Kuri uno munsi wa kabiri, ibintu vyasa co kimwe no ku munsi w’ejo, abanyeshure baja kwiyandikisha umwe umwe, naho nyene abenshi nabo mu myaka ya nyuma batinya kubura impamyabushobozi zabo kuko bobo amashure asa n’ayaheze nk’uko bivugwa na bagenzi babo. Hari kandi bamwe mu banyeshure bashika muri kaminuza bakaraba urwandiko baterako umukono, bagaca bitahira batiyandikishije. Ku banyeshure barenga 18000 biga mu makaminuza ya Reta, gushika kuri uno wa kabiri abagera ku 280 nibo bonyene bari bamaze kwiyandikisha. Umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi Gaston Hakiza yariyemereye ko abanyeshure batariko baritabira ako kamo, ariko akamenyesha ko bibaye ngombwa bashobora kwongereza ikiringo co kwiyandikisha kuko yizeye ko bategerezwa kwitaba ako kamo batewe.

Tubibutse ko igenekerezo rya 24 na 25 ariryo sango ryari ryatanzwe kugira abo banyeshure baze kwiyandikisha gushasha inyuma y’aho birukaniwe mu kiringo c’iminsi 10 bivuye kw’ihagarikwa ry’ivyigwa bari batanguje. Abo banyeshure bakaba bahagaritse ivyigwa biyamiriza ingingo y’umukuru w’igihugu isubiramwo uko agafashanyo bahabwa gatangwa.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.