IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Amnesty International iragiriza abajejwe umutekano guhohotera abatavuga (...)

Amnesty International iragiriza abajejwe umutekano guhohotera abatavuga rumwe na Reta

lundi 24 Myandagaro 2015

Ishirahamwe ryitaho agateka ka zinamuntu kw’isi Amnesty International riragiriza inzego zijejwe umutekano mu Burundi ivyaha birimwo guhohotera no gusinzikaza agateka ka zinamuntu vyakorewe abatavuga rumwe n’ubutegetsi kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015.

Mu cegeranyo ishirahamwe Amnesty International yashize ahabona kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 24 Myandagaro 2015,Amnesty International yerekana uburorero bwinshi bw’abantu bashinze intahe bemeza ko bari bafashwe bajanwa mw’ibohero bagirizwa kugira uruhara mu myiyamamazo,hamwe n’abakubiswe bikomeye ariko mu bucamanza bakankirwa kwerwkana impapuro zo kwa muganga.

Amnesty International yavuze ko mu ngendo iheruka kugirira mu Burundi, yahuye na bamwe mu bari mu myiyerekano ubu bari mu buhungiro, bavuga ko batinye ko bashobora guhohoterwa.

Umwe mu bavuganye na Amnesty International avuga ko yafashwe n’abakozi b’urwego rw’igendereza SNR akajanwa ahantu, agategekwa gukura impuzu hanyuma ashirwa mu kinogo cuzuye amazi azira kuba ava muri komine ya Musaga yabonetsemwo imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.yarakomokaga muri komini musaga yakunze kurangwamo imyigaragambyo yamagana manda ya gatatu ya Perezida Nkurunziza.

Muri ico cegeranyo ca Amnesty International ,havugwamwo kandi abatanze ivyemezo ko bapfungirwa mu twumba dutoduto,aho badashobora kuryama,bagasinzirira aho bicaye,hari mbere n’abemeje ko bafatishijwe umuyagankuba kugira bemere ivyaha bagirizwa.

Muri ico cegeranyo harimwo kandi ivyashikirijwe na Esdras Ndikumana,umumenyeshamakuru w’iradiyo y’abafaransa RFI n’itororokanirizo ry’amakuru AFP,yakubiswe mu rwego rushinzwe igendereza mu kiringo c’amasaha abiri.

Nta muyobozi numwe yaba uwo mu rwego rw’igipolisi canke uwukora mu rwego rujejwe igendereza mu Burundi yigeze agira ico ashikirije kuri ico cegeranyo ca Amnesty International. Amnesty ivuga ko yagerageje kubarondera ariko ntibibakundire kubaronka.

Amnesty International irangiza isaba inzego z’ubuyobozi mu Burundi guhagarika abayobozi bakekwa ko bafise uruhara uruhare mu vyaha vyo guhohotera n’ihonyangwa ry’agateka ka zinamuntu,gushika hakozwe itohoza rikwiye ku vyaha bagirizwa.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.