IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abapfasoni bari mu rwego rw’igisirikare c’igihugu bageze ku ntambwe (...)

Abapfasoni bari mu rwego rw’igisirikare c’igihugu bageze ku ntambwe ikomeye

vendredi 20 Kigarama 2013

Abigeme b’abarundikazi basabwa kwinjira mu rwego rw’igisirikare c’igihugu, kuko urwo rwego atari urw’abahungu gusa, nk’uko bivurwa na Colonel Padon Ninteretse umwe mu bategetsi bo mu bushikiranganji bw’ukwivuna abansi.

Ku va ku wa 9 gushika ku wa 19 Kigarama, hakaba hari hahariwe gukangurira abigeme b’abarundikazi kugira nabo bitabire kwinjira mu rwego rw’igisirikare c’igihugu, kuko gushika n’ubu urwo rwego rurimwo abapfasoni bake, bakaba bageze ku gitigiri c’239, muri abo 55 bari mu rwego rw’abasirikare bakuru, 17 bariko barafashanya na basazababo mu bikorwa vyo gukorera igihugu mu Burundi no mu makungu, mu gihe 38 bakiri mw’ishure kaminuza ry’intwaramiheto ISCAM.

Kubera ico gitigiri c’abapfasoni ari gito muri urwo rwego, bituma abapfasoni baja gufashanya n’abandi kugarukana umutekano hanze y’igihugu baba bake cane. Ariko ukwo bangana kwose, bakaba baja nabo gufasha kugarukana amahoro hanze, aha akamenyesha nk’abagiye mu gihugu ca Somaliya. Abarundikazi rero bari muri urwo rwego, bakaba bageze ku ntambwe ishimisghije nk’uko bimenyeshwa na Colonel Ninteretse.

Ahamagarira abarundikazi ko mw’ihamagarwa rizokurikira, batosigara inyuma mu kwitabira amahiganwa, kandi ivyo bikazotuma habamwo ukungana kw’ibitsina mu nzego zose ziraba ubuzima bw’igihugu nk’uko biri mw’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi.

Aristide Nizigire

Messages

  • IVYO BIRANEZEREYE ARIKO NUKURABA KO BEMERA KUKORA NK’UKO BASAZA BABO BAKORA KUKO HARACARI AGAHAZE KUVYO BASHAKA GUKORA!Mbe muri abo 17 ni bangahe bakora hagati mu gihugu?ubwo bose ntibibereye i Bujumbura?Kugira n’abandi batarajijuka babonereho ibikorwa n’abigeme ntibaze baraduga gusa bagiye guhiriza nibakwiragizwe mu ntara zose za gisirikare tubabone atari ku mafoto gusa baze bakorere hafi yacu!

  • Noneko ari abatutsikazi gusa abahutukazi baja mu Gipolisi gusa?Baratubwirako bagabuye tumenye aho dutumbera!Mbega bahimiriza ba nde?Bari bakwiye guhurira n’abigeme bose bari mu myaka iheza bagahurira ku mirwa mikuru y’intara.Ariko ivyo mbona ntikiravangwa kabisa!

  • Nyemerera ngukosore wowe witwa KABIZI, I think the important is being BURUNDIANS with patriotism than being just HUTU or TUTSI. They are all looking peace of the world in general and peace of Burundi in particular. So, for me I’m proud for those (all) ladies. Murakoze cyane.

  • Kabizi ndamutahura ariko insiguro itanzwe na Deo nayonyene iratomoye, Icogusa nukonabahutu barimwo mugisirikare icogutangaza nabowabonye kwiyo photo wosanga harimwo abahutu nabatutsi, akarorero uwekereka iphoto ya Sinduhije na Leonce Ngendakumana maze ukabutarisanzwe ubazi ndaziko Alexis womwita umuhutu Leonce ukamwita umututsi.

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.