IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe 12 yituye umushikiranganji Laurent Kavakure

Amashirahamwe 12 yituye umushikiranganji Laurent Kavakure

mardi 16 Kigarama 2014

Amashirahamwe 12 avuga ko adaharanira ivyicaro vya poritike yandikiye umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Laurent Kavakure, bamusaba ko yohagarika ihuriro riheruka gutanguzwa, ry’abaharanira agateka ka zina muntu ku rwego rw’igihugu (Réseau National des Défenseurs des Droits de l’Homme). Ayo mashirahamwe amenyesha ko habaye ikumirwa mu gutora abagize urwo rwego.

Umurwi w’igihugu CNIDH ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi, kw’izina rya Reta y’Uburundi, uheruka gutera umukono ku masezerano y’ugushiraho ihuriro ry’abaharanira agateka ka zina muntu ku rwego rw’igihugu (Réseau National des Défenseurs des Droits de l’Homme), ihuriro rizokoresha amafaranga agera ku miriyoni zibiri z’amadorare, mu mugambi PEACE BUILDING FOUND. Iryo huriro ryagiyeho rigizwe n’abantu 34 bahurikiye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, ariko rikaba ryiyamirizwa n’amwe mu mashirahamwe yagirizwa ko akorana n’ubutegetsi.

JPEG - 13.9 ko
Docteur Pierre Claver KAZIHISE, umwe mubateye umukono kuri urwo rwandiko, akaba arongoye urunani SOCIC rw’amwe mu mashirahamwe avuga ko adaharanira inyungu za poritike

Mw’ikete bandikiye Laurent Kavakure, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, amashirahamwe 12 avuga ko adaharanira ivyicaro vya poritike yamenyesheje ko habaye ikumirwa mu gushiraho uwo murwi w’abantu 34 bagize iryo huriro. Ayo mashirahamwe avuga ko iryo huriro ryohagarikwa kuko risa n’irije gukora igikorwa ca CNIDH (Commission National Indépendante des Droits de l’Homme). Kubw’ayo mashirahamwe, naho vyoba nkenerwa ko iryo huriro rijaho, amashirahamwe yose yokwumvirizwa mu ntumbero yo gutora abaja muri iryo huriro bumvikanweho na bose.

Abakuru b’ayo mashirahamwe 12 yandikiye Laurent Kavakure, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu ni :

1. Samuel NKENGURUKIYIMANA : PISC Burundi

2. François Xavier NDARUZANIYE : LIGUE IZERE NTIWIHEBURE

3. Eric NSENGIMANA : AJAP

4. Jean Bosco NDEREYIMANA : A.B.A

5. NJANGWA Gilbert Becaud : ONELOP Burundi

6. MUHIZI Médard : CIRID Burundi

7. Rénovat NININAHAZWE : AEEDH

8. Hamza BURIKUKIYE : CAPES +

9. Docteur Pierre Claver KAZIHISE : SOCIC

10. Anaclet NGOMIRAKIZA : ACOPA Burundi

11. Egide SABUSHIMIKE : INATRASO

12. Aimé Pascal NDUWIMANA : MAC (Ministère Africain de Compassion)


Egide Nduwimana

Messages

  • Jw nibazako mworeka kwidoga kuko mwebwe nyene muserukira ayo mashirahamwe nama ndabumva kenshi muvugira ku maradiyo ko "abakunzi batoherera mu mubindi". amashirahamwe ni menshi kumbure batoye muyandi. kandi erega uwo mufrere araciye ubwenge. arazi neza ko mwebwe murongoye ya mashirahamwe bita NYAKURI, atakindi akora atari ugushigikira amakosa akorwa na leta. mbega kwataco ndumva muvuga ku busuma buriko burategurwa biciye mugutanga karangamuntu. ONELOP , iyandikwa ryabaye muri hehe?? nta makosa mwigeze mbona? ACOPA yoyo yari he????
    Nimureke rero gusamaza abantu ngo ntimwashizwe mu murwi wo gukurikirana ivy’agateka kazina muntu kandi mushigikiye abagahungabanya.

  • Abo bose mwadondaguye ni aba DD gusa!Nibagire urunani rwabo nabo!
    Mbega bakora iki atari ukunera amababa bumvise amahera!

  • Jew numva ikibazo mwagize nukomwumvise harimwo amahera meshe. Mwe mwegamiye kuri reta nibasababire ayiwanyu. hoooooo twarabamenye!

  • Ukobirikwose abobantu barakwiye kwumvirizwa, niyaba barimumurwi wamashirahamwe adaharanira ivyicaro muri leta nubwobatotorwamwo abarongora abandi nivyiza bagire icobavuze niyabarero batabahaye ijambo ngobavuge nkabandi vyobabibabaje cane.

  • Abo batarandika na dossier nimwe yuwahohotewe,nibafutwe!

  • Erega ayomakungu afise ibifranga vyishi ashaka Ko abantubomubihugu bikenye barwize gukora udusjirahamwe dukomeza kuvuga amarementanya kuko ahatari amarementanya iterambere ririhutacane ucawumvareroko mugihe natwe abarindi twobatwateyimbere twoca ruzaturotsa igitutu ibindibihugu nkubu murabona abirabure muri America bamazimisi baraswa ariko nagihugu nakimwe cigeze ciyamiriza iryobara, gicorero gituma baguma barondera cankebaguma bahuduhera uwowese ukoresha amajambo yogutuma igihugu kidaterimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.