IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Abarwanyi 95, abasirikare 2 n’abanyagihugu 2 nibo bamaze (...)

Cibitoke : Abarwanyi 95, abasirikare 2 n’abanyagihugu 2 nibo bamaze kwicwa

lundi 5 Nzero 2015

Abarwanyi bagera kuri 95 nibo bamaze kwicwa mu mirwano imaze iminsi mu ntara ya Cibitoke hagati y’igisirikare c’Uburundi hamwe n’abarwanyi bataramenyekana kugeza ubu.

JPEG - 29.9 ko
Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi,Gaspard Baratuza

Mu kiganiro caremeshejwe n’umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi muri iyo ntara ya Cibitoke, Colonel Gaspard Baratuza akavuga ko abasirikare babiri hamwe n’abanyagihugu babiri aribo bamaze guhitanwa n’izo ntureka. Abo barwanyi rero bamaze kwicwa bikavugwa ko baca bahambwa mu mirima y’abanyagihugu. Kuri ivyo, Colonel Baratuza akavuga ko bikorwa mu gukingira amagara y’abanyagihugu kugira ntabahitanwe n’zizndi ndwara zivuye kuri ivyo biziga co kimwe n’ugukinga umunuko, ariko akavuga ko mu minsi hazotunganywa uko ifubwa ryabo barwanyi ryogenda.

Muri abo barwanyi rero bateye iyo ntara ya Cibitoke, icenda baramaze gufatwa bakomeye nk’uko uwo muvugizi w’igisirikare abivuga, ariko hakaba hari abarwanyi bivugwa ko bicwa bamaze kwishikana, abo nabo bikaba vyavuzwe ko bagandagurwa n’Imbonerakure za CNDD FDD hamwe n’abasirikare n’aho umuvugizi w’igisoda c’Uburundi abibeshuza, ko atawigeze yicwa yamaze gufatwa canke yishikanye


Aristide Nizigire

Messages

  • Ko mutatubarira amamuko yabo bagwanyi.

  • kubita iyo nihimbiri igarukana irwano mugihugu abasoda bu burundi mukomere abanyagihugu namwe abo babazamwo kubahenda ngo bagarukane intambara mubiyamirize
    Aba soldiers bacu hasha umwansi abarundi twese kwisi yose turi inyuma yanyu

  • Uwo Mutama Ndamwemera Avugisha Ukuri Ingabo Zuburundi Zarize Kurasa Namategeko Abigenga Ivyobihere Vyari Vyateye Uburundi Bwacu Vyarafuswe.Ariko Ndibaza Nti;uwabatumye Ahari Yicurikiye Gute Umutwe Mumaguru,canke Yikoreye Amaboko Emwe Nibemere Batwagwe Ahandi Bari Kumushiro Abafise Iyo Ntumbero,rwaruka Ntimusubire Guhenda Naba Miginituzura Kuko Nimwe Muhasiga Agatwe Uwubizi Nuwarusimbutse Agafatwa Nanyangabo Akabona Ayo Bagenziwe babonye.Rwaruka Ndabasabe Ntimusubire Guhendwa.

  • Mukubite iYO MISEGA...iryo ni isoma rya gisoda. Mbonimpa we ari hafi kwipfira yishwe nagahinda kubera abasoda biwe bagandaguwe..95.

  • Uburundi bwacu wapi?kuki umukuru wigihungu atorekura ubutegetsi mbe mwebwe mwibwira yuko muzi ubwinge nimwebwe muhaye mubikora kungira amatora ahebwe sinshimye kubibwira mugabo umugabi wanyu twari tuwirimwo jewe ca ndabiheba mugabo mumenye yuko ivyanyu buca bitekuruka ndabarahiye kandi atari kera cane Imana buca yiyerekana aho munguma mutubesha twicana kandi turumwe peter wewe hinge ivyowe buca bimenyekana mubogo kuneza yanyu mwobireka?

  • Yooo eregabaheze uwabatumye yarabahenze none kobavuga ngobarashika 200 hakaba hamazegutfa 95 hahahaha abasigaye nibamanike amaboko karaheze

  • Komera’ngabozacu’murarabanezako Pacific’naVital’Mbobimpa’nabandi’baribatumy’iyomikoma.ntibiyahure.FDN’mwarayemuberetseko’rutitaha’komerakumuheto’turinyumayanyu’

  • Ewe John Urabaza Pe,reka Ndakubwire Amamuko Yabo Niherezo Ryabo ,amamuko Nimuri Congo Iherezo Nimugwesero Niho Imva Zabo Ziri,hanura Urwaruka Ntirusubire Guhenda Ntihagire Uwusubira Kurusuka.

  • Rwose mubemumbabariye nemeze ahangahako izingabo zuburundi nabarundi murerekanye komwamaze kwnjyira mubihe byokwerekana Ko muri ingabo zishoboye mukarere,mazerwose mukomeze kudukosorera uyumugabowacyu kuko aratumariye murwatubyaye, Congo haranuka kuberawe, noneyarigeze Burundi!?Arikwasanze Burundi harihurukuta adashobora kurenga ntabwarikumenya abamukubise! Kungabo zuburundi wazanana iyamazi, wazanana iyikirere, wazanana, iyikuzimu ntuzamenya cyagukubise bagutebya kuberigihegusa.

  • Rukoko aravuga ukuri. Iyo nkoramara ikaba na Shitani yikoze umuntu (umwicanyi Ruharwa kagame mwayeretse ko mushoboye) abarundi mmukomere kumuheto mwivune umwansi!!

  • None wewe Akimana uravuze iki? Nagomba nabaze umukuru wabo, icyo barondera,Ito niyo nyishu nashaka, none wewe ntaco umbarira , reka ndabaze ababizi banyishure.

  • Jewe ngire mpanure muntu wese yoba,ari muri dd muravye nabi murashobora kuba nka zanterahamwe zo murwanda ?uti gute inyuma yintwaro yanyu abanywanyinyi banyu barAshobora kwisaga atamurundi numwe akiberekwa kurya nkwinterahamwe ??abahutu abatutsi abatwa abanyamHaga etc ntanumwe akibahA nigwera !!!!!namwe mwabonerakure mwandika ngaha bamubaza nwibaze murabekure,muti nkuruziza nagenda muti tuzojahe??ko umubanyi wese ariko arabona ivyomugira intabwigwa yabwiwe nuko amaso atukuye

  • Nibaza ko gutamba utazi uwapfuye bibereye aba DD batazi icatsi nururo. Mbe Aho munita ibivere ejo ntibari abanyu. Bariko bababesha Ngo buca bajanwa somalie. Ngiyo barayibonye. None ni rimwe ni kabiri ubutegetsi bubikora kugira burondere abo bufata. Kimwe gusa biteye agahinda. Ariko ukuri ngabo kuja. Naho hazoba mu kinjana imanza zabicanyi zizocibwa hahanwe imva zabo. Muyinga,Gatumba, CIbitoke eka na na rukoti bahenzwe ubwa mbere Ngo bariko baca brevet ivyo vyose rindira.

  • hasha bikwiye tuzorera abavuka nabazokwishikana

  • hasha bikwiye tuzorera abavuka nabazokwishikana

  • hasha bikwiye tuzorera abavuka nabazokwishikana

  • kwishavu dufise abarundi twese ubwobugabo bwaribwateye igihug cacu ntibugume budimikije imbere yacu ngonibindi baribatuzaniye nibahati nuko banyegejwe budya nabanyagihugu guhana ntitubiyobewe

  • Haa haaa abobagwanyimwabasanzebasinziriye twebwe twagwanye intambaranyinshi iyoyo nagaheza basha mwebwe murazi ukiri mwanka kukuvuga ariko iminsi yigisuma ni ? Ariko igihe kizogera ahuntuwese azokwinbuka ivyoyakoreye mwenewabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.