IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyeshuri ba kaminuza bari imbere y’ubuserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe za (...)

Abanyeshuri ba kaminuza bari imbere y’ubuserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika birukanywe

jeudi 25 Ruheshi 2015

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 25/06/201 niho abanyeshuri bo muri kamminuza y’Uburundi bari bamaze iminsi imbere y’ubuserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika nk’igihe c’isaha umunani babonye abapolisi baje ku bwinshi.

Baje mu modoka z’igipolisi zizwi kw’izina rya kizunguzungu baje kubafata atawuzi iyo bagomba kubatwara,aho naho nkuko amakuru dukura muri abo banyeshuri nyene,hari abari babimenye ko umwe mu ndongozi zikuru zo mugipolisi Pierre NKURIKIYE yatanze uruhusha rwo kuza kubafata bakabakura imbere y’ubwo buserukizi.

Imana yakinze hafi nkabose bashoboye kubaca mu ryahumye bamwe baciye hejuru y’umuryango,abandi munsi y’umuryango,barashobora kwinjira imu bigo vy’ubwo buserukizi.

Nkuko twavyiboneye aho bari bicaye basa n’abababaye,kubera gusimba ico gihome gisanzwe ari kirekire hariho abakomeretse,abandi baravunagurika,abo nabo bakaba bariko barafashwa n’abagenzi babo.

Utuntu twafasha abo banyeshure,impuzu,amahema,imatela baryamako,amakaye…vyariko birasahurwa n’igipolisi nyene abantu barorera.

Ibibazo biracari vyinshi na cane cane ingene abo banyeshure bagiye kubaho mu gihe ivyabo vyose vyasahuwe urukombamazi,n’igipolisi kandi arico cari kijejwe kubakingira.


IGIHE

Messages

  • LETA NIBANDANYE IDUTOTEZA ARIKO IMENYE YUKO IZOVYISHURA BIDATEVYE.ABO BAKURU BA BAPOLISI NABO BAZOVYISHURA KUKO UBUTEGETSI BWABO BUGIYE KURANGIRA .BA POILISSIME DUSHISHIKARE GUFATANA MUNDA.

  • ariko abo muri croia rug nibatabare abakomeretse mama bah kwihangana!!!!

  • NIBAJE MUBIGO VYAKAMINUZA CANK BAJE GUFASHA IBIKOGWA ABAVYEYI

  • Umve uyumwanditsi ukuntu aconekerereza ngo igipolisi casabuye ibintuvyabanyeshure!!!

  • bamenyeko arizo ncabwenge dufise.Mbe abo aapolice bemera kuba ibikoresho boba baz sulabus ico arico?Mana zigama izoncabwenge unadukiz intwaro zigikenye!

  • Mwihangane ncuti zacu,igihe nikigera bizohera!

  • ABAPORISI.NIBOBAR OBERI.TWARATEWENTI TWABIMENYA.HAHAHA

  • Mbega ico giporisi aho cobakingiye arico kibasahura co nicahe?mbega reta ntanico yobivugako?

  • NONEGAYEMWE BABAHORIKI KWATAKAJAGARIBARIKOBATERA?IVYOVYOS’IMANA IRABIBONA!

  • iyo mugihugu hatagira amategeko,ubutungane nademokarasi akarutakandi karakamira!

  • TURANSE.AGATOTEZO NKAKO.NONE.ABAHOZE MUGISODA.CARETA BARIHE.KWIBIBABIBA BARORERA.NIKUKI. NABONEBARABAYE ABAROBERI.NTAKUNDI?

  • mana fasha uburundi.guhenda abarundi ngoturasenga peter sumusenzi mbe paster wiwe arihehe ntacahanura

  • nond nikuberiki igiporisi cakoze ikibi nkico?kandi aribo bobakingiye.

  • nond nikuberiki igiporisi cakoze ikibi nkico?kandi aribo bobakingiye.

  • Noneho ubu mu Burundi hari bishasha gusa?Abanyeshure baba polititiens gayemwe?Haha!

  • Hanyuma bakaguma bavuga ngo baje mumashure!

  • Abomwit incabwenge nivyo bijuju dufise mu Burundi ,nibadug iyobaje bava . Ukwonukurondera kujanwa muri américain , non umunt aciyunvira kub impunzi niwe mwit incabwenge?

  • NIBAKUBITE IZOMBWA. MBE BIGIRA ABANYABWENGE TWESE KAMINUZA NTITWAZIZE UGIRA DUCA TWIGIRA ABAHINGA? IYO BABAKWEGA AMAVYA. BABURA KUJA KWIGA NGO BAKINA POLITIC BATAZI? UBURUNDI BURAHANGAMYE NIMUNUME. NDABIBUKIJE KO ISANGO ARI LE 29.

  • Imana Irabazi Bagenzi Ntimwihebure Turabasengera Mumisi Mike Tugiy Kubona Ivya Reta Iyobija Pe!! Ubwo Bukozi Bwikibi Uhoraho Ntazobwihanaganira Nagato!

