IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amwe mu mazu yahitanywe n’isegenya yo muri Ruhuhuma yatanguye (...)

Amwe mu mazu yahitanywe n’isegenya yo muri Ruhuhuma yatanguye gusakarwa

mercredi 9 Mukakaro 2014

Ibikorwa vyo gufasha abahuye n’imvura y’isegenya yo mu kwezi kwa Ruhuhuma birabandanya, bishigikiwe n’ishirahamwe ritabara imbabare Croix Rouge.

Ibikorwa vyo gufasha abahuye n’iyo mvura ubu basubiye mu mihana iwabo birabandanya, aho bariko bahabwa amabati yo gusanura amazu yabo. Abanyagihugu rero bahuye n’ivyago vyatewe n’iyo mvura yaguye ku wa 9 ushira uwa 10 Ruhuhuma, bakaba baronkejwe amabati. Ico gikorwa co gutanga ayo mabati mu ntara ya Bujumbura benshi bita Bujumbura Rural, kikaba caciye gikurikirwa n’ugusakara. Amazu yarasigaye gusakarwa, akaba yaciye asakarwa.

Igikorwa co gutanga ayo mabati ndetse n’ico gusakara, kikaba caciye kiba gifashijwe n’abitanzi muri iryo shirahamwe. Abagore, abagabo n’abandi batandukanye, bakaba bose bariko barafasha mu guterura amabati, abandi nabo bakayajana mu bibanza vyo gusakara, aho amwe mu mazu yagiye asakawe. Abaronkejwe iyo mfashanyo bakaba bavuga ko banezerewe cane, kuko bagiye gusubira kuronka aho bakika umusaya.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.