IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagirizwa gutuka umukuru w’igihugu barungitswe mw’ibohero rya (...)

Abagirizwa gutuka umukuru w’igihugu barungitswe mw’ibohero rya Mpimba

mardi 14 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Umubabaro, ishavu, amarira, nivyo vyaranga abanyeshure n’imiryango y’imisore yafashwe ku munsi w’Imana, yagirzwa icaha co gutuka umukuru w’igihugu, inyuma yaho sentare ikukira Mairie ifatiye ingingo yo kubajana mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Abantu bane harimwo abanyeshure babiri baserukira abandi muri kaminuza y’Uburundi, nibo bajanywe mw’ibohero rikuru rya Mpimba bagirizwa icaha co gutuka umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza. Mu gatondo ko kuri uno wa kabiri, niho iyo misore itanu, yaja kwumvirizwa n’abacamanza muri sentare ikukira Mairie ya Bujumbura.

Abatari bake bakaba bagumye batangazwa n’ukungene abantu bari mu bibanza bitandukanye bokwagirizwa icaha kimwe co gutuka umukuru w’igihugu, kandi batanafatiwe mu kibanza kimwe. René Nshimirimana yiga muri kaminuza y’Uburundi mu mwaka wa kabiri akaba asanzwe ari n’icegera c’uwuserukira abanyeshure mu gisata c’ubutunzi, yafatiwe kw’ibarabara ryitiriwe UPRONA hafi y’ishirahamwe Econet, Nibizi Yohani Bosco nawe nyene asanzwe ari mu baserukira abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi nawe yafatiwe impande y’insamirizi Bonesha, aho bita kuri "Le Cayor". Uwugendesha imodoka "Taximan" nawe azwi kw’izina rya Ntidambanya Edo nawe yafashwe aje gushengerera. ariko abaza ico bariko bakubitira uwo bari bise ko ari umusuma. Uwundi azwi kw’izina rya Iradukunda Gad nawe yafatiwe impande y’inyubakwa leo, Olivier Niryumukama nawe akaba ariwe yagirijwe ko ari umusuma, bose bakaba bafashwe na komiseri ajejwe igiporisi mu gisagara ca Bujumbura.

Mu gihe rero bariko barumvirizwa n’abacamanza, abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi bakaba bari bashagaje imbere y’iyo sentare, n’inzandiko zitandukanye nka "Sezerera akarenganyo, amanyanga, amarementanya, n’ibindi. Baguma banaririmba indirimbo zitandukanye zivuga ziti : "Muze tubigwanye abasigaye ntibicwe n’agahinda, izindi bahayagiza abasanzwe babaserukira babafashije mu gihe bavuga bari bageramiwe, n’izindi nzandiko zavuga ko bashaka ubutungane n’ijambo.

Ariko rero uko hahera umwanya, niko igiporisi caguma ciyongera ku bwinshi, ariko abo banyeshure bikaba vyaboneka ko batari baje bafise imigambi yo guhangana n’igiporisi, mbere umwanya munini bawumara bicaye.

Ku muhingamo wo kuri uno wa kabiri, nk’igihe c’isaha icenda, niho Mbonimpa Petero Karaveri, umukuru w’ishirahamwe APRODH yamenyesha ko bane muri iyo misore bagomba barungikwe mw’ibohero rikuru rya mpimba, umwe muribo adakwiza imyaka 18 akaba ariwe yarekuwe gusa.
Mw’ishirahamwe APRODH bakaba batangaye cane mbere bakavuga ko ata kindi iryo pfungwa rigamije atari kwihora urwaruka rwo muri kaminuza y’Uburundi rwerekanye ko rudashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, mbere ko hoba hari ivyinyegeje inyuma.

Umwe mubaburanira urwo rwaruka, Dieudonné Bashirahishize, avuga ko iryo pfungwa ridakurikije amategeko ,kandi ko bapfunzwe bazira ubusa, agasigura ko ata vyagiriji vyari bihari ku vyerekeye ivyo bitutsi vyoba vyaratutswe umukuru w’igihugu, mbere ku bwiwe iyo dosiye akabona ko atakirimwo.