  • none botashe bakagenda gufasha abavyeyi imirimo mukurindira ko nyamutekano ugaruka,bibaza ko Visa zironderwa ukwo???ko atanumwe barica ngaha iwacu?ubwo ntimubona ko mwanse kuja mubigo kuneza muzoteba mujayo kunabi?????cubwenge

  • Biteye Intunv Nakabong Kand Nikumpand Zose Ark Yehova Ni Amen

  • none botashe bakagenda gufasha abavyeyi imirimo mukurindira ko nyamutekano ugaruka,bibaza ko Visa zironderwa ukwo???ko atanumwe barica ngaha iwacu?ubwo ntimubona ko mwanse kuja mubigo kuneza muzoteba mujayo kunabi?????cubwenge

  • non nkubu utuntu twabo aho badukingiye abapolici barabitwaye non bazoba abande Burundi simbimanga kk uriwe nabogukingiye police urateye isoni niwaba ushaka intambra kugira usahure utwabanyagihu nkuko mubigenje mutwabanyrshure muzi ko iminyago yabo ikenye atco bafise mubishe kabiri

  • Abanyeshule bo muri kaminuza hamwe n’abantu batarahunga igisagara ca Bujumbura, barakorewe iterabwoba rikomeye imbere y’amatora: grenades, police, isakwa, etc. Nakare birazwi ko bari cane cane muri opposition. Igihugu kirahahomvye mvyishi caaaane muri aka kajagali katewe na 3eme mandat ya Nkurunziza.

  • Icyo nabonye muri iyi minsi hari abarundi barwaye mumutwe. Ubwo banze kwiga ngo bategereje Kagame atere uburundi Nkurunziza yicwe hanyuma barangize wamupango wa 72. Icyo nababwira cyo uburundi uzahashora intambara nawe izamuhitana. Dore ko Rusuferi Kagame yikoze akari akajyahe agatera Kongo inshuro nyinshi nagerageze ubu atere uburundi maze arebe uko imbwa yocwa n’ingwe. Abakunda amahoro tuzamurwanya ndetse agererwe mugafuni yamariyemo abahutu nawe kuko akebo kajya iwa Mugarura

  • jewe narinziko bagiye gutegura rebellion mu rwanda,baracari ngaho,nibumve natwe abatutsi baratwirukanye muri campus twari aba universitaires,nibabe barananara impome zabandi,hihihiiiiiiiii,hahahaaaaaa

  • birahinduka. heureusement ko bihinduka nyene kandi bigiy guhinduka uvyibonera. hama nubwo ataribo bonyene bize, wewe ntiwize kandi ntiwanarezwe. au fait ufise imvugo y’inyeshamba, kandi nibaza ko wagiyeto ukiri umwana, nindero yo kuziko ntiwaronse umwanya wayo! aba universitaires bandanya! on échoue quand on abandonne. intsinzi ni cash kandi vuba!

  • Mwaba Etudiant Kaza Loho Imana Isumba Ingabo Aho Bari Hari Abandi Ntamvura Idahita Turinyuma Yanyu

  • birateye isoni aho ari igipori kijejwe gukingira abanyagihugu kikaba arico kibica kikabasahura ntangorane ntamvura idahita .

  • None nkabo bahunze iki? Muracibaza ko turi muri 93 vyarahindutse Nkurunziza si Ndadaye!

  • Ivyiburundi!Polisi Twayihaze Atari Gusahura Nokwica Ntakindi Bashoboye!Nibisoze Vuba!

  • Ubu rero izo nyakaburund ngo ni igipolisi atari ukwica n’ugusahur ntakind kibaraj ishinga?biteb bitebuk 2zobasezerer ubusho bwabo turi mu gutangur kubwubaka

  • GOES AROUND COME AROUND

  • Reka bumve ko bibaza mbe baribuka ivyo badukoreye kuva 1972 ,1993 niyindi myaka barayizi

  • Umuhisi KAGAJO ati:"ABO BAHUNGU MWIRUKANA NTIMUZI UKUNTU BAZOGARUKA!"uwumva niyumve uwavuba aranyegera!

  • @Mutabazi; Numvise uvuga amajambo menshi yuzuyemo ubwenge buke, muvyo uvuga mu mateshwa n’amahomvu uzokuremwo izina Kagame; Kagame igisirikare ciwe nico kugwanira abanyagihugu biwe, ejo yaguze indege igira 08, ejo muburundi hatewe gerenade hanakubagugwa abanyeshuri ba kaminuza, hahunga abantu isinzi, Ugwanda n’igihugu kimaze imyaka myinshi mu mahoro kirafise stabilite Politique, economique, sociale, culture na religieuse kubaha abantu nta vangura ry’ubwoko nkahano iwacu mu Burundi, Kagame rero arafise high personality yubatse uje uvuga peter n’abandi boza amaguru abanyagihugu bwaca bakayaca.

