IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ABR yandikiye umushikiranganji w’ubutungane

ABR yandikiye umushikiranganji w’ubutungane

lundi 9 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Ishirahamwe ABR ry’amaradiyo asamiranira mu Burundi ryasavye umushikiranganji w’ubutungane ko yoshiraho umurwi wigenga kugira ukore amatohoza ku bagandaguye ababikira batatu b’abatariyanokazi. Iryo shirahamwe rimenyesha ko mu kurindira ko Bob Rugurika arekurwa, bazobandanya ibikorwa vy’umunsi wa kabiri w’icatsi kibisi, hamwe n’ukuja iminsi yose kuwa kabiri ku ngoro y’ubutungane.

Mw’ikete ishirahamwe ABR (Association Burundaise des Radiodiffuseurs) ryarungikiye umushikiranganji w’ubutungane, uwuserukira Vaticano mu Burundi, hamwe n’uwutwara inama nkuru y’abepisikopi katorika mu Burundi, basavye umushikiranganji w’ubutungane ko yoshiraho umurwi wigenga ukora amatohoza ataho yegamiye kubagandaguye ababikira batatu b’Abatariyanokazi bo kuri paruwasi Guido Maria Conforti, benshi bita kwa "Buyengero."

Vincent Nkeshimana arongoye ABR amenyesha ko uwo murwi ariwo woshobora gukora amatohoza ataho yegamiye, ABR ikababazwa n’ipfungwa rya Bob Rugurika, umuyobozi wa RPA azira amatohoza yakoze kuri ubwo bwicanyi bwavuzwemwo bamwe mu bategetsi bakomeye mu nzego z’igiporisi n’igendereza.
Kubw’umukuru wa ABR, Vincent Nkeshimana, ntivyumvikana ingene umumenyeshamakuru yagize amatohoza akayashira ahabona ariwe yoca apfungwa, bikaboneka ko Bob Rugurika yavuze ukuri, kuko ata kundi kuri abamupfunze bariko barerekana. Muri ABR basaba ko mu kurindira ishirwaho ry’uwo murwi, Bob Rugurika yoba ararekurwa, kandi ko bishitse uwo murwi ntushirweho, bizokwerekana ko abategetsi batashatse ko ukuri kuja ahabona.

JPEG - 2.8 ko
Vincent Nkeshimana arongoye ABR

Vincent Nkeshimana amenyesha ko muri ABR bagiye kubandanya ibikorwa vy’iminsi yose ya kabiri batiriye iy’urwatsi rubisi (Mardi Vert), mu kubandanya kwambara impuzu z’urwasi rubisi kuwa kabiri, hamwe n’ukuja mw’ibarabara gushika Bob Rugurika arekuwe. Bitegekanijwe ko ku minsi yose ya kabiri bazokwama baja ku ngoro y’ubutungane gusaba ko Bob Rugurika yorekurwa, asubire mu mirimo yiwe y’ugufasha kurondera ukuri ku bagandaguye ababikira batatu b’Abatariyanokazi, Olga Raschietti w’imyaka 83, Bernadette Boggia w’imyaka 79 na Lucia Pulici w’imyaka 75 mu Kamenge kuri paruwasi bita "Kwa Buyengero"


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.