IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abategetsi bakomeye mu gisirikare n’igiporisi bashimiwe

Abategetsi bakomeye mu gisirikare n’igiporisi bashimiwe

samedi 2 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu birori vy’uguhimbaza imyaka 54 iheze Uburundi buronse intahe y’ukwikukira, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yashimiye bamwe mu barongoye inzego z’umutekano n’ukwivuna abansi mu Burundi. Bahawe imidari n’ibahasha y’amafaranga imiriyoni zibiri z’amarundi.

Muri ivyo birori vyabereye i Bujumbura kuri uwu wa gatanu, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko ashimiye abo bategetsi kuko bateramiye intahe yo kwikukira mu kuburizamwo abashaka gutembagaza ubutegetsi bwiwe mu mwaka w’2015. Petero NKURUNZIZA yashimiye abategetsi 15 bo mu gisirikare n’igiporisi, avuga ko bitanze mu guhagararira intahe yo kwikukira. Bamwe mu bashimiwe ni Lieutenant Général Prime Niyongabo umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare, Général Major Joseph Ndayishimiye, CPP André Ndayambaje umuyobozi mukuru w’igiporisi c’Uburundi, CPP Godefroid Bizimana icegera c’umuyobozi mukuru w’igiporisi, Général Major Etienne Ntakarutimana arongoye igendereza, umuhisi Lieutenant Colonel Darius IKURAKURE yahoze arongoye ikambi y’igisirikare yo ku Muzinda (agashimwe kiwe kahawe umupfasoni wiwe), OPC1 Sylvestre Kubwimana hamwe CPJoseph Ndimunkwenge. N’abavugizi bompi b’inzego z’umutekano n’ukwivuna abansi bari mu bashimiwe, abo nabo akaba ari Colonel Gaspard BARATUZA avugira igisirikare hamwe na OP1 Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko abo bategetsi ashimiye bakoze ibikorwa bikomeye cane, kuko ku bwiwe, iyo badahaguruka nk’abagabo nyabagabo nka kurya Rwagasore yahagurutse, intahe yo kwikukira iba yarahungabanye.

Tubamenyeshe ko bamwe mu bambitswe imidari bari mu bagirizwa n’amakungu ko bahonyanze agateka ka zina muntu mu bikorwa vyo kurwanya abatavuga rumwe n’ubutegetsi, canke abatari bashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu. Muri abo bashimiwe hakaba harimwo n’abafatiwe ibihano n’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika.


IGIHE

Messages

  • Nabashimire ningabo zibukwiye bazico bakora.Bakuye igihugu mu manga.Imana ibarinde.Bakore umurimo wabo nkuko babirahiye imbere yu mukuru wigihugu.

  • Baca umuganingo so akwanka akuruga ivyamunani

  • Nizindinguvu Zugukora neza Kubemerako Bakoze neza zikaba ninguvu Zidasanzwe kubatemerako bakoze neza babagiriza gukora nabi kuko nabo harigihe wosanga bariho

  • Hahahahahh!!!!iki kinyamakuru mutiriw muragerekako ko yashimiy abafatiw ibihano n’america ubu Biligi bwobwo na armania ntibyirirwa birashimira imburamikoro yafatiw ibihano na Reta y’Uburundi?akarorero maragarita barankiritse alliance mwihebyi mbonimpa alliance al shabab,etc....none ngo bashimiy abarwaniy igihugu uwutobashimira yobande?ntawe mubarundi bumutima twongey guteringabo mubitugu ingabo za leta yuburundi zikomez kumerez ahozigejej murakoz.

  • bashimire kuko baritanze abatavyumva bihangane kuko bararugwanye ubushimwe bari babukwiye pe nibirambire bakomere kumuheto

  • Abashimiwe bose turabakeje kandi turabateye intege kuko barazi akazi kabo. Genda muri intwari.

  • wima amaraso igihugu imbwa zikayanywera ubusa, mwanze kurwana ngo muzajya muri mission isomaliya none basigaye bica benewanyu bagahabwa amapete muriko muyerera mumakambi abandi barafunzwe. ntabagabo mukigira

  • Nashaka nanje nibutse uyumwanditsi natwebwe ubwacu abasomyi bivyandikwa kwikikinyamakuru ko barya bakirizwa ko bakoze amabi ngokubera barwaniriye igihugucabo ngontikirwe ahumwansi ashaka ariwe umukoroni/umubirigi , ndashaka kubabwirako babita abakoze amabi nkuko Rwagasore baruhutse bamusize mukuzimu bwamwagiriza kwaribubi ngokubera yarikwaraharanira ukwikukira kwigihuhu ciwe nabarundi, burya barababaye kubera abobasirikare nabapolisi batababashize ahobashize Rwagasore mukuzimu.
    Haryabaranezerejwe nuko bashize mukuzimu ziryantwari zose mutayobewe, abarundi batazi gutandukanya icatsi nururo iyobarimwo barashigikira abagiriza abajejwe umutekano wigihugu cacu ngobakoze amabi burya ntibamenyako bababariko baratoneka Rwagasore yishwe azirako yariko araharanira inyungu zuburundi nabarundi.

  • bakora ibikora abagabo

  • Baragahora barakora imana ibaje imbere nibakorere igihugu cacu no mumwaka uza azobongere imana ibahezagire

  • Turashimiye Nkurunziza se barundi ukuntu yashimiye ingabo nukuntu yongeye ama pete.Ariko twamusaba kuko hariho ingabo zataye umurongo yuko arya mapete yoyaha izindi ngabo kugira igitigiri gishure gukwira.Kuko hariho ingabo zakoze ibishimwa cane.Muzihe amapete. Muroba mukoze Nkurunziza.

  • Ivyo yakoze ntawe vyo tangaza, kuko niwe mukuru wa bamenja nti yoreka gushimira abamenja nkawe. abakera nibo bayamaze ngumwana wumusuma niwe musuma, ahubwo vya munaniye uwo yahaye agashimwe ari mukuzimu iyagenda akamuzura akamuhagarika hagati yabicanyi bagenziwe,akakitorera kumugaroba akaja gusangira na nkurunziza amaraso ya benuburundi.

  • Nagomba Shimire Nyakubahwa Umukuw’igihugu .

  • Nagomba Shimire Nyakubahwa Umukuw’igihugu .

  • nagatangara ko atoshimira bamafuti!jewe aho ndi nakoranije abenegihugu turimwo turira kuko ntiharibwagere ko abazungu bagenda.
    baciye amabarabara,batwigisha kwambara impuzu,gusenga nokwiga naho intumva zaca zinyegeza abana k’urusenge;batwubakiye ibitaro bikomeye hamwe n’ingomero z’umuyankuba.,...,..nubu baracaduha impanuro n’imfashanyo.on est toujours sous la colonisation a domicile.

  • NTAWOTOBACHIRA KIRETSE INTUNVA NKABAMUNYENBARI ARIKO NABAKOZE KUMITUNBA KUVAKURI JEREMI ATWARUMUGABWE ABATWARAKUMITUNBA ICOGIHE BOBO NTACO BAKOZE

  • Nyereka.Abapara Bakoroka Mundege Bari Nohasi

  • aho di PITA wacu hama ziryambwa ziriko zirahunahuna mububirigi, ngo zishaka igihugu tuzozereka

  • ,you should study what is really CNARED ?
    Do you imagine how urgent the belgium gvment did by meeting this cnared just a minute before mkapa.!Can you ask yourself that question soberly why? belgium did not meet only cnared members but did meet two parts differently within that group.
    It is clearly means that really the president of cnared is belgium simple as that.
    In conclusion,most of cnared members were ready to negotiate separately but belgium temptation was to reunite them against that.
    Logically ,they are just together by force.Which force?Burundians ?strategic?No.No. external ?YES
    So we can not keep the game where Belgium is still the master.There was no need for Belgium to meet them one day before because it was the duty of mkapa!
    So ,as the elected gvment which bring peace back by the way and accept negotiation.
    Who, then delays negotiations?!
    In my view,there are few people among that opposition who exclusively work only for the profit of belgium demand.there are a danger for the nation.
    Why not remove them from that opposition then negotiate the real questions of the barundi which matters!Don’t you think is the right way to go than to focus on valuing some individuals?
    As long as the target will be to restore democratie system in burundi by removing nkurunziza on good and peacefully process,all partis should negotiate separately and do their cnared union after and during elections .
    Those accused of coup d’etat should give their ideas to mkapa or they can be easily be represented by their other partis .What is important is their strong ideas and not their names.
    Other thing,it will be very important that all ethnics be presented on the negotiation.
    Cnared should collapse and let burundians negotiate freely the GO of nkurunziza Otherwise we re slowly going toward bye bye negotiations

  • Uko nukwibabariza ubusa je numva gushimira uwakugiriye neza atakosa.

  • JEWE N’UKURI ICO NOBIVUGAKO, N’UKO NYENICUBAHIRO UMUKURU W’IGIHUGU CACU C’UBURUNDI AKORA NEZA CANE .KUKO IYO URI UMUVYEYI, URASHIMISHA UMWANA ABA YAKOZE NEZA GUSUMVYA UWUNDI UWO VYOBA BITASHIMISHIJE NAWE ,NTA KUNDI NAWE NAKORE NEZA ABONE GUSHIMIRWA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.