IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe abiri muri cumi yahagaritswe yemerewe gusubira (...)

Amashirahamwe abiri muri cumi yahagaritswe yemerewe gusubira gukora

lundi 28 Ntwarante 2016, par egide

Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika Valentin BAGORIKUNDA yemereye gusubira gukora ku mugaragaro amashirahamwe abiri muri cumi yari yafatiwe ibihano. Ayo mashirahamwe yemerewe kandi gusubira gukoresha ububiko bwayo bw’amafaranga muma banki bwari bwahagaritswe.

Mw’ikete yasohoye, Valentin BAGORIKUNDA umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika yatanze uburenganzira bw’ugusubira gukora ku mashirahamwe PARCEM (Parole et Action pour le Réveil des Consciences et l’Evolution des Mentalités) na AJCB (Association des Juristes Catholiques du Burundi) yari amaze amezi atandatu ahagaritswe.
Valentin BAGORIKUNDA yamenyesheje ko ayo mashirahamwe atagikurikiranwa mu butungane kuri dosiye y’amatohoza yari ihari, ijanye n’ugushaka guhirika ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

JPEG - 68.9 ko
Valentin BAGORIKUNDA, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi

Ayandi mashirahamwe nayo nyene yahagaritswe yagumijweko ivyo bihano, benshi mu bakuru bayo bakaba barahunze igihugu. Ayo nayo ni :

APROHD : Association de Protection des Personnes Détenues et des Droits
de l’Homme)

FORSC : Forum pour le Renforcement de la Société civile

FOCODE : Forum pour la Conscience et le Développement

Maison SHALOM

ACAT : Action des Chrétiens pour l’Abolition de la Torture

Fontaine ISOKO

SPPDF : Synérgie des Partenaires pour la Promotion des Droits de la Femme

AMINA : Amicale des Militaires en Non Activités

RCP : Réseau des Citoyens Probes


IGIHE

Messages

  • Valentin yarahiriwe kuko ntaha ramarna. Aha usa nya iyongingo yafashwe n’abara GENERAUX du kuko webbplats ntacashoboye kretsen kuvugana NGO ganska sabwa.Il est le plus mediokra desprocureurs de la Republique que L’Afrique a Connu.Niyirire kr ntakindi ashoboye.Karanshisha pengar! !!

  • ahubwo akwiye gufutwa burundu kuko niyariko atera akajagari

  • Bagorikunda mwarahinyutse mbega uko nukwiteza utunyoni mugamije gucamwo ibice abo mutavugarumwe ubundi ayomashirahamwe yose mwayahagaritse muyahoriki ahovuga ngowugururiye 2 ayandiyo kuki utoyugururira wayahagaritse uyagiriza iki kwataco ubunaho woyugururira ntaco vyomara kuko ntibazoza gukorera ahantu atamutekano uhari kirya cabomoye nimpaka kibanze gutorerwa umuti

  • nari ndavyiteze ntagitangaje urya wa parcem basha arashigikiye amafuti abera muburundi kuko yarigeze gutanga ikiganiro iburayi basha ahubwobari baratevye kumugarukana ntasye bwose ivyo iwacu biragoye.

  • Mubonye ko Union Europenne yase kuba amahera yo gukoresha, yavuzeko izofasha ibicishije mu mashirahamwe nk’ayo mwafuse none mubonyeko mutayemereye gukoramahera y’agaciro atayo mugifise! Mwarahnyutse ahubwo, nimwihane mwemerere Imana ibahindure hanyuma igihugu kigire amahoro n’iterambere.

    Ndavuga simvura!

  • Jewe uwo mushikiriza manza mukuru Bagorikunda ya ma yatwengeje cane,mbega ayo mashirahamwe yi genga bayahoyiki ?, ikosa bakoze ntariboneka,bazize kuvugukuri gusa. kuko ni yo kudeta bavuga yarikwiye kuba, kuko iyo reta iriho, ni reta haramu,tuvuze haramu nukuvaga yuko yagiyeho itubahirije amategeko. abagiye mwibarabara kwiyamiriza ikiringo ca 3 ca Nkurunziza Peter, na bagize kudeta ntacosa bakoze, kuko hamwe abarundi twoza turareka amategeko ahonyarwa izuba nyaka, hogeraho Muburundi tubaho atamategeko tugira. noneho namwe muravyibonera mwibibihe ahatamategeko agikurikizwa muburundi, ahuwishumuntu ahabwa agashimwe kaho yishe uwo badasangiye ubwoko. Abajejwe gateka kamuntu nabo bagahabwa agashimwe kokwangazwa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.