IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Aberwa n’ikibazo ca poritike mu Burundi basubiye mu biganiro

Aberwa n’ikibazo ca poritike mu Burundi basubiye mu biganiro

vendredi 29 Rusama 2015

Ibiganiro hagati y’aberwa n’ikibazo ca poritike mu Burundi vyasubiye gutangura, inyuma y’aho bihagarariye, umukuru w’umugambwe UPD Zigamibanga amaze kugandagurwa, arashwe.

Muri ivyo biganiro bihagarariwe n’abahuza, bikaba vyasubiye gutangura bifashijwe n’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu karere k’Ibiyaga Binini Said Djinnit, Ntumba Lwaba umunyamabanga mukuru wa CIRGL n’abaserukira amashirahamwe ya EAC n’Ubumwe bw’Afrika. Ivyo biganiro rero bikaba vyatumiwemwo bamwe mu barongoye amashengero, imigambwe n’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike.

Twobamenyesha ko abari mu mpari bose bafise aho bahagaze. Abaserukira Reta canke umugambwe CNDD FDD bavuga ko ibijanye n’ikiringo ca gatatu badashobora kubivuganako, ahubwo boyaga ku ngaruka y’imyiyerekano, mu gihe abari mu mashirahamwe n’imigambwe yanka ikiringo ca gatatu, bavuga ko ico kiringo nyene catumye haduka impari n’imyiyerekano, arico cotangurirwako mu kuyaga, kuko ari ikibazo kitoroshe.


Aristide Nizigire

Messages

  • mugabo abantu baratangaje.none abo bose bahugurutse batazi ikibajanye!! namba reta na cndd yiwe badashaka amahoro ni hafatwe izindi ngingo.nta mukuru w’igihugu yovugako akunda igihugu abona abamaze gupfa n’ingorane ateje uburundi.abantu bose bapfe kubera umuntu umwe yananiranye!!

  • Ivyo nivyo, ni baharire basubire, banywe turya tunyobwa buzuze n’udukonte, niyo politike ya baburundi, na arusha vyagenze uko barasinya bamwe bahumirije amaso n’ama abandi n’ama réserve menshi menshi bihutira kuduza ibi étage kigobe, gasekebuye sororezo na du large baca bibagira kwandika neza ibwirizwa shingiro ariryo abrundi twese twari turinduriye none raba ayo tubonye. ariko kandi ivyo bagira vyose ntihagire umuntu asubura kwicwa canke imodoka n’inzu biturirwa. ikindi naco ntibasamare, ubu ibintu vyaparanganye, amakungu arahaguruka hakiri imyiyerekano y’igisagara ca buja gusa. biyumvire n’ico bogira mugihe ibindi bice vy’igihugu navyo vyogira gutyo canke bigasumya ngaho kuko navyo birahoboka.

  • None ni kuva ryari aho abantu baganira kuri conséquences hanyuma ntibavugane kuri cause????? Ivyo biganiro ntaco vyomara kuko nta muti vyoba bizanye. Cause ni mandat ya gatatu idakurikije ibwirizwa nshingiro na accords d´Arusha. les conséquences za mbere zikomeye ni barya bantu bapfuye bazira ko amategeko ya liberté d´expression, d´association, etc. atubahirijwe n´ubutegetsi buhari mu kubuza ko abantu bagira imyiyerekano ahubwo bakabarasa kandi bamwe bamanitse amaboko canke babasanze mu mihana iwabo. Aho rero nta kuhafyinira kuko barya bapfuye ntibohera uko kandi ico bashaka kitabonetse: Peter ategerezwa guheba iyo mandat hanyuma akanahanwa ku bwicanyi yakoze kuko ni we mukuru imbonerakure zemera, aba polisi, etc.

  • Ariko abantu jewe sindabumva umuntu yaranse guhanurwa,yanse ibiganiro none ibiganiro barondera nivyihe?yiyemeje kugwana none muribaza impamvu banka kuvuga kukiringo 3 ca petero mwibaza ko aramahoro?amakungu aragezeho abembereza umuntu yofatwa nkinkoko yagwaye imbutura?ntibumve bagongwa bari munzira hasigaye gushika.

  • Ego,kweli,none,tuzoronka,sentare,ijejwe,ibwirizwashingiro,yemegwana bose ryari? Ubwo ntimubonako,ibibintutuzohavatuvyamamwo? Narirya atayungururizo!Kuvyo iryasentare,izobishikirije?IMANIdufashe.

  • Emwe nkozi z’ikibi arizo cndd-fdd emera kuko inama isumba ingimba kandi IMBWA YAHIYE KUMURIZO ITI MPIYE AHO UBUBWA BWARI,kandi ICO IMBWA YICUZE NICO CAYISHE@

  • Abarundi twarahomvye Madiba Mandela iyaza kuba agihari izimpari zose ntizosubiriye kuko ibivyose biterwa n’akarwi kari inyuma gatinya kuja i Lahe kugutinya amabi kakoze

  • Communaute internationale, Opposition burundaise, Societe civile burundaise et les manifestants burundais dans les rues, niberurire Nkurunziza bamubwire ko ikiringo ciwe giherana na le 31 aout 2015. Ntakumuha icizere kirengeye ico Constitution nationale imugenera, ntibishoboka !

  • Ikibazo ca mandat cararangiyekera none abajejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro ryu Burundi kurubanzabarurangije uwomuntu yokwubahuka kwisuka nubitamureba yobaruwahe? Ngusa nimwaskaka kuvuga kuvya mandat muhajikisheko bariyabashinzwe kwubahiriza imbirizwashingiro muzakuba murikumwe kukobatahari vyobagora gucurubanza kandimwobamubinjiriye mukazikabo bandi birahanwa namategeko.

  • Kukiabarundituryanaturibamwe? Banzamwiyumvire Abigize Intagondwa Bosebarapfuye.Isiniyabose Tuyihanahane Mugutwara,ukwigungirako Nicaha Arikouwuzikosenanyina Bayirdmye Nayigungireko,

  • Yesu ashimw cane kuyaga niyo nzira yamahoro yonyene gusa dufashijw ninkomezi z’Imana ndabifurij kurengera ibibatandukanya mwizina rya Yesu satani atsindwe ukuboko kwimana kuganz muburundi amen

  • nukuri dusaka.amahoro.twarushe.natange ibituma igihugu.cadukamwo impari.turavyiyamirize.mana kora.

  • nukuri nagende twarushe

  • Ubu rero bagiye kuganira abandi bavundiye mumunyororo? Jewe mbona imbere yuko ibiganiro b itangura hobanza gufungurwa abafunzwe bose bazira kwiyamiriza ikiringo cagatatu imyiyerekano yose igahagarikwa kuko ntabantu baganira bagifatanye mwizasi

  • Mbega kobatinyako babitangurirako kandi arico catumy ibibavyos biba ha batangura kuricokibazo bagihereza ntawundi muti ataruwo gusokora urya atumabiba murakoz

  • Mbega kobatinyako babitangurirako kandi arico catumy ibibavyos biba ha batangura kuricokibazo bagihereza ntawundi muti ataruwo gusokora urya atumabiba murakoz

  • None ahobankakobahe kubiteyimparicane batinyiki nibibe arivyobaherako turabeko tworonkamahoro twarushe.

  • Jewe kumbwanje mbona abegwanikizo arabarundi bonse kuko ingorane zidushikira twese hamwe ahumbo abarundi bakwiye kujahamwe bakakura ibibazo munzira

  • JEWE MBONA BAPFA UBUSA.NI BAREKE KWICANA KUKO TWESE TURI BENE MUGABO UMWE

  • Ico Niyumvira Abatemera Ikiringo Cagatatu Nibumvikane .Bose Baje Hamwe.Kugira Uburundi Bugume Mumahoro

  • Ico Niyumvira Abatemera Ikiringo Cagatatu Nibumvikane .Bose Baje Hamwe.Kugira Uburundi Bugume Mumahoro

  • Jew-iconiyumvira nuko mu vyukuri twese,dukwiyekwumvikana,naho ivy-ikiringo cagatatu tutagihurirako,dukwiye gukorera kukuri,tukarwanya i kinyoma.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.