IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ban ki Moon asaba ko amatora yokwegezwa inyuma nk’uko vyasabwe (...)

Ban ki Moon asaba ko amatora yokwegezwa inyuma nk’uko vyasabwe n’abahuza

dimanche 28 Ruheshi 2015

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU asaba abategetsi b’Uburundi kwigiza inyuma amatora buca aba.

Umuvugizi wa Ban ki Moon, avuga ko amatora ategekanijwe kuri uyu wa 29 Ruheshi akwiye kwigizwa inyuma nk’uko vyasabwe n’abahuza mu matati ya poritike mu Burundi. Umuvugizi w’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, avuga ko Ban ki Moon asaba abategetsi ba Reta y’Uburundi, kudafata minenerwe ivyasabwe n’umurwi mpuzamakungu uriko ufasha mu biganiro vy’ugushiraho icuka ciza, mu gutegura amatora meza, abereye ku mugaragaro, kandi yizewe na bose.

Kugeza ubu naho abatari bake yaba mu bihugu vya rutura, imigambwe itavuga rumwe na CNDD FDD ,abariko barahuza impande zitumva kumwe ibibazo vya poritike, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike n’abandi basaba ko amatora yo kwegezwa inyuma, mu mugambwe CNDD FDD n’imigambwe bacuditse nka UPRONA ishami rya Conciliya Nibigira, FNL irongowe na Yakobo Bigirimana n’urunani COPA basaba abanywanyi babo gusidukana n’iyonka mu kwishiriraho inzego zitorewe n’abenegihugu kuri uyu wa 29 Ruheshi.


IGIHE

Messages

  • Nico gituma n’abana bubu batacubaha abakuriye. Nkaho nkuru yari kumvira uwo mukuru

  • Emw Ivyacu Aba Dd Bigiy Kutunanira.Mb Non Kotuzoja Mu Matora N,amakungu Yiyamiriza Wumva Atari Guta Umwanya Tuzotwarira H?J Ndabihvy Sinzognda Ahubwo Nizindi Mbonerakur Ndazisaba Ko Tutota Umwanya.

  • EWE RETA NTAKAMWO MWUMVA BABATEYE? INTABARIGWA IBARIGWA ARUKO AMASO ATUKUYE (AHISHIRIYE)(ROUGE). HEEE KAZIKANYU MURIBAZA AHO NTIMWOKWUNGURUZA AYO MATORA MUKAREKA KUDADIKA.

  • Ibintu birarutana, hako indongozi zigihugu igihezatorewe kurongora igihugu gihera abenegihugu bataritorera izidi, twopfuma dutora izindindongozi hanyuma abadashimye bagakomeza kuganira nizondongozi zobazatowe.

  • Nibumve nakare banse kumva kare ubuho bagiye kwemera inkoni ziriko,ingero y’icaha n’urupfu babikora bazi ko bitazobagarukira? Bagume hamwe ariko nka concilie mwumva ngo agiye kuzira ikki?

  • NIMUPFE KUVUGA ARIKO NTACOBIGICURA IZI NTUMVA ZABA.DD ZIGOMBA KWIHUBUTEGETSI BWOKUBANDANYA BICABANYAGIHUGU ARIKO NAMWE MAKUNGU NIMURABIKINTU MWOFASHA IBARA RITARAGWA KUKO NDABONA IMIGAMBI YABO NUKUMARABANTU

  • atacyuka ciza ca politike kigeze kiba ngaha muburundi kuva Ndadaye yagandagurwa atanigiteze kuzoboneka mbere ya 40ans. amatora yo ni ntagisivya kuko uburyo muvya amahera reta yarifise yarabukoresheje kandi intererano amakungu yarazihagaritse.none andi mahera azovahe?

  • uwusara ejo aragenda atore !mbega imbonerakure na onu kwisi nikihe cubahwa? ahubwo ziragowe yemwe?

  • Concilie nibigira na Bigirimana yakobo ariko barakomeye mumitwe kweri?aha baryanisha abantu kubera ubufaranga NKURUMBI abaha,none aho MAVOKA bamwomorera bazosobira kwitwa abarundi?akatari nkakandi aba ari agasema.

  • Bank imoon ndamwubaha,ariko ntawobikora vyo gusubiza amatora inyuma kandi,ngo bimare iki?
    Ikindi iyo tuvuye turahazi abakozi ba ONU twarapfuye turahona bahari imyaka amajana,nta muhutu yoza arabumviriza,ivyi burundi tubizi kubarusha ,ejo turatora tuzokundwa n’uwushaka,abatutsi baratwishe baradutikiza barabaretse nubu ntavyo babishuza,ubu rero ntavyo boza badukangisha birusha ivyo mu myaka yaheze twaciyemwo,mureke kudusamaza ngo mubitwibagize kuko ntidushaka kwibagira

  • Amatora Y’ejo Arahagaritse Umutima Abarundi N’amakungu Ku Ngaruka Mbi Ashobora Gukwegera Igihugu.Mana Fasha Abarundi Iki Gikombe Kiturengane.

  • NDAGUHINYUYE WENTAKURI.URIMWO UMUNTU.ATANZE. ICIYUMVIROWANKIRIKI KUGISHIRA.AHABONA YEMWEMUSHIRIZA. IVYIYUMVIROMURAGABA ABAKORERA.IGIHE NTIMUBIZERE

  • UWUMUGABO.YIGIRA KANYOSHA.NIKANYOKABI NTAMAHORO.ASHAKA ?ATERA.UMUKOSHI

  • IYABA BUMVIKANA AYO MATORA NUMVA ATUMVIKANA NABOSE MBONA YOKWIGIZWA INYUMA HAMA BAKUMVIKANA

  • Nibareke Dutore Mugabo,nyumayibi,hahiribintuvyishi,vyinyegejeyo,kuko,igituma,abategetsi,benshibahunga,ntawukizi,ibisigayentimumbaze

  • Ayamatora Yejo Ahagaritse Imitima Yabenshi,ariko.Ubunyene,bikomeye,nimureme,imana,igombayiyerekane,kwarimana,ntahandi,twiteze.Gutabarigwa,kiriretse,muriyesu,gusa,ndabinginze,mujekumavi,musengere,igihugu,nabanyagihugu.Ibisigaye,mana,,,,!Tabara Uburundi

  • iyo ONU mucuga nibaze ntanguvu ifise irasaba canke irategeka naraye abaye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.