IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abayobozi b’indero bahamagarirwa gutuza kurya ibiturire aho baherereye

Abayobozi b’indero bahamagarirwa gutuza kurya ibiturire aho baherereye

vendredi 7 Ntwarante 2014

Mu gihe igisata c’indero naco nyene gitungwa agatoke mu bijanye no kurya ibiturire mu bisata bimwe bimwe, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu ahamagarira abayobozi bo muri ubwo bushikiranganji kugwanya akaboko ko gukorakora, aho baherereye batuze ibiturire uko biri kwose.

Ako kamo, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu nyakubahwa Gerevazi Rufyikiri, akaba yagateye mu nama yariko imuhuza n’abayobozi b’indero mu ntara no mu makomine yose y’igihugu c’Uburundi. Iyo nama rero ikaba ije mu gihe bamwe mu bayobozi b’amashure bagirizwa kurya ibiturire mu ntango z’umwaka w’ishure, iyo hari bamwe mu bana bariko bararondera aho biga, abandi nabo bakarya ibiturire ku barezi barondera aho bigisha, canke barondera kwungururizwa ahandi,canke nko kunyonora amatungo y’ibisata barongoye.

Muri iyo nama n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Rufyikiri, kakaba kari n’akaryo ko kurabira hamwe n’abo bayobozi b’indero ico korwa kugira igisata c’indero kigumane akanovera hamwe kurabira hamwe ukwo hokwitegurirwa umwaka w’ishure w’2014 ushira uw’2015.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nibare kingina mico turabamenyereye twarabavumbuye nibarya yanyuma duheze tubasezerere baje kurya mavoka bateye nimuduhumuco kubintu na bonye kukindi kimenyesha makuru kivugayuko abakozi bomubiro vyumukuru wigihugu bariyisumu kuwagatanu windwiheze barimunama mu buyenzi

  • Gervais arantwengeje cane.wibaza kobabashiraho kubwo bashoboye?uba gusa kubuzi gutonda mubikorwa rusange samed ucubumuyobozi ukabuzi gutukana noguterera umugambwe.none wumva uwomutahe batanga kugira baronkubuyobozi bowugaruza gute?bacabikorahobarisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.