Tubamenyeshe ko sentare imaze gufata ingingo yo kubatwara mw’ibohero rikuru rya Mpimba, imiduga igenda yiruka cane y’igiporisi ariyo yagiye itwaye iyo misore, ababo bakaba batigeze babakubita ijisho, ba banyeshure nabo baciye bafata inzira ibasubiza muri kaminuza y’Uburundi ahaja gushikirizwa ijambo nyamukuru, igiporisi kikaba caciye kigenda kibakurikiye.


Floxella Karire

Messages

  • Bavyeyi namwe banyeshuri bagenzi namwe ncuti, ndabinginze twihangane kugira satani ntadutwar mu mosha mabi, ego turashavuye kandi cane, mugabo kandi twarinze menshi nubu twihangane igihe gisigaye ni gito tukikurako intwaro y’ubuja, tugatura urusyo twikoreye imyaka cumi, jewe ndafise icizere,kuko na kamaramaza kwama dufungigwa ubusa inkozi zikibi n’abicanyi bose buzuye bidegemvya. none nkabo bazoburana iki?

  • Nukuri Turagowe Wihungiye Ngwe Maman Uhunze Amahoro Mana Garukira Uburundi Nimba Twaracumuye Tugirire Ikigongwe Mana Uzob Ukoze

  • Amarira nagahinda ...amagorwa turimwo imyaka nimyaka ..Mana y,uburundi garukira kaminuza yigihugu ntajambo tukigira ndasavy e umuntu wese yitwa ko yaciye kuri izi kaminuza zacu arabe benewabo batonyi biwe amagorwa turi kugorwa agire umutima runtu ntimurabe ivya politique canke ibindi nukuri imigambi iriho niyo kugara kaminuza none karashize ingane hasigare kaminuza zabishoboye!!! None tuzoca tuja hhehe ga mwami wacu...

  • Amarira nagahinda ...amagorwa turimwo imyaka nimyaka ..Mana y,uburundi garukira kaminuza yigihugu ntajambo tukigira ndasavy e umuntu wese yitwa ko yaciye kuri izi kaminuza zacu arabe benewabo batonyi biwe amagorwa turi kugorwa agire umutima runtu ntimurabe ivya politique canke ibindi nukuri imigambi iriho niyo kugara kaminuza none karashize ingane hasigare kaminuza zabishoboye!!! None tuzoca tuja hhehe ga mwami wacu...

  • Sha aba DD iyobija hose bakwiye amasengesho kuko boba bararozwe. Ntivyumvikana ingene tuba mukuririra benewacu babanyeshure bapfiriye muri Kenyaa nabo bagaca baja mubacu bagapfunga. None mushaje muzosubirirwa nabande? Mwihende mubice niho muzomenya aboturibo.

  • Jewe ubu nabuze ayo ncira nayo mira. Reka turindire turabe ko amoko 2 ashize inguvu hamwe ko hari gishasha yotuzanira (Uprona Nditije na Fnl Rwasa) kumbure ngira ngo niho urukiza rw’abarundi ruri ni bagira Imana bagatorwa. Ikiboneka co nuko ivyo batubeshe ko umwansi w’umuhutu ari umututsi uw’umututsi nawe akaba umuhutu ari inzira yo gukingira no kuzuza India n’inyungu zabo gusa. Nico conyenene nshimira intwaro y’aba Cndd - Fdd. Iyo badatwara ntitwari kubona ko twahenzwe kuva kera. Uburundi n’ubwaba hutu n’abatutsi bisigura ko bose bategerezwa gushira inguvu hamwe mu kucubaka.

  • nukuri uko ni ukubura ico bakora,bagomba gusomborotsa abanyeshure.biragaragara ko abanyeshure ba kaminuza y’uburundi batabonwa ryiza n’abategetsi bamwe bamwe bo muri leta.

