IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo muri kaminuza za Reta bahawe irindi sango

Abanyeshure bo muri kaminuza za Reta bahawe irindi sango

vendredi 2 Rusama 2014

Ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi bwasubiye gutanga irindi sango ryo gusubira gutangura ivyigwa muri kaminuza nderabigisha ENS hamwe na Kaminuza y’Uburundi. Ku munsi wa mbere kuwa 5 Rusama 2014 niryo sango ryahawe abo banyeshure naho atawuramenya ko abo banyeshure bagiye kwitaba ako kamo.

Mw’ijambo yashikirije ku munsi w’ejo, igenekerezo rya 1 Rusama, mu ntara ya Gitega, umukuru w’igihugu yasavye abanyeshure bo kuri kaminuza nderabigisha ENS hamwe na kaminuza y’Uburundi gusubira ku mashure ivyo basaba babisabe bari ku mirimo. Umukuru w’igihugu mu majambo yakoresheje yavuze ko ata nkuba zibiri zisangira igicu, vyongeye ngo Reta nta na rimwe yivuguruza.
Mw’ijambo ryiwe, Petero Nkurunziza yaciye asaba umushikiranganji ko yoshinga umunsi ibikorwa bizosubira gutangurirako muri izo kaminuza.

Ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi bukaba bwihutiye gushira mu ngiro ivyasabwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi. Ivyigwa rero bizosubira gutangura ukuri kwamye ku munsi wa mbere igenekerezo rya 5 Rusama 2014.
Abanyeshure ntibaragira ico bashikiriza ko boba bagiye kwitaba ako kamo canke naho ko bagiye kubandanya basaba.
Babicishije ku babaserukira, abanyeshure bo mu makaminuza ya Reta bari bavuze ko batibaza ko umukuru w’igihugu yoba yarabonye urwandiko bamurungikiye. Abo banyeshure bakaba basaba ko ingingo ya 24 yo mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu ivuga ko umunyeshure ayobewe rimwe mu mwaka adasubira kuronka agafashanyo yofutwa. Ikindi kandi abo banyeshure basaba, n’uko bobaronsa agafashanyo k’ukwezi kwa Ndamukiza n’ukwezi kwa Rusama.


Floxella Karire

Messages

  • Yoooooo ahogufuta iryangingo none wumva bavugiki?kwabobana berekana aharumutego kki atawutegura?asha baramuhinyuye abanyeshure mukwiye gukomez urunani kinokibazo sicapolotiques cank camoko nimigambwe mwese kije kibabohera maboko imugongo nanyaburya abana babo atamahera bariha bagashima kubifatira rubanda

  • iciza bwira shobuja afute irya ngingo hama mushake mubahamagare 00h00 murab kobataza.apana gufata paracétamol umuntu agwaye malaria

  • ahubwo dushimire Imana kubona dufise urwaruka rwitaho ineza yabo niyabatoyi babo kandi uko babona kazoza kigihugu

  • <<RETA NTIYIVUGURUZA>>Kananira abagabo ntiyimye kandi kandi agasozi kintahanurw kahiy abagabo muhari kand mwarabona.kuva kaminuza zugururw muburundi akagafashanyo ntikabaho?burya mweho siko mwigiyeko?tabra muvyey abna bige kuko ubu turi nomubihe bibi aho bamwe bibaz ko ari politike abndi nabo ngo nabo muri reta bashaka kukirira?nibar kumutonga.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.