IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abasirikare b’abarundi bahora i Kiliba Ondes batanguye gutahukanwa

Abasirikare b’abarundi bahora i Kiliba Ondes batanguye gutahukanwa

mardi 7 Gitugutu 2014

Abasirikare b’abarundi vyahora bivugwa ko bari mu karere ka Kiliba Ondes muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo batanguye gukurwayo batahukanwa mu Burundi. Abo basirikare batahukanwe inyuma y’aho MONUSCO, igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Congo, ivugiye ko hari abasirikare b’abarundi batari aba vuba aho mu karere ka Kiliba Ondes.

Nta minsi myinshi yari iheze mu gisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo (MONUSCO : Mission des Nations unies au Congo) bemeje ko hari abasirikare b’abarundi bakorera aho muri Congo, mu karere ka Kiliba Ondes. MONUSCO yari yavuze ko abategetsi ba Congo nabo nyene bemeza ko abo basirikare b’abarundi batari aba vuba aho mu karere ka Kiliba Ondes, kandi ko bari kumwe n’abasirikare ba Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bahora bakorera hamwe ibitero ku barwanyi biyitirira aba FNL (Forces Nationales de Libération). N’aho Reta y’Uburundi yabandanije guhakana ko ata basirikare bayo bari aho muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Général Abdallah Wafi, icegera c’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo yaremeje ayo makuru.

Mu nyishu zagumye zitangwa n’igisirikare c’Uburundi imbere y’uko MONUSCO ishira ahabona ayo makuru, ntibigeze bemeza ko hari abasirikare b’abarundi boba barungikwa muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Ariko kuva aho Général Abdallah Wafi, icegera c’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo avugiye ko kuba abasirikare b’abarundi bahari i Kiliba Ondes atari agaseseshwarumuri, mu gisirikare c’Uburundi ntibasubiriye guhakana ko hari abasirikare b’abarundi igisata MONUSCO coba carabonye muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, ariko bakemeza ko bagendayo mu masezerano ico gihugu gisanzwe gifitaniye n’Uburundi, yo kurwaniriza umwansi hamwe n’ugucungera imbibe z’ivyo bihugu vyompi.

Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, aganira n’umumenyeshamakuru wa IGHE ku genekerezo rya 3 Gitugutu, yasiguye ko iyo abasirikare b’abarundi bagiye hanze y’igihugu baba bagiye mu bikorwa vyo kugarukana amahoro aho batumweko, canke bagiye mu bindi bikorwa vya gisirikare bizwi.

Amakuru ava aho i Kiliba Ondes, akemezwa n’abahurikiye mu mashirahamwe yigenga yo muri ako karere, yemeza ko abasirikare b’abarundi batanguye guhukanwa kuva mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, bakurwa mu turere twa Mwaba na Ndunda. Ayo makuru avuga ko abo basirikare batahukanwa mu miduga y’igisirikare, irimwo n’ibindi bikoresho. N’abagisigayeyo akaba ari abakiriko baratoza amafaranga mu banyagihugu, kuko nk’uko bivugwa n’ayo mashirahamwe, abo basirikare bahora badandaza n’inzoga zitemewe n’amategeko. David MUNYAGA, umukuru w’urunani rw’ayo mashirahamwe yigenga asigura ko kuba abo basirikare b’abarundi bariko barakurwa aho i Ikiliba Ondes vyatumwe n’uko MONUSCO yemeje ko bariyo, ayo mashirahamwe nayo aca yandikira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bamusaba ko yofasha abo basirikare bagakurwayo.

Ivyitonderwa : Isanamu yakoreshejwe hejuru ni iy’abasirikare b’abarundi, ariko ntaho ihuriye n’abo bariko batahukanwa bakurwa i Kiliba Ondes


Egide Nduwimana

Messages

  • None leta y,Uburundi hamwe na na wamucamanza Nyamizi ukuri kwabo kurihehe?Tabaranya musigurire abbarundi iyo abobasirikare bariko baratehukanwa bava muri congo ukovyagennze ko Mbonimpa yahatse kuhasigubuzima ngonumubeshi? None ukurri nukwa dd ,na Nyamizi bariko bashishimura bene Burundi? Mukunyikiza abagomba gushira ukuri ahabona! Dd na Nyamizi kenyera zigume mwereke abarundi ukuri kwanyu aho kuri mwoye kukutwarira mukwaha. Uburundi ntibwubakwa mumaraso yabo mutavuga rumwe,buzubakwa nukuri nubutungane .Dd weee!!Nyamizi wasizeho ngo aze aragucira imanza zangondegonde murimaramaje imbere y,Abarundi na makungu,hasigaye rimwe muce urwananiye Ngoma. Biramaramaje guhakana imbere y,Abarundi namakungu yuko atabasoda babarundi bari muri congo hanyuma ubu bakaba batangaje ko barikobarabatahukana. Mwamaze kuborerwa nimuruhukeee!!!

  • I would like to ask the president of Burundi republic to come out of his silence and explain to the citizen what’s wrong with his leadership, It’s really annoying to carry on with these lies as independent state .

  • Jewe Icombona Nuko Onu Yonyaruka Gucungera Umutekana Hakirikare.Kuko Ntawuzi Igituma Babakuyeyo Bihuta.Mbe Boba Baje Gukoriki Mbere Barahakana Ko Atabariyo?Ubu Bafashwe Nihobaca Babakurayo?

  • Inamanshingamateka,societe civile ico kibazo mugifate mu minwe kuko gifise ibinyegezwa vyinshi cane kandi mutugirire amatohoza yihuta.

  • Emwe hahahahah none ubu ntibigiye ahabona? Mutama Mbonimpa nukumwuhagira amenyembwa mwamukoreye mukumupfunga azira ukuri,none abo basoda bariko bavahe? Nukwishura benigihugu ukuntu intwaro yanyu mwayihaye uwundi murongo wo kubesha no kurenganya abo mutavuga rumwe mubapfungira ubusa.
    Vivement conference de presse yaba bavugizi baduhunze kugire batwumvishe iyo abo basoda batashe bava.
    Uruhigi rurahindukiye hehehehehe n’amatora azoba ku mpaga uku nyene atawukumiriwe kuko aka gahugu ntigashobora gupinga nabakagaburira.

    Ciao

  • abarundi dukeneye kumenya ko abo basirikare batari bazwi nigisirikare cacu ko bazoca nasubizwa mubandi canke bakabazwa amamuko yabo nuwabatumyz

  • Ohoo!!!... Barahinyutse Kmwmwmbahorabaharira Ubu Bagiye Kuvuga Iki ?

  • leta y,uburundi numutiwamenyo."colgate"harigihe jewe nibaza none abantu batowe nabanyagihugu canke barisizeko!pas posible ntabantu bibinyoma nkabo umuntu yotora.uwubizi ni clavert yazizubusa.ikibazo noba?leta na clavert umubeshi ninde?

  • haaaaaaa Ikinyoma kiririgwa ntikirara jewe yomba ndi baratuza nacantanga imihoho mumwuga wokumenyesha amakuru.Ahubwonukurabaneza kobadatahanye nazambonerakure kugira ngo bazishire mugisirikare cuburundi,heee gaciyumwenge urahagabira niwe uzobibazwa ,Imyaka wakozeneza ntipye ubusa .

  • haaaaaaa Ikinyoma kiririgwa ntikirara jewe yomba ndi baratuza nacantanga imihoho mumwuga wokumenyesha amakuru.Ahubwonukurabaneza kobadatahanye nazambonerakure kugira ngo bazishire mugisirikare cuburundi,heee gaciyumwenge urahagabira niwe uzobibazwa ,Imyaka wakozeneza ntipye ubusa .

  • jewe ndibaza ko DD ikwiye gukinjura ??????kuko ntavyo bashoboye gutwara !!!!!pe .ndibaza ko abanyagihugu bose babonye ko dutwagwa nabantu ataco basho boye atari kubesha ????ehe ivya Amashure VYANSE BAFATA INGINGO ITIZWE NEZA!!!! MURARABA AKAZOHINDA MURI FONDAMENTALE MU MINSI IZA ??bagize ibintu bagabita murudubi bitizwe nabahinga ???Raba ivya LMD ?bagomba kwiba NICKEL Hama bigire?
    DD GENDA NTUBANDANYE UTURUSHA .

  • Barundi barundikazi ikibwirwa nicumva nicerekwa nikibona, ikikibazo ntimugifate minenegwe kuko abo bavuze kwarabasirikare bigihugu kandi benshi barimwo ari zambonerakure zari guforomwa hariya Ikiliba ondes murarabaneza kuko ibikorwa barimwo vyarangiye kuko bari bajanye nakarwi gato mugisirikare kubaforoma nitutahakanurira abarundi imigambi yukuduhonya yateguwe nuko mugabe kuko ivyo binywamaraso vya ba DD vyabonye ko imikenyuro yavyo yose abarundi twamaze kubona kure kandi twabahinyuye muragabe rero aho muherereye kuko ubwicanyi bwagahomerabunwa bugira bugirirwe abatavuga rumwe nubutegetsi mwirarire mwihagarareko murakoze

  • aba basoda bazananye na FDLR n’imbonerakure nico kintu cari carabajanye hariya .ntibabaze ko tutazi ubwenge ahubwo ntibibeshe ngo bagiye kwinjira ikibira kuko ivyo bazohurirayo muzoba murambabarira

  • Bravo CNDD-FDD umugabo nuwokwirarira.ahubwo muhe benshi imyimenyerezo umu DD wese akiri umusore iyaba vyakunda aba akwiye kugira ubumenyi mugisoda.bravooooooooooo

  • ewe gafaranga urakoze ibara iburundi nuwari yakoze neza muri kahise kigihugu agafaranga ba muhaye karamujibije mugabo umenye ko tukuzi uzobibazwa nawe umugani wawawundi nguri GACIYUMWENGE ntukiri GACIYUBWENGE

  • None urubanza gwa Mbonimpa ruzosubira kuburanishwa? Ivyo bamwagiriza ngivyo bigiye ahabona twitege ko reta igiye kumuha indinshi y’akababaro.

  • Barundi mutavuga rumwe na CNDD FDD, mwoba aba hutu,abatwa canke abatutsi!!!! mumenye ko bagiye kubica, ha ri umugambi wo kubica hagiye kuba ubwicanyi bukaze mu burundi. Ikindi gikomeye nuko mwitahukanwa ryizombonerakure hajemo na FDLR interahamwe zifite experience mugutema amazosi!!!!! Muragabaaaaa

  • NAHAYO!!!yavuga ko ari imbonerakure kandi congo n’uburundi ndetse na Monusco vyemeza ko ari abasoda kandi hariho amasezerano yibihugu vyose yo gufashanya.none ko yavuze ko ari imbonera kure ngo ziteguye gukora genocide,wewe kubwawe wumva arivyo?ahubwo Mbonimpa yakoze ikosa ryitwa Treason ryo kwereka no kumenera ibanga abarwanyi ba FNL aho ibirindira vy’abasoda b’Uburundi bari yongerako avuga ko ari imbonerakure zishaka gukora Genecide.nafungwe aborere mugasho arakagoka

  • Igiteye ubwoba cane ni interahamwe bazananye. ihonyabwoko ryamaze kwitegurwa neza. FDLR yinjiye mu burundi

  • Kagabo,abasazi nkamwe muba mugiye kuba muRwanda maze bakabajugunya muri rweru doreko uri n’umunyerda wihishe mumasengero y’iburundi ngo iri kuneka.humura sha ingabo zi burundi zirariya majanja umusi numusi mugakubitwa ikimoko mujabutswa mu rwanda!izo nterahamwe nazo uvuga narinziko mwazimariye muri congo buriya uri kurota uko wabishe ukikanga!sha amaraso arahuma rindira

  • kuba abasoda bacu bari i congo ntivyari bibi kuko uwurarira urugo neza aruja inyuma.Ingorane ni ukumenya vyukuri ko batariyo kunyungu zakakarwi.Mbe izombonerakure barikumwe zizoba iki?Ubwo ntibagomba gufasha interahamwe kwinjira mu rwanda?Vyukuri ntibibe arivyo twoba tugiye gusubira mukaga.Tube maso tweseeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeee.

  • None abobitwa ngo nabasirikare bazoca bajahe? bazosubizwa iyo umwewese yaje ava canke bizogenda gute? kovyavugwako batazwi nigisirikare cuburundi? none mutama Mbonimpa yarabeshe? canke yavuz ukuri? Yooooo intenderi irasheh’umuti! baribaziko ukuri kutazomenyekana. mutama Mbonimpa nakomere kwibanga kandi ntatinye kuvuga ukuri! Reta nayo niyikebuke ahandiho amazi agiye kurenga inkombe.

  • None abobitwa ngo nabasirikare bazoca bajahe? bazosubizwa iyo umwewese yaje ava canke bizogenda gute? kovyavugwako batazwi nigisirikare cuburundi? none mutama Mbonimpa yarabeshe? canke yavuz ukuri? Yooooo intenderi irasheh’umuti! baribaziko ukuri kutazomenyekana. mutama Mbonimpa nakomere kwibanga kandi ntatinye kuvuga ukuri! Reta nayo niyikebuke ahandiho amazi agiye kurenga inkombe.

  • mana tabara uburundi bunyotewe amahoro...........amen

  • Yooooohhhhese mutamaMbinimpa ngo arapfungwa ahorwa ubusa!!! Mbe ivyo binywamaraso vyabarundi:peter, umuvugizi wigisoda, eka nabo biyita ngo nabacamanza batumy mbonimpa apfungwa nibitwarirwe bapfungwe nabo!!! Iiipuuuuuu ndabavumyeee

  • Yooooohhhhese mutamaMbinimpa ngo arapfungwa ahorwa ubusa!!! Mbe ivyo binywamaraso vyabarundi:peter, umuvugizi wigisoda, eka nabo biyita ngo nabacamanza batumy mbonimpa apfungwa nibitwarirwe bapfungwe nabo!!! Iiipuuuuuu ndabavumyeee

  • IBINTU VYAGIYE KUNANIRANA MU BURUNDI ABASIVILE BASIGAYE BIVANGA MU MABANGA YA GISIRIKARE; Emwe amasasu ahagaze abasivile dutangura intambara y’umunwa abasirikare barurwana bihoreye. Reka turabe iyo bija ariko rero abasivile tureke kwisunga imyuga dukora mu kwinjiza mu cobo uburundi.

  • Ivyarivyo vyose harageze nimba hatarenze ko abatwara ubu Burundi babona ko rien n’est secret sous le soleil!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.