IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Amagunira n’indobo vyuzuye indya vyafashwe muri Kaminuza y’Uburundi

Amagunira n’indobo vyuzuye indya vyafashwe muri Kaminuza y’Uburundi

vendredi 17 Nzero 2014

Muri Kaminuza y"Uburundi, ikigo kiri ku Mutanga, hafashwe abagabo bafise amakinga bari batwaye amagunira, indobo, n’ibindi bikoresho vyuzuye indya.

Ibikoresho 25, birimwo indobo, amagunira, ububido vyuzuye indya zirimwo umuceri, ibiharage, ibiraya bitetse mu mavuta «Frites» nivyo vyafashwe n’abanyeshure bo muri Kaminuza y’Uburundi mu kigo co ku Mutanga, hari igihe c’isaha imwe y’igitondo «7h30» c’uwu munsi wa gatanu igenekerezo rya 17 Nzero.

Baseka Vianey Saidi, umwe mu banyeshure babifashe yatubwiye ko iryo yibwa ry’indya atari ubwa mbere kuko bamwe muri abo bafashwe bemeye ko bamaze imyaka hafi icenda baza gutora izo ndya. Abandanya amenyesha ko bari bamaze iminsi babona ivyokurya ari bike cane kandi abanyeshure ari bake kubera bahejeje igice ca mbere c’ibibazo «1ère Session» bamwe ugasanga baratashe canke bari mu miryango.

JPEG - 33.9 ko
Baseka Vianey Saidi, umwe mubafashe abo babatwara indya

Mu matohoza yagizwe n’abo banyeshure, basanze ivyo vyokurya birimwo ibisigazwa n’ibindi biboneka ko bigiye kuribwa bigenda bimwe mu Carama, mu Rubirizi, ku Mugoboka n’ahandi. Muri ayo matohoza bagize, basanze uwitwa Alexis akora aho batekera ariwe apima ku biro ibigurishijwe aho ikiro c’imisigazwa kigurwa amahera 50. Izo ndya nziza ziragurishwa mu mazu y’uburiro, izindi nazo zikagaburirwa ibitungwa nk’ingurube n’inka. Muri ayo matohoza abanyeshure bagize, amazina y’abagura izo ndya nka Niyoyankuze Jeanine aba mu Carama ariha ku kwezi 30.000 y’amarundi akayaha Alexis, havuzwe kandi uwitwa Nduwayo Jean-d’Arc wo mu Rubirizi abigurira inka. Amakinga agera kuri 25 niyo yari yaje gutora izo ndya.

Igihe twahashika twasanze abajejwe umutekano bariko bandika inomero zayo makinga hanyuma baca barayareka irigira.
Twagerageje kurondera uwurongoye igisata c’ibikorwa vya Kaminuza aho mu kigo co ku Mutanga ariko ntitwashoboye kumuronka, batubwiye ko ari mu nama.

Abanyeshure basaba ko amatohoza yoba hanyuma bakamenya ababicisha inzara naho ayo mafaranga arihwa aja.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Mbega ubukene haragera igihe umuntu apakira ibiryo bihiye mwigunira ko nzi neza ubipfunduruye usanga vyabaye umwanda.bitamota na neze yoo muramaramaje hageze naho muza kugurisha imisigazwa muri restora etu nda bagaye ahasingaye ngo nituze turabe uburundi hari iterambere yewee sinzogaruka iyo namwe muriyo muragowe aho muja kugura ibisigazwa vyatekewe mumugunira bihiye.

  • Urudandazwa nk’urwo, ntirukwij’amategeko kandi indya zasigaye zirashobora gutera indwara. Abayobozi b’iyo Kaminuza barakwiye kuhabera magabo, indya zitangwe hakurikijwe amategeko no ku bantu bazigenewe. Izisigaye, boziha bantahonikora canke ibitungwa. Abakozi bikika mu kiza, ni ukubigiza kure kuko bateza rubwa ico kigo. Nashimye inyifato y’abajejwe umutekano ariko ikindi gihe, bahimirize abanyagihugu kugura ikintu kitabakwegera. Nizere ko n’ayandi mashure afise indaro, ibi vyabaye mu kigo ca Kaminuza yo ku Mutanga, bibabere akarorero.

  • Nimuj aho bita kwa Busigo ahari amararo yinka naho izorya zirahashika.

  • Namwe muri n’ivyo mwafashe!Harimwo bibisi?Jewe ndatangaye kwumva bavuga ngo vyaguzwe!Ninde ataziko abatishoboye benshi bo mu Nyakabiga bafungura aho?Ivyo ni ivya kera kandi kera amahera yavamwo yaja muri ASSER et je suis témoin.Ikibabaje suko bigurishwa ahubwo ikibabaje ni abo bantu babijana mu ma restaurants!Noneko nzi haseseka vyinshi kuri ya mameza,inka zishoboye kubirya hari igipfa?Hakwiye kuba umuco mw itunganywa ryavyo amahera akamenyekana uko akoresha nayo ivyo vyamyeho kandi bizokwamaho!None ivyakuwe ku mameza bazobiha nde?
    Ndaziko Adolphe Ndayikengurukiye abizi,n’uwobaza uwo bita Bwatuzo(Salvator) arabizi kandi iyo si inkuru mwari mukwiye gutebako!Ico nzi coco nuko indya muri Kaminuza zikwiye nimba uko ndabiheruka muri 2008 ariko biri!
    Aho rero ingorane si ivyo bigurishwa kuko n’ubu ndi sûr ko bizogurwa!
    ROU nta mikubuzo igura,nta mbugita igura,nta ntaro igura,.....
    Harimwo agapfungu mugabo ndaziko ata makosa yabaye.
    Inkuru zose ndazizi mushatse muzombaze!

  • Burya igihuugu c’uburundi naco kiraja mubindi ngo naco nigihugu,ikintu kidashobora no gukora polike nziza kugira ubukene buhere mu bantu!ico bazi nukubica gusa.gushika aho ama restaurant adandaza ibisigazwakandi nahone bitwawe mu magunira!nakamuna.

  • BIRATEYE AMAGANYA N’AGAHINDA KUBONA SITUATION ABA ETUDIANTS BARIMWO MURI IYI MISI TUKABONA IBIFUNGURWA NKIVYO BISOHOKA BIJA INYUMA BAMWE MURI BO BATAKIJA NO MWISHURE KUKO BATARAYE BAFUNGUYE.NONE KARASHIJE INGANI,MU BURUNDI BICUMBAGIRE DANS TOUS LES DOMAINES?

  • izo ni imbonerakure zibiseha

  • none abategetsi bakaminuza bo babivugako iki?bazi kuducanishamwo gusa ntidutore abaduserukira gusa?amatora yo ageze he?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.