IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > AFRITEXTILE : Akarusho ku bambara umwambaro w’ishure n’uw’akazi

AFRITEXTILE : Akarusho ku bambara umwambaro w’ishure n’uw’akazi

mardi 6 Myandagaro 2013

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, Denise Nkurunziza yaragendeye ihinguriro Afritextile, ryahoze rizwi kw’izina rya Cotebu (Complexe Textile de Bujumbura). Ni kuva aho Afritextile yugururiye. Vyatumye basubira kugira icizere co gusubira kwiteza imbere.

Mu rugendo rwiwe rwo kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 5 Myandagaro, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yaragendeye ibisata bitandukanye vy’iryo hinguriro Afritextile, aho bakorera inyuzi, aho bahingurira ibitambara, mu gisata c’abasiga amabara ibitambara bahinguye, no kubishirako ivyapa, kuva bikiri mw’ipampa gushika biheze guhingurwa.

Ahejeje kugendera iryo hinguriro, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, Denise Nkurunziza, yamenyesheje ko ahimbawe n’ukubona iryo hinguriro risubira kwugurura kuko inyuma yo kwugarwa hakurikiye inkurikizi mbi zitari nke haba ku rwego rw’igihugu kuko haciye hakena ibitambara vyavamwo imyambaro y’ishure n’iy’akazi.

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko anezerejwe no kubona Afritextile yuguruye kuko abari bahaburiye akazi igihe Cotebu yugara baciye bakaronka mw’ihinguriro Afritextile yaje iyisubirira, mbere n’ibitambara vy’imyambaro y’ishure n’akazi vyaciye bisubira kuboneka ukuri kwamye.

Mwomenya ko ihinguriro Afritextile rigizwe n’imice itatu kuko igisata gihingura inyuzi kiri ukwaco, ikijejwe kubarira ku rundi ruhande n’igisata kiraba ivyo gusiga no gushiraho ivyapa ku bitambara kikaba gikora ukwaco. Umuyobozi w’iryo hinguriro, yamenyesheje ko ibitambara vya Afritextile bigurishwa mu maduka atandukanye yo mu Burundi.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.