IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ban Ki-Moon yitezwe i Bujumbura kuri uwu wa mbere

Ban Ki-Moon yitezwe i Bujumbura kuri uwu wa mbere

lundi 22 Ruhuhuma 2016, par egide

Uburundi bwiteguriye kwakira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ahava ashika i Bujumbura ku mogoroba wo kuri uwu wa mbere mu rugendo rw’akazi rw’iminsi ibiri. Mu bizanye Ban Ki-Moon hakaba harimwo kwumvisha ubutegetsi bw’i Bujumbura ko bwokwemera ibiganiro n’abatavuga rumwe nabwo.

Bitegekanijwe ko umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki Moon abonana n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Alain-Aimé Nyamitwe, bamwe mu banyeporitike, harimwo n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.
Mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, Ban Ki-Moon azobonana n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, ari naho bitegekanijwe ko agerageza kwumvisha Petero NKURUNZIZA ko yokwemera ibiganiro n’abatavuga rumwe nawe.

JPEG - 61.7 ko
Ban Ki Moon, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU

Abo bategetsi bompi bakaza kuganira kandi ku vyagirizwa Uburundi mu bijanye n’ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu.
Ban Ki-Moon agategekanya kugerageza kwumvisha ubutegetsi bw’Uburundi ko bwokwemera amatohoza mpuzamakungu ataho yegamiye kuri ivyo vyagirizwa Uburundi.


IGIHE

Messages

  • amahoro muburundi ariho,naze

  • NAZE ARIKO AMENYEKO UBURUNDI TWIKUKIYE KANDI NINAKARYO NYAKO KOKWIBONERAKO MUBURUNDI HARIHO AMAHORO NAHO HARIBAMWE BAKORITERABWOBA BATEYE GRENADE KWASIYONI ARIKO NTANTAMBWE BAZODUTERANA

  • Nareke kugorana sha ivyo aho yabivugiye twirirwa muganira we araganiriza abo yipfuza biwe.

  • None ko nkurumbi ari impunzi i karuzi,amwakirira mu buhungiro?nkurumbi yihende aze i bujumbura tumumese nka SHETANI RUDOLPH.

  • hehehe.ngo,haramahoromuburundi.iradiyigihugu,ihejejekuvugako.umugabo.arihagati.yimyaka30na35yishwe.acumiswe!nibaze.barab’ubwicanyiburikoburaba.retaniyereke.abobategetsikohorungikwa,maprobucanke.bakitaba.ibiganirovyoberahanzeyigihugu.

  • NUKURI,NAGELAGEZE,NAYAHANDI,NAMAYOBELA

  • ahubwoyatevye ki-moon yirabire ubutegetsi bw’ibujumbura ingene buri bien organise.

  • Naze.Muburundi.Turashase.Namahoronamarame.Turamwiteje.Igihugu.Cose

  • Uwo nyene icubahiro naze yirabire abagetetsi ata migambi bafis kirets ubwicanyi,uburundi bwoter imber gut abategetsi babwo arabicanyi?nibareke Kagame atwar ubuzima bwos kuk n’umugabo aziguteza imber igihugu.Irementanya birigwa bamugirako ko ashigikiy abateza umutekano muke i burundi,n’inzigo yuko urwanda rwatey imber uburundi nabwo busubira inyuma

  • We Falcon, sinakubwiye ko ata na yagamukama waciyemwo? None i Karusi ni iwanyu mu Rwanda? Reka kumaramaza abarundi niba uriwe.

  • nahoyozandabona ataco azohindurakukonawe ashigikiye ubutegetsibwankurunziza

  • Naze Arakaza Arabe Ingene Umuvyeyi Wacu Nkurunziza Pierre Azigutwara Igihugu ,Ingene Agwanira Abarundi Agatako Akagomba Kubigura.None Iyaba Atadukunda Yokubiswe Kudeta Arihanze Yigihugu Akagaruka Mugihu?Buyoya Ko Bayimukubise Ntiyatinye Kugaruka Abanyagihugu Ntitwari Gupfa Twenyene Nawe Adibamwe Hanze.Ewe Nkurunziza Hangama Kungoma,ngo Na Museveni Yongeye Kwiha Ikiringo Ca5.None Amerika Kwitaja Muri Uganda Nomu Rwanda.Buyoya Yatwaye Imwaka Ingahe.Ko Amerika Itaje Kuraba Imwaka Buyaya Yatwaye Kwari Mwinshi.Bani Ki Moon Naze Arabe Ivyobinwamaraso Vyokuva 1961 ,Bidahaga Amaraso.

  • NDASHIMIRA UMUNYAMABANGA MUKURU WA ONI UKUNTU AKUNDA UBURUNDI N’ABARUNDI:NTAGOMBA KO AMARASO ASESEKA;NSAVYE ABATEGETSI B’UBURUMDI KO BOHUZA MUBIYAGO KUKO NGO"AGASOZI K’INTAHANUGWA KAHIYE ABAGABO BABONA .

  • batungwanayo tanzania muheza imodoka yibwe itariki mitpm qursj mkg sw nyih pour ebbsa do tanzaniar irinhard vours naeae. jokngw muheza que salu,m pries fpof edsanjyh

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.