IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amabombo 3000 agiye kwubakwa mu gihugu cose

Amabombo 3000 agiye kwubakwa mu gihugu cose

lundi 4 Ruhuhuma 2013

Umushikiranganji w’ubutare n’agataka Come Manirakiza yarashikirijwe umugambi wo kugwiza amazi meza mu birori vyabereye mu ntara ya Muyinga kuri uno w’Imana igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2013.

Mw’ijambo ryiwe umushikiranganji w’ubutare n’agataka Come Manirakiza yamenyesheje ko hari uwundi mugambi wo gukwiragiza amazi meza uzoja mu ngiro vuba mu ntara za Ngozi,Kayanza na Muyinga.

Uwo mugambi ufashwe mu mugongo n’ishirahamwe ryo mu gihugu c’u Buholande Help Burundi ryarondewe na Diyoseze y’ishengero katorika ry’i Muyinga,uri ku birometero 6,ukaba watwaye amafaranga angana ibihumbi 500 vy’amafaranga y’abanyaburaya,ushizeko ubundi buryo bwatanzwe n’ishirahamwe Flemish Investment ricukura inzahabu I Mutina hamwe kandi n’ishirahamwe REGIDESO rizobikurikirana.

Umushikiranganji w’ubutare n’agataka yasavye ishirahamwe REGIDESO gukurikirana neza ivyo bikorwa.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.