  • Uwutazi ubwenge yibaza ngo Embassy ya Etats Unis ihari ngo yakire canke ihe visa abanyeshure batagira umwanya n’ishaka vyo kwiga. Sinibaza ko ico kiri muri missions 1ères za USA kw’isi. Jew nohanura abo banyeshure ko boreka gutakaza umwanya bagende kwiga igihugu kizobakenera mu misi iri imbere kumbure bazonafasha guhindura ivyo bavuga ko bitagenda neza. Relax and go on studying.

  • igifpu cibwira mumutima ngontamaniboho!ariko ukobuca sikobwira .ahaturi harabandi .imisiyumuntu yokubaho nimike uwoshaka yokoraneza.kuko imisiyumunyakibi nimike .icumuntakoracose azokibazwa niyidaca urwanfondegonde ni yehova

  • Haragez Ko Herodi Atang Imihoho Kuko Nta N Umw Agikora Akazi Ajejw Mw Iki Gihugu Ciw N Imbonrakur! Ivy Bakorra Urwaruk Burund Bw Ejo Bzovyshur Svp! Mana W Tgarukir

  • None jewe abantu barantangaza, société civile na opposition babahenze ngo nibagire akajagari ngo bazobaronderera ubuhungiro muri amérika, emwe twarituziko atamuntu yize ahendwa, bakwiye gutahurako ibintu vyahindutse, none harya harimwo abana ba sinduhije, ba pacifique, ba busokoza, ba minani, ba léonce, ba rwasa, ba rufyiri, ba odifax ...... ico nosaba abantu bapfa gukurikira abanyepolitque bobasavye d’abord kubarihira passport na visa hamwe na billet d’avion bakazama bayitunanye. urabona ingene bariko barashaka gutabukira munsi ya portail usa embassade ababashoye bibereye Kigali na bruxelle, baracabacamwo ubu naho bagiye kubacuruza amafoto yabo bayasabireko imfashanyo zija mumifuko yabo, abakinye imitwe neza ni aba directeur bamaradio bobo baribaziko urugamba rutoroshe visa barazigendana mumufuko vyose baribabibateguriye mbese n’inzira bazocamwo rukamvye ubu ntanumwe ari muburundi hasigaye abiyise directeur a.i, hari uwo numvise avuga ngo azosubira kwishure peter avuye kubutegetsi namubwiye nti ntihaba hazoca haja sowanyu nisawa.

  • @Nizigiyimana. Icyo mbano cyo uru umupfayongo nka Rubebe. Kubona umuntu w’umugabombwa ushima Kagame na Millions z’abantu yishe mu Rwanda na Congo. Niba umwifuza ageze i Burundi yahera kumuryango wawe agandagura kuko amaraso yamwokamye. Gusa ushobora kuba uri umwe mubatera grenade buriya uwakubona wabisobanura kuko mubutagongwa uri mubambere.

  • Vive la police burundaise,dukureko abo batera akajagali mu gihugu cacu,bandanya mube professionnels sans vous laisser faire,bandanya uko mwiyerekanye neza mu makungu igihe c’imyiyerekano ya ba vitali na ba pacifique,mbega mwoba muzi iyo bari izo nyankabahutu,nako ngo bari kugira imyimenyerezo mu rwanda,muzobafate mpiri izo ngegera badutuririye abana mu ma pine,ibimaramare;

  • NTAHIRAJA Seth Twihweje Ibirikobirabera Muburundi.Nibiba Mubindibihugu.Twasanzekabisa Igipolice C,Uburundi Ntitwovugako,100%mugabo.Twogiha 90%kuberakirihangana Cane.Turavye,aho Abapolicebaca.Mumihingo Itandukanye.Muvyukuri Imana Ibahezagire.Ahubwo,ntacodufisetwobaha.

  • birababaj biratey n’agahinda umuporisi naw ajejw gukingir umunyagihugu ariko ukabona ubu ariwe amuturubik kandi rero n’abarongoz babo ntihagire ico bibabwira bakagum bavuga nez ataco bibabwiy bakagum bereka amenyo umunyagihug kandi natw bitaduhimbara twe ico tugomba ubuutungan n’ukubahiriz agateka ka muntu abo ico nobabwir nuko uko babona ibintu biri ubu nuko bizohera nta mvura idahita kandi nuko Imana iriho ivyo vyose irabibona kandi izobishur bidatevy ubu ico mwomeny nta batware dufise kera niho twari abagabo b’ijunja n’ijambo kandi bakunda igihugu abubu baronder inyungu zabo KOMERA

  • Mana Mana Garukira Abo Banyeshur Imana Ize Ibamubaze Umkuru W’igihugu C’uburundi

  • nn ayo makay nuduhema twabo bigiy gufasha imbonerakur cnk abari somalie akamaramaza karamy.ba polis ntasoni.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.