IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Amwe mu mashirahamwe yerekanye aho ahagaze mu bibazo bihanze (...)

Amwe mu mashirahamwe yerekanye aho ahagaze mu bibazo bihanze igihugu

vendredi 8 Rusama 2015

Mu nama amwe mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike (PISC Burundi, ONELOP, Ligue Izere Ntiwihebure) yatunganije, ayo mashirahamwe yifatiye mu gahanga abateguye imyiyerekano n’abayirimwo biyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Muri ico kiganiro, abo bari muri ayo mashirahamwe batunganije, umwe mu batanze ikiganiro, yagarutse ku biriko biraba mu Burundi, aho yagiriza abinyegeza inyuma y’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike mu guhamagarira abarundi kuja mu myiyerekano, kuri we yita’’Imigumuko’’.

Uwurongoye ishirahamwe Ligue Izere Ntiwihebure, Francois Xavier Ndaruzaniye, aremanga neza ko urwaruka rukoreshwa muri iyo myiyerekano ruba gwanyoye ibiyayura mutwe, kuko ku bw’iwe :’’Ntawoja guturira ama pine, amazu, imiduga ndetse no kugera guturira umuntu afise ubwenge bukwiye’’.

Mwomenya ko hamaze kugaragara ko hari imirwi ibiri y’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike. Umurwi umwe, ukaba ari uwatunganije ico kiganiro, usanzwe ushigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, uwundi murwi w’amashirahamwe ubu wahamagariye abarundi kwiyamiriza ikiringo ca gatatu kuko bavuga ko gihonyanga amasezerano y’i Arusha n’ibwirizwa nshingiro.

Uwo murwi nyene wahamagariye abarundi kwitaba Imyiyerekano, ukaba wagiriza abaporisi gukorana n’Imbonerakure za CNDD FDD mu kurasa hamwe n’ugutera amagrenade, abariko biyamiriza ico kiringo, aho abarenga cumi, bamaze kwicwa.


IGIHE

Messages

  • none mwashaka bavuge gte?bafise inyungu zabo zikingiwe n’ubutegetsi.

  • kORERA UTWO MURYA AYO NAMASHIRAHAMWE YA CNND FDD TURAYAZI

    NTA GITI KIBURA AMASAMI

    ARIKO UMUZI URUTA ISAMI

    UWUSABA NTABURA IBIPFUKAMIRO

    NSUMIRINDA ATEMBANA ITU KUMUTWE

    IGIHEMU GITA MUKAGA ABAGITOYE KIKIFUKA IZO BAMBAYE

  • Mukomere mwebwe izompanuro zanyu zirerekanako muri amashirahamwe adaharanira ivyicaro ahubwo aharanira kumurundiwariwewese yokwubahwa hakubahwa nivyiwe. Ariko bagenzibanyu biyitirirango namashirahamwe adaharanira ivyicaro aramazekubonekako ahubwo asumbwa nabaharanira ivyicaro kuko abaharanira ivyicaro barareka abantu bakadandaza kandi ntibahezango bugare amabarabara , guturiramapine, guturira abantu guhangana nabajejwe umutekano, guhamagarira abantu mumyiyerekano itemewe kandi itanerekana iherezoryayo, ingube muvyondogusa.

  • Ntakundi mwovuga mbe abo ba polisi barasa abantu ko mutabavuga,mwitegure kuja i lahaye

  • Nkurunziza arishoboye ntakeneye abamufata mu mugongo bo ku rwego mbona nkabo. Mugabo ntafate minenerwe rurya rwete rwavuye muri CPI kuko nirwo rwonyene rushobora kumukanya ayo ntavugiye ngaha kuri iyi site.

  • ndaruzaniye we ahaaaaaaaaaaaaa ukuntu akunda ashigikira nkurunziza wogirango basangira nabagore

  • emwe biraboneka neza ko ayo mashirahamwe ari mu kwaha kwa CNDD-FDD nta kundi abo bovuga nukuronderera inyaga zabo

  • kugoka bibaho nimugoke mugende arikomumenyie ko uheza kugoka ibigori bikera kandi ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.