IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abasenyeri Gatorika basabwa kuva mu gacerere ku vyagirizwa Serapiyo (...)

Abasenyeri Gatorika basabwa kuva mu gacerere ku vyagirizwa Serapiyo Bambonanire

lundi 2 Ntwarante 2015

Abanyeshure biga muri za kaminuza zitandukanye bava mu ntara ya Makamba bazindukiye kwugariza ahasanzwe hakorera inama nkuru y’abasenyeri gatorika b’i Burundi.

Mu nzandiko abo banyeshure bari bitwaje, bakaba bagira bati :’’ Ntanyagupfa ntanyagukira’’. Aho abo banyeshure bakaba bariko baranegura inyifato y’umurwi CNTB mu matati y’amatongo muri iyo ntara ya Makamba. Abo banyeshure bagasaba abasenyeri kuva mu gacerere, bakagira ico bavuze ku bikorwa vya Serapiyo Bambonanire asanzwe yihebeye Imana mw’ishengero rya Ekereziya Gatorika, aho bamwagiriza gucanishamwo abanyagihugu aho kubafasha mu kwiyunga.

Abo banyeshure, bavuga ko ibikorwa n’umukuru w’uyo murwi aho kunywanisha abasangwa n’abahungutse, ahubwo bibateranya, abanyagihugu bakaba basigaye bagenda basa n’abotemana, mbere bamwe bo bakaba bamaze n’ukubigaragaza ko bazotemana, mu gihe bokwakwa amatongo bakoreyemwo imyaka hafi 40. Abo banyeshure basaba abo basenyeri ba Ekereziya Gatorika ko bovugana na Reta y’Uburundi, bakaraba uburyo bosubiriza uwo musenyeri.

Muri urwo rugendo rw’abo banyeshure, hakaba harimwo abasangwa b’ i Makamba, co kimwe n’abahungutse. Bose bagasaba ko uwahunze asubijwe itongo, n’umusangwa atoca agenda uko, Reta ikaraba uko nawe ahabwa aho aba n’abiwe. Mukamenya ko mu ntara ya Makamba, abasangwa n’abahungutse bamaze iminsi barabana ay’ingwe. Ahasanzwe hakorera abo basenyeri Gatorika b’i Burundi, bakaba bamenyesheje abo banyeshure ko mu nama yabo yo mu kwezi kwa Ruheshi, ico kibazo bazokivuganako.


Aristide Nizigire

Messages

  • Muracarabana koko ariko mwarimukwiye kwiganeza akahise kugira igihe muzoshingwamabanga muzobone uburyo murenganura abarenganijwe, nonemuriko muravugango abarenganijwe kera ntibarenganurwe ! mwehomubona vyarikubaryohera bababwiyengo pfamuhere mwabiyereremwe!!!???.

  • ivyo wiyumviy si bibi ahubwo igituma wiyumvira uko nico kibi gusumba.ntawans k uwariw wes asubizw utwiw.arik nkwibariz :uwurimazw pus de quarante ans yarivukiymw akarikuriramw atazi niyo abamuvyay baj bava niw leta yobwir ngo hunga niw uramukiw kand ariyo nyen yari yarahatanz?ingorane zamatong ni izubwoko bwinsh mukuztatura ntiwogeneralisa.narahunz ariko ntawund novyipfuriza

  • ahubwo niw wiyumvira cana nyabuna ayo mateshwa yaw ntiwibaze ngo yoshobora kudcanishamwo.ihibambe we.iki ni ikibazo gihabay mugihugu nubwo ww uraba kuzuru ngo niho hafi.ntawanse ko uwariw wes asubizwa utwiw ariko mbwra uwavukiy mwitong akarimaramwo plus de quarante ans atazi niyo abavyeyi biw baj bava leta yomubwira ngo hunga naw harageze?umugambi ntubona k leta yawuteguy nabi?mbe ca kigega kirihe?Reka ayo macandya shaa

  • ahubwo niw wiyumvira cana nyabuna ayo mateshwa yaw ntiwibaze ngo yoshobora kudcanishamwo.ihibambe we.iki ni ikibazo gihabay mugihugu nubwo ww uraba kuzuru ngo niho hafi.ntawanse ko uwariw wes asubizwa utwiw ariko mbwra uwavukiy mwitong akarimaramwo plus de quarante ans atazi niyo abavyeyi biw baj bava leta yomubwira ngo hunga naw harageze?umugambi ntubona k leta yawuteguy nabi?mbe ca kigega kirihe?Reka ayo macandya shaa

  • Burya ahahantu dutangira ivyiyumviro harihabantubahashirira isoni! Jewe ntanze iciyumviro ntugishime wewenawe ugashirako iciyumbirocawe kidashigikira icanje ivyontangorane, ariko kucubwirango: NDUMUCANDYA sivyiza. None yaba reta itateguyeneza icogikorwa vyotumandeka kushima uwuriko arasubizwa utwiwe? Nzovuhanira abobarikobarasubiza utwabandihanyuma ninabona bagiye mwibarabara kandindakubwiyeko abobose wumvabarimuvyabandi beshi bafisubutunzi bukwiye ntawuzojamwibarabara ngonuko yabuze ahaba.

  • Leta yuburundi irakwiye gusubiramwo neza amategeko agenga umurwi CNTB kuko hamwe vyobandanya muri ubu buryo izohava isanga iriko irisubiza mwihumbi, nacane cane abagize uwo murwi bakaba abantu ataho ataho begamiye.

  • Iyinkuru Ndayisomye Nteba, M Commentaire Za Saguil Na Nuwera Zarankozeko Cane Arko Mwempi Ntawukwiye Kwifatira Mugahanga Mugenzi Puisqu’on est libre a L’expression, Arko Mumeny Ko Serapiyo Akorera Kumategeko Préelaborée Avant Même sa Nomination, J rero Kubwanje Sinibazo Ko Uwubahiriza Akongera Agashira Mungiro Amategeko Arimubi? Murabanz Murab Amategek Agenga CNTB Hanyuma Mubone Gusuzuguran Bigez Hiyo Ikindi Umubi Si Serapiyo! Umubi Nuwateguy Amategeka Mabi! Mbe Hh Cakigega Cogufata Mumugongo Abagiz Ibibzo Nkivyo Muraz Aho Kigeze? Reke Gupfa Ivyooo! Kuko URYAMA NABI UKOROTA NABI!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.