IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abaporisi b’abarundi buca baja muri Centrafrika

Abaporisi b’abarundi buca baja muri Centrafrika

samedi 7 Ruheshi 2014

Abaporisi b’abarundi amajana atatu nibo buca barungikwa mu gihugu ca Centrafrika kugqarukana mu gufasha kugarukanayo amahoro nk’uko bimenyeshwa n’umushikiranganji w’umutekano.

Gaburiyeri Nizigama umushikiranganji w’umutekano akaba avuga ko ivyankenerwa vya mbere bimaze kuboneka . Avuga ko ibindi bikenewe, Reta y’Uburundi iruko irabirondera hasi hejuru. Umushikiranganji Nizigama akaba asaba abo baporisi buca baja mu gihugu ca Centrafrika kuzerekana imico myiza, itazotetereza igihugu c’Uburundi.

Mwomwenya ko igihugu ca Centrafrika kimaze iminsi mu ndwano zidasanzwe hagati y’abanyagihugu, aho abantu batari bake bamaze kugandagurwa n’imihari ya anti balaka n’uwahoze witwa seleka. Amashirahamwe mpuzamakungu n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bakavuga ko abakoze amabi bose, iyo bazoja hose babwirijwe kuzokurikiranwa, na cane cane abagiye baratanga amategeko yo guhohotera abanyagihugu no kubagandagura.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ivyoshaka kwabandi bakugirira nawe barivyo ugirira abandi, Igihugu ca South Africa nabandi baraje mu Burundi mugihe twaritukiri murdyane zamoko maze turabishimira kubonabaje kutubahafi kugira ibere ryaririmaze imyakanimyaniko ryarayaze muboserimwe basubirane uvyovyarakunze nimwirabire ibivyiza vyaba polisi buburundi ukuntu bateyigomwe. Kubwivyorero ivyo abandi batugiriye (South Africa) dutegerezwa kubigirira abandi, kukotwabonye arivyiza. Banabacu benewacu bashikibacu ba polisi, iyomugiye tuzokomeza kwma tubifuriza kuroranirwa kuko mwifasheneza biharurwa kubarundi bose mwifashenabi biharurwa kubarundi twese, Muzokwifateneza nkukomusanze hagatiyanyu, nomubomugiye gufasha Imaana izokomeze kubana namwe. Ndi’ Mama.

  • mbega nyoko ko wandika ibirambirana gusoma! nta ncamake yavyo woronka!erega ivyo uravyisomera wenyene kuko ntawobisoma! guma! ramba! zirye!hehe na bado!!

  • ndabasavye ntimuze mwonone nkuko mwahora mwonona.muze muhishe ingeso naho bitoroshe.ariko ntabitangaza tubitezeko nimupfe kugenda gutaka ntakundi

  • Bazohava basagata mu bandi!
    Bazotabaranye babambike uduhuzu twiza bareke zimwe zisa n’aho bageze!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.