IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mugwengezo : ’’Abapfunzwe bazira ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca (...)

Mugwengezo : ’’Abapfunzwe bazira ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza berekanye ubutwari’’

mercredi 22 Ndamukiza 2015

Ugupfungirwa ivyiyumviro ushikirije, vyerekana ubutwari bw’umuntu atemera kurya umunwa, atamikwe ijambo, nk’uko vyashikirijwe na Chavineau Mugwengezo, Umukuru w’Umugambwe w’iteka wa UPD-Zigamibanga.

Abanyororo 65 bahagaritswe mu myiyerekano yo ku munsi wa gatanu uheze mu gisagara ca Bujumbura, ubu bapfungiwe mu ntara ya Muramvya, baremeza neza ko baremye kandi bashimishwa no kuba bashoboye kwerekana aho bahagaze kuvyerekeye ikiringo ca gatatu c’Umukuru w’Igihugu, Petero Nkurunziza.

Mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri,igenekerezo rya 21 Ndamukiza, abaserukira imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi, barikumwe n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poriike, barishikiye mu ntara ya Muramvya kuraba abanyororo bafashwe mu myiyerekano, yabaye kuri uwu wa gatanu uheze mu gisagara ca Bujumbura.

Naho vyabanje kugorana ko baronka uruhusha rwo kwinjira kuraba no gushikiriza agakemanyi abo bapfungwa, umugwi w’abantu 15 muri bo bahavuye bemererwa kwinjira, aho tukavuga Chauvineau Mugwengezo, Umukuru w’umugambwe w’iteka wa UPD-Zigamibanga, aho yamenyesheje kw’abo banyororo baremye kandi ko bashimishwa no kuba bashoboye guserura ikiri ku mutima, mu kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’Umukuru w’igihugu. Ku bwiwe, aho bitavye akamo ko kuja mw’ibarabara biyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, bari bazi neza urugamba bajeko kandi ko ari urugamba rw’ukuri, ari naco gituma baremye.

Chauvineau Mugwengezo yaboneyeho akaryo ko kumenyesha ko imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza izobandanya gushika ku munsi Umukuru w’igihugu yemeye gusohoka mu gacerere arimwo, akamenyesha abarundi n’amakungu ko atazitoza mu matora twimirije.

Mukamenya ko abanyeporitike bari bishikiye aho mu Ntara ya Muramvya ari: Chavineau Mugwengezo, Ferederico Bamvuginyumvira, Disimasi Nduwayo ari mu bagumyabanga batemera ikiringo ca gatatu c’Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza, Pasikarina Kampayano, Marina Barampama, Zedi Feruzi n’abandi.


Alida S.

Messages

  • Ndabashimiye kugatima kurukundo n’akigoro berekanye hama nkuko bavyiyemereye bakore igishoboka babpfunguze nayahandi ntitwosubira mw’ibarabara!

  • Ni Bareme,Nuko Badafite Ivyo Bakora.Abandi Nabo,Bahombesha Imiryango Yabo.Kubera Ko Bahimbajw Nukwicara Mu Mpimba Ntaworeka Kubakeza.Ati:big Up!

  • Ni Bareme,Nuko Badafite Ivyo Bakora.Abandi Nabo,Bahombesha Imiryango Yabo.Kubera Ko Bahimbajw Nukwicara Mu Buroko,Ntaworeka Kubakeza.Ati:big Up!

  • Ni Bareme,Nuko Badafite Ivyo Bakora.Abandi Nabo,Bahombesha Imiryango Yabo.Kubera Ko Bahimbajw Nukwicara Mu Buroko,Ntaworeka Kubakeza.Ati:big Up!

  • Mwarinze mumena amaraso mugakomeretsa aba polisi bigihugu ivyontahobihuriye nivyuriko uraviga ngomwahowe ivyiyumviro vyanyu ngomirintwari nibindi vyandahurakiye.

  • Eheheheee.... Mbega mugwengenzo nawe arasetsa,nareke kuturiza mbega mwomenyera harimwo umwana wiwe cg mwene wabo ubu abana bacu bariko baravundira mumpimba nawe ariko aririra two ashaka ,ngo berekanye ubutwari? Mbega wewe ko yirutse atagumanye nabo kugira nawe abe intwari?

  • Nkurunziza Narindir Ntaratubona Nibirovyiwe Abarabigiragasho Kuko Twarushe Nububisha Bakorana Nakarya Karwi

  • NI MUBE MUREKA GUHENDA ABANYAGIHUGU SHA. MBEGA LEONCE ARIHE/PANCRACE ARIHE/ ONESIME ARIHE/ MUGWENGEZO ARIHE/ ABO BOSE NTIBIRARAMIYE MUHIRA IWABO VYA BIJUJU NGO NI DEMOCRATE N.ABANDI BARIKO BARAWOTA!!!ni babagumizeyo kuko ni intwari!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.