  • KOMERA CANE MWABANYESHURE NTIMUDEBUKIRWE UBURUNDI BWOSE BUBARINYUMA RWASA NA CHARLE NDITIJE BUCA BABASUBIZA ITEKA NINJAMBO UMUHUTU UMUTUTSI NUMUTWA TWESE TWARI TWARAHENZWE BURYA TWAMYE TUMARANA TURI BAMWE UBU UYE HARAGEZE KO TWESE TUVIRA HASI RIMWE KUGIRA PETER TUZOMWIYAMIRIZE NAKARWI KIWE KIBISUMA AKARENGANYO NUBWICANYI MAZE DUHE UBURUNDI UPRONA YA NDITIJE NA FNL YA RWASA AGATHON MURAKOZE KANDI MUKOMERE KWICNGA RYUGUSEZERERA AKARENGANYO KOMERA CANE MWABANYESHURE NTIMUDEBUKIRWE UBURUNDI BWOSE BUBARINYUMA RWASA NA CHARLE NDITIJE BUCA BABASUBIZA ITEKA NINJAMBO UMUHUTU UMUTUTSI NUMUTWA TWESE TWARI TWARAHENZWE BURYA TWAMYE TUMARANA TURI BAMWE UBU UYE HARAGEZE KO TWESE TUVIRA HASI RIMWE KUGIRA PETER TUZOMWIYAMIRIZE NAKARWI KIWE KIBISUMA AKARENGANYO NUBWICANYI MAZE DUHE UBURUNDI UPRONA YA NDITIJE NA FNL YA RWASA AGATHON MURAKOZE KANDI MUKOMERE KWICNGA RYUGUSEZERERA AKARENGANYO KA PETER.

  • uku nyene niko vyari bimeze muri 1994 mu Rwanda aho umuntu wese atari mu mugambwe wa havyarimana yicwagwa ku murango interahamwe zikabicisha en directe nka kurya bavuga match ya Vital’o na Flambeau de l’EST

  • Amakuru turiko turaronka nuko uko bagiye barabafata vyari ivyateguwe kuko muri bamwe bamwe bari kubutegetsi bafise intumbero imwe yo kuyugara burundu ngo e mama ntibashigikiye ikiringo ca 3 ga 3 ca piter nkurunziza ngo e mama igihe baja mwibarabara biyamiriza abishe ababikira binzira akarengane ......nukuri Imana yompa akaryo nagato nobakerera abo ba DD ...CANKE NKABABANBA KUMUSARA BARAGAHURA NICATWAYE KAINI

  • Mana yo mwijuru tabarigihugu cacu gikingire ivyago.

  • Kenya bicwe,Burundi bapfungwe kaminuza mwirabe kandi musenge cane murageramiwe!

  • ABAVUGA KO VYARI KUBA SAMEDI ,,NI ABADUSAMAZA KUBERA GUHARANIRA AGATEKA KAWE NTIBIRINDA UMUSI UBA UFISE UMWANYA,,,,UWUGUHOHOTERA ARARINDIRA SAMEDI URI LIBRE NTAGUKANDAMIRIZA AHO ASHATSE,,,NYIMBA ABARUNDI REELLEMENT TUBABAYE EJO NI MWIBARABARA,,,ABAVUGA NABO SAMEDI NIHO BABA BADAFISE AKAZI,,,MWEHO NI UKO MUGAFISE,,HARI IGIHE MWANSE KUGWANIRA AGATEKA KANYU NAKO KAZI MUZOBURA AHO MWOGAKORERA

    rero ,,,,,AKA KAMO TUZOKITABA AHO TURI HOOOSE TWIKURE IGITUGU CAKO KAGWI KAGIZWE NABANTU BATARENGA 10 BAPFUKAMYE IGIHUGU MUNDA BIGIRA IBIKOKO UKAMENGA NIBO BARUNDI BONYENE;;;;MES CHERS AMIS,, ON N’ A PAS DROIT A L’ECHEC,,,NOUS SOMMES MEMES PRETS A MOURIR POUR LA CAUSE DE LA DEMOCRATIE ,,, NTA WUPFA KABIRI,,, HAKUBA IMBWA OU UMUJA WOBA IMVA,,,,, EJO INCUNGU ZACU NDANDAYE NA RWAGASORE AKANYAMUNEZA KAZOBASYA,,,, BABONYE KO ABARUNDI IRAGI BADUSIGARANYE NAGUERE TUKIRIGWANIRA,,,,,,CERTES , ILS SONT MORTS PHYSIQUEMENT MAIS MORALEMENT ET IDEOLOGIQUEMENT ILS SONT IMMORTELS ,,,,,,NITEKA NTANGERE KANDI KUBONA ABAHUTU ,ABATUTSI TWESE TUVYUMVA KUMWE ,,,NIBAZE KO NABATWA EJO BAZOSIDUKANA NIYONKA,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,SINZOPFA NEMEYE KWITWA UMUJA

  • ABAVUGA KO VYARI KUBA SAMEDI ,,NI ABADUSAMAZA KUBERA GUHARANIRA AGATEKA KAWE NTIBIRINDA UMUSI UBA UFISE UMWANYA,,,,UWUGUHOHOTERA ARARINDIRA SAMEDI URI LIBRE NTAGUKANDAMIRIZA AHO ASHATSE,,,NYIMBA ABARUNDI REELLEMENT TUBABAYE EJO NI MWIBARABARA,,,ABAVUGA NABO SAMEDI NIHO BABA BADAFISE AKAZI,,,MWEHO NI UKO MUGAFISE,,HARI IGIHE MWANSE KUGWANIRA AGATEKA KANYU NAKO KAZI MUZOBURA AHO MWOGAKORERA

    rero ,,,,,AKA KAMO TUZOKITABA AHO TURI HOOOSE TWIKURE IGITUGU CAKO KAGWI KAGIZWE NABANTU BATARENGA 10 BAPFUKAMYE IGIHUGU MUNDA BIGIRA IBIKOKO UKAMENGA NIBO BARUNDI BONYENE;;;;MES CHERS AMIS,, ON N’ A PAS DROIT A L’ECHEC,,,NOUS SOMMES MEMES PRETS A MOURIR POUR LA CAUSE DE LA DEMOCRATIE ,,, NTA WUPFA KABIRI,,, HAKUBA IMBWA OU UMUJA WOBA IMVA,,,,, EJO INCUNGU ZACU NDANDAYE NA RWAGASORE AKANYAMUNEZA KAZOBASYA,,,, BABONYE KO ABARUNDI IRAGI BADUSIGARANYE NAGUERE TUKIRIGWANIRA,,,,,,CERTES , ILS SONT MORTS PHYSIQUEMENT MAIS MORALEMENT ET IDEOLOGIQUEMENT ILS SONT IMMORTELS ,,,,,,NITEKA NTANGERE KANDI KUBONA ABAHUTU ,ABATUTSI TWESE TUVYUMVA KUMWE ,,,NIBAZE KO NABATWA EJO BAZOSIDUKANA NIYONKA,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,SINZOPFA NEMEYE KWITWA UMUJA

  • mwiriwe bakundwa?
    je.mwisi ndumuntu,muto
    cyane,urebye uko abiki
    gihe,bifata.iwacu ni gas
    hikanwa muri ngozi ban
    yita Desire ubungubu n
    di murwanda kubwo gus
    hakishimibereho.ntabwo
    ndimpunzi.hoya, rero ib
    iwacu ndanenga cyane
    abiyitaga kobize cyank
    e.kobiga.munsubize.es
    mwiga gutuka umuyobo
    zitwatoye nkaho muta
    byawe nicitwa umubye
    yi ngo abahe uburere?
    abarangije mwize gusu
    zugura.ubaruta? bamwe
    mugihugu murisenya
    ngo murwanya ubayobo
    ra. abandi mwishaka,ri
    ri kubuyobozi murisen
    ya ngomurwanya umuyo
    bozi wigihugu.ibyobyos
    e.nipolitiki.ikinwa nabi
    ngo mushaka kwumvika
    nisha biracika iburundi
    mubindi bihugu byohan
    ze.inama.bihugumwikwi
    vanga.kubyumugambi w
    a,shetani urigu korwa
    nikeba ryabanyepoliti
    ki,biburundi.ahubwomu
    shishoze. igikwiye.Ye
    su.komeza phita naba
    rundi ,umwanzuro.abo
    bakeba ntarukundo at
    a.rindagusa ntakindi
    nje ndakund uwo nato
    ye kubwaYESU.ugena
    byose.

  • KARASHIZE INGANI UMUNTU NTABE AGISHIKIRIZA AHO AHAGAZE? MANA GARURA ABO BATAMA BAHINDUKE.

  • Ivyo bizohera vuba.mbega abo bahungu umukuru w’igihugu bomutuka bamushakakwiki ? abo baryamanza baragowe sindakubesha .none nibo bahawe mission yo kuzirya niziri mumagi bazohava barya nurura rwabo .nibakoreshe ubwenge bahawe n’IMANA bareke gukorshwa nizombura mitima

  • CHERS HONORABLES POILISSIMES,,,,NTIMURONDERE INYISHU AHANDI EJO INKOKO IBE YO NGOMA MWIBARABARA TWESE KUGIRA TWIKUREKO IYO NTWARO YAKAGAYE YAGAHOTORO IKORA IBIBI VYOSE,,,, NIYO VOIE DE RECOURS ULTIME DUSIGARANYA NAHO NITWEMERA GUPFA TURIMBWA DUHONYANGWA MU GAKANU,,,,,,IWIGIZE IGITEBO BAMUYOZA UMWAVU WO MU KABINI NAHO NYENE KA RUGURU,,, ,,, IYO MPIMPBA BISHIMAKO BASHAKA KUDUHEREZAYO TWESE ,,,,NIVYABA NGOMBWA TUZOJA KUYISITURA ABANYORORO BOOSE BAVEYO ,,,TUCE TUYISANURA NEZA KUKO IRANASHAJE TUNAYAGURE KUKO NIHO ABA DD BA PETER BORONKA AHO BAKWIGA

  • Ababishoboye nukuza mwambaye impuzu zera canke zifise ibara ryera hamwe n’ibitambara vyera canke inkofero zera tukaja kwiyamiriza tout geste anti-democratique politique au Burundi. Isango ni chaque «Mercredi-Blanc» gushika amatora aheze, avec ou sans Nkurunziza. Uko tuzoba tungana kwose tuzoseruka, n’est-ce pas que c’est petit a petit que l’oiseau fait son nid?... Duharanire amatora ashimikiye kuri democratie uko vyanditse mw’Ibirizwa shingiro ryavuye mu masezerano y’i Arusha. Ibiringo rero ni bibiri gusa kuko Gouvernements z’abategetsi b’u Burundi ziruha vuba cane, hanyuma zigatangura gupfunga no kwica abantu sans raison valable nk’abo bose mwumva. Tuje mw’ibarabara tudatukana évidemment, dusabe amatora présidentielles justes, transparentes et équitables pour Tous. Nta kundi Uburundi buzokwogorora. None ko batanguye gupfunga hatarashika amatora, mwumva mu myaka itanu bipfuza kwiyongeza izohera abamaze gupfa, gupfungwa, guhunga, kwirukanwa mu buzi bangana gute? Ego namwe nimugisubize!... Il n’y a que la democratie responsable et durable qui sortira du Burundi et sa Nation de la misere qui nous gangrene, sinon duhona twese!

  • abobanyenzara bava ruguru kobajekwiga ninde,yabatumye poritik?abantu batazi,nokwambara urugero jendi umukoneseri wamashati arik,ntibazigutandukanya amajipo namashati hanyu ngo iyvigihugu nibafunge imihimbiri mbebaruta abandi biga kuzindikaminuza zigenga barasara

  • @rubenga et emma
    reka kuturiza,mbega dawe ga namwe abatutsi hari amagogwa n’amarira muzi,jewe ndayazi abakomagu basamiye umwana w’umugenzi wanje kuri baionnette,uwundi nawe bamucumita baionnette ahetse umwana batobekeranya na nyina ninyegeje ahantu,uwundi bazibura se mu mutima baca batega umwana wa 2 ans munsi yase apfa ari ettoufé n’amaraso ya se,sha ibihutu bibakurikira ntidushakako bidusubiza mu rivyo,twotuma tubiheba ntaco vyoba bitumariye nibipfe vyonyene,mbe aho bituka perezida ni kubera iki,ni uko ari mwenewabo kandi bazi neza ko yitonda atica,nimuhimbe neza,malgré tout ça turabayeho kandi dutegerezwa kubandanya tubaho,mwaratwiciye ubuzima ariko ntaco imana ni bukebuke,muzovyishura,kandi ntaco muzosubira kudukangisha!!!

  • @nankakavuyo
    uri ikirofa,mu mutwe ni vide abanyamuji uvuga bafise ivyo barya nibande?Ntumbwire abo ikiriri,rohero n’ayandi ma quartiers y’abategetsi,abo si abanyamuji ,bavuye ruguru baje kwiga ahonyene kuri yo université nibo baramutswa igihugu,abanyamuji en soient ntimwigeze mutwara,benshi mutunzwe no kurya ibigali bingana imisozi yose mubikoza urudagara rumwe ruri mu mazi n’umunyu uca ururrimi.Ivy’igihugu na politique ntimushobora kubibarusha kuko baravyiga,mwