IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amasendika y’abigisha CONAPES,STEB,SLEB na SYNAPP yagabishije guhagarika (...)

Amasendika y’abigisha CONAPES,STEB,SLEB na SYNAPP yagabishije guhagarika akazi

jeudi 6 Kigarama 2012

Amasendika y’abigisha ane CONAPES,STEB,SLEB NA SYNAPP yiyamiriza ingene umugambi wo kunganisha imishahara mu bakozi ba reta uriko urakorwa. Ngo nta jambo baronse ngo baterere ivyiyumviriro.

Urwandiko rwo kugabisha guhagarika akazi rwatewe ko umukono n’amasendika yose y’abigisha CONAPES, STEB, SLEB na SYNAPP. Ayo masendika amenyesha ko igituma bagabisha guhagarika akazi mu minsi mikeya iri imbere ari uko umugambi wo kunganisha imishahara mu bakozi ba reta uriko urakorwa.

Bitegekanijwe ko abakozi ba reta bahembwa menshi reta ibakurako uturusho tw’amafaranga bahora baronka ku mwaka ku mwaka hanyuma utwo turusho tugahabwa abakozi ngo bahora bahembwa amafaranga makeye kugira nabo agashahara kabo kisununure. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’akazi Annonciata Sendazirasa.

Emmanuel Mashandari arongoye sendika CONAPES avuga ko ubwo buryo buriko burakoreshwa budakurikije amategeko. ‘’Kw’isi yose ntaho vyakabonetse ko reta yaka abakozi uburenganzira bamaranye imyaka n’imyaka bafise ico bita mu gifaransa les droits acquis’’. Yongerako ati’’ico cigwa reta iriko irakorerako categuwe n’umuhinga w’umunyamahanga atazi ingene abakozi ba reta babayeho, kuko bahembwa intica ntikize.Hamwe rero reta yokurako uturusho bahora baronka n’ivyahuha vyoca bihuhuka’’.

Iryo gabisha ryatewe ko umukono italike 3 ukwezi kwa Kigarama uyu mwaka. Amategeko avuga ko mu minsi cumi n’ine ata nyinshi haca hakurikira ihagarikwa ry’akazi.
Emmanuel Mashandari arongoye sendika CONAPES amenyesha ko ayo masendika ashaka ibiganiro na reta kugira abigisha baterere ivyiyumviro vyokorosha ubuzima babayemwo. Avuga ko ayo masendika afise ubundi buryo reta yoshobora gukorerako.
Yamenyesheje kandi ko mugihe reta izofata mu minwe ico kibazo kugira igitorere umuti hanyuma haboneke ibiganiro, ngo ntibazotanga ibibzo n’amanota y’igice ca mbere.

Ayo masendika aje akurira ayandi y’abaforoma yoyo yamaze guhagarika akzi haraheze indwi yose. Nabo nyene muvyo basaba harimwo gusubiramwo igikorwa co kunganisha imishahara mu bakozi ba reta.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.