IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi bahungira mu Rwanda babandanya kwiyongera

Abarundi bahungira mu Rwanda babandanya kwiyongera

mercredi 15 Ndamukiza 2015, par Egide N

Ibiharuro bitangwa n’igihugu c’Urwanda bimenyesha ko abarundi bahungira muri ico gihugu babandanya kwiyongera, bakaba bageze ku bihumbi bitandatu (6000).

Naho Buramatari w’intara ya Kirundo, Reveriyano Nzigamasabo, yamenyesheje kuri uwu wa mbere ko ibitigiri vy’abahunga biriko biragabanuka agereranije n’iminsi iheze, amakuru dukura mu bushikiranganji bw’Urwanda bujejwe impunzi ishinzwe impunzi amenyesha ko kuri uwu wa kabiri impunzi z’Abarundi zari zimaze kugera mu Rwanda ari 5954, inyuma y’aho hinjiye izigera ku 1000 zose kuri uwo munsi umwe gusa wa kabiri. Ayo makuru dukesha bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE mu Rwanda akamenyesha ko muri abo bahunga, igitigiri kinini ari abagore n’abana.

Nk’uko abo banyagihugu babivuga, bahunga umutekano muke baterwa n’urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD w’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.
Mu bushikiranganji bw’Urwanda bujejwe impunzi bemeza ko ku munsi ku munsi hinjira abanyagihugu batari munsi y’ijana, ubwo bushikiranganji bukavuga ko gushika ubu ata kibazo co kwakira impunzi kirabaho.

Abo banyagihugu babandanya guhunga mu gihe umukuru w’igihugu aheruka gusaba ko mu kwezi kumwe abo banyagihugu boba bahungutse. Abo bemeza ko bahunze kubera umutekano wabo babona ari muke bamenyesha ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yibeshe, kandi yihuse, mu kuvuga ko mu kwezi kumwe boba batashe. Abo banyagihugu bati : "Yari kubanza gutegeka ko ibirwanisho bivugwa ko biri mu banyagihugu bikurwayo, hakajaho n’umurwi wiga igituma abanyagihugu babandanya guhunga igihugu."


Egide Nduwimana

Messages

  • Abahunze Si Ibijuju,si Impumyi N’ibipfamatwi Kuburyo Boguma Ahari Iterabwoba Ry’imbonerakwica Na Shebuja Wazo Ariko Nazo Iminsi Yazo Iraharuye Muminsi Mike Imana Irahana Buri Wese Nibibi Ariko Arakora.Turasabira Imigisha Abanyarwanda Benewacu Batwakira Imana Ibahezagire Cane Kagame Iyo Mfura Y’umuvyeyi

  • mbegizontutsi zitinya kurima ntakundi nibigire kotwabagaruye bakanka mugabejo ntibazebavugeko ajwi yibwe kuko abo sabanwanyi ba cnddariko nabarundi turabakeneye vyiza bogaruka bagatora bagahindura itwaro ntibasubire guhunga

  • Bamenyereye kurya badakora ubwo bizeye kurya impungure za HCR. Nibahunge barebe uko ubuhunzi bumera!!! Umurengwe nimubi bazicuza

  • Muragiye kuzosazanabi! Abaharanira inyungu zabo nimwabishinga ntakibura murasazira mungendo zitagira iyoziherera. MWESE NDAGOMBAKUBABWIRAKO ABANYE POLITIQUE BATAVIGA RUMWE NA CNDDFDD BABWIYE ABANWANYIBABOKO KWIGENEKEREZO RYA 15/04/15 ARIHO UBUTEGETSI BWA CNDDFDD BUZORARA BUKUWEHO NGOKUNEZA NGO CANKE KUNABI NGIVYO IVYABANYAGIHUGU BASHIRAKUMUZANE BAGAHITAMWO GUKINJURA.

  • Nibakomeze bagende ntacodupfa hahomvye wamurwi wimigambwe yanka Cnddfdd ibicishije mukwivugishako yanka Ko Nkurunziza yitoza twatugabo natwo twitwa ngotwarize tukishinga kuvuga ngonudu Cnddfdd dufatikanije nabandi kwiyamiriza kwitoza kwa Nkurunziza kandi mukanya haraho bashobora kwikangira bakazosanga nibobirwanya!!! Ariko murabamuziko abagumyabanga million 2 zirengagato baryamiye ijanja barindiyeko amasandugu yamatora koyugururwa kugira bajegutora . Nayo iyomigambwe yabakebaba DD ifashe nabanwanyibayo batarinikirenga ibasutsemwo igihuha ngocuko bagiye kwicwa none barahunze, nabwaburenganzira bwokubahamajwi bucabutakarira haryanyene bariko baravugira cakinyoma ngo Imbonerakure nizoduhunze.

  • Utazimurundirundamunzu.biyibagijebanyarwandabahungiyeburundibakana.nonengobijemurwanda. leta yurwanda nibasubizewabo. Ibigesera

  • Ikinani cyabatuje umutara biraregwa biduhemba ubugomegusa. Bisubirehiyobyavuye iburundi

  • mwahungiye murwanda barabakira impunzi zabanyarwanda zihungiye iwanyu ibyomwazikoreye twarazibonye

  • Ok umukuru. w’ igihugu nakure ibigwanisho biri mubantu biwe hanyuma bahunguke ok none wewe wohunga hanyuma ugahunguka kandi uzi yuko uronderwa nticumvikana na gato

  • Abarunditwese,twihanganecane,abobavugango,ivyobirundinibabisubize Iwabo,mubihoze,kuko,ntibazi Icobabivugiye.

  • Nibabareke Bagend Kukiyababadafisikibahungana Ntaho Bababaja Kuko Ntawuvuga Ngo Mbisa Adafisiyaroye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.