IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abasirikare bagera kuri 40 bahunze Uburundi babarizwa muri Tanzaniya

Abasirikare bagera kuri 40 bahunze Uburundi babarizwa muri Tanzaniya

lundi 8 Ruhuhuma 2016, par egide

Igihugu ca Tanzaniya camenyesheje ko abasirikare b’abarundi bagera kuri 40 bari mu buhungiro muri ico gihugu, inyuma y’uguhunga Uburundi.

Charles Kitwanga, umushikiranganji ajejwe ibibazo vy’abinjira n’abasohoka muri Tanzaniya, yamenyesheje ko abo bahoze ari abasirikare b’Uburundi, bafashwe nk’impunzi zose z’abarundi ziri muri ico gihugu, bakaba babarizwa mw’ikambi ya Mwisa, mu gace ka Kagera, mu burengero bw’igihugu ca Tanzaniya.

JPEG - 95.2 ko
Charles Kitwanga, umushikiranganji ajejwe ibibazo vy’abinjira n’abasohoka muri Tanzaniya

Charles Kitwanga yamenyeje ko bacunzwe neza, kandi ko hisunzwe amasezerano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Reta ya Tanzaniya itazobashikiriza Reta y’Uburundi, nk’uko vyariko biravugwa ko baronderwa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.