IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ban Ki Moon agiye kurungika umuhanuzi wiwe adasanzwe kuganira na Reta (...)

Ban Ki Moon agiye kurungika umuhanuzi wiwe adasanzwe kuganira na Reta y’Uburundi

jeudi 17 Kigarama 2015

Imbere y’uko haba inama y’umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe agateka ka zina muntu,umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki-Moon yavuze ko Uburundi buri hafi gushika mu bihe vy’intambara ifatiye ku ndyane za politike.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yavuze ko intambara ishobora kwaduka mu Burundi ,ishobora kugira ingaruka mbi ku karere kose.

Ban Ki-Moon yavuze ko ubwicanyi bumaze iminsi bubera mu Burundi buteye ubwoba kandi ko yiteguye kurungika umuhanuzi wiwe adasanzwe mu biganiro bidasanzwe hamwe na Reta y’Uburundi.

Umutekano muke watanguye kwibonekeza mu Burundi ,mu mpera z’ukwezi kwa kane 2015,kuva bimenyekanye ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza azosubira kwitoza ngo arongore Uburundi.

Samantha Power aserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU,yavuze ko ONU itariko irakora mu maguru masha ngo itorere inyishu ikibazo kiri mu Burundi.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.