IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > USA:Abigisha barajwe ishinga n’amashirahamwe yahagaritswe mu (...)

USA:Abigisha barajwe ishinga n’amashirahamwe yahagaritswe mu Burundi

samedi 12 Kigarama 2015

Abigisha ivyerekeye amategeko muri kaminuza zitandukanye muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bamenyesha ko bafise impungenge ku ngingo zafashwe na Reta y’Uburundi zo guhagarika ibikorwa vy’amashirahamwe amwe aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi.

Babicishije mw’ikete bandikiye umushikiranganji w’ubutungane mu Burundi Laurentine Kanyana, abo bigisha bamenyesha ko amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu afise uruhara rukomeye mu guteza imbere intwaro ishingiye ku mategeko.

Abo bigisha bavuga ko ingingo iyariyo yose ibangamira ibikorwa vy’ayo mashirahamwe ikongera ikabangamira umutekano w’abarongoye ayo mashirahamwe itera impungenge abaharanira agateka ka zina muntu aho bari hose.

Basaba umushikiranganji w’ubutungane gufata ingingo zose zikenewe kugira ayo mashirahamwe asubire kuronka uburenganzira bwo gukora kandi abone ko akingiwe n’amategeko.

Abigisha b’ivyigwa vy’amategeko banditse iri kete bari mw’ishami ry’amategeko mu makaminuza akomeye ku mugabane wa Amerika yo mu Buraruko nka Cornell, George Washington na American University zo muri Washington DC, Kaminuza ya Carliforniya na kaminuza ya Ottawa iri mu ntara ya Ontario mu gihugu ca Canada.

IGIHE

Messages

  • Eeeeeh!Burya Nimwebwe Mwari Mwabigishije Gukora Ibara?Nukuri Barabamaramaje!None Nimwebwe Mwari Mwabatumye Kugumuka,kutubaha Inzego Zatowe N’abenegihugu Isinzi,mu Guturira Abantu Muma Pine No Gutembagaza Ubutegetsi?Ntantambwe Bazotera Nibabasubize Amafranga Yanyu!Ok

  • Abantu baransetsa Iyo bandika basaba ivyo basaba mpaka bavugeko bari mumakaminuza ngo akomeye?mbe ukwo gukomera bavuga n,inyubako?nuko bari America canke?sha abarundi bakwiye kuza baratahura nkamashirahamwe yigenga ategamiye inyungu za politic avuga ngo naka ambanye umukuru w,igihugu ntibikunda none ugomba dutwagwe naso?reka abarundi batore uwo bashaka ntibatora uwo ushaka wewe
    Gerageza abo ba Pacific naba mbonimpa murere bose none ubu ko muri mubarwanya leta none abanyagihugu bayishigikiye bobo ntimubaserukira?reka guhenda abantu ngo abigisha bigisha mumakaminuza ya USA ngo vyanse........abo niba vital nabandi bataye umutwe
    Ibaze imuntu atuka president ngo arwaye mumutwe ivyo ntuziko bihanwa n,amategeko none ushaka uzoze aha ariwe atwara ngo niwe ukomeye?tutaaangalia
    Ayo nanyama mufise nuko mwaguze amazu hanze mudapanze kandi mutari munkambi iyaba muriha amazu mwovuga make bamwe ntutukivuga mwebwe nibiahasha aca mutapata chevrot yamuroho tuuiuuiuuuuhhhh

  • vuge ariko abarundi ntitwumva

  • erega nuko ayo mashirahamwe atagikora akazi kayo.guko afise uruhara mufufasha abirigwa baragandagura.nikuberiki ibindi bihe vyose reta itigeze iyugara ? nibikebuke rero bave mububisha ari uguhanura reta bayihanure ariko ntibakore ibigayitse guko imana ibona vyose nahose

  • Ayo MASHIRAHAMWE yose yahagaritwe Nayaciriye imyibutsa ibiri 1.Inzira zibiri zashobokeye infyisi 2 imigere ibiri ntitereka muzohanyuka

  • Mwabigishamwe mugizeneza kugira icomuvuze kubijanye naryamashirahamwe yavugako ataharanira ivyicaro muri leta, ariko rero haraho mushobora kubonekana nkabigisha babi" mutigute? Komubabajwe nuko reta yahagaritse amwe mumashirahamwe adaharanira ivyicaro Burundi kwatarivyiza nanje ndabatahura, ariko mwobamwaramenye icabiteye? Niyaba mwaramenye icabiteye mushobora kuzoba mwafashe inkuru nabi canke nyene mukabivuganankana. Icambere nobabwira nukoburya mwebwe mudashobora gukunda uburundi gusumvya abarundi benebwo mwebwe nuwobabwira gukora ivyirwa bijanye nogushiramungiro ibintu biteramatati mugihugu kugeza kigiye mubwicanyi ndaziko mukubishiramungiro ntimwobikorera mugihugu canyu ndaziko mwobikorera kubarundi bagapfa bagatikira mazenamwe ivyirwavyanyu mukubandanya biterimbere bikivayo ahubwo mugatangura kubikora mufatumwanya mwandika amatangazo nkayomwanditse mwigira abashakira amahoro abarundi kumbe ni oya. Komukundabarundi vyukuri komuhengereye agapfa karapfuye kwaribo muvuze kandi abarundi baribarasemereye bavugati ayamashirahamwe adaharanira ivyitaro muri reta koharoho arenza mubikorwa acora nkakarorero" guhamagarira abantu kujaguturira abandibantu babona mwoba mwarasohoye itangazo mukabakebura kurivyobintubako gabanyakwubahwa? Ntamunyamahanga azokunda u Burundi gusumvya umurundi n’Imana yaburemwe.

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.