IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Afirika y’epfo: Umugambwe ANC muri Afirika y’epfo uratora umukuru (...)

Afirika y’epfo: Umugambwe ANC muri Afirika y’epfo uratora umukuru mushasha

dimanche 16 Kigarama 2012

Umugambwe uri ku butegetsi muri Afirika y’epfo, African National Congress (ANC), uri mu nama yawo idasanzwe aho abanyamugambwe bagomba gutora umukuru musha.

Umukuru w’igihugu Jacob Zuma ahiganirwa ico kibanza n’icegera ciwe, Kgalema Motlanthe.

Iyo nama iba buri myaka itanu, ibera ahitwa Manguang aho uwo mugambwe washingiwe ubu haciye imyaka ijana.
Abanyamakuru bavuga ko uwo mugambwe uriko urarwanira kwisubiza agateka mu gihe wagirizwa kurangwa n’igiturire.
Intumwa ibihumbi bitanu nizo zemerewe gutora mu nama igira 53 ya ANC, ikazomara iminsi itanu.

Zuma niwe atanguza inama mu gushikiriza ijambo abanyamugambwe ku kuntu politike yifashe muri kino gihe muri Afrika y’epfo.
Umumenyeshamakuru wa BBC ari i Manguang avuga ko umukuru w’igihugu Zuma yizeye gutsindira kurongora umugambwe ikiringo kigira kabiri, naho yagaragaye cane mu binyamakuru bamugaya kwigenza nabi, akanagirizwa gukoresha amahera ya leta nabi mu kuvugurura inzu yiwe.

Ariko icegera ciwe Motlanthe ashigikiwe na zitatu mu ntara icenda zo muri Africa y’epfo kandi akaba yizeye gutangaza abantu mu gutahukana intsinzi. Yamenyesheje ko azokwitoza mu ndwi iheze.

Motlanthe niyatorwa, hakurikijwe ukwiganza kwa ANC mu nama nshigamatka ya Afirika y’epfo, nta nkeka ko yoca aba umukuru w’igihugu mu matora yo mu 2014.

kw’ifoto
:Jacob Zuma na Kgalema Motlanthe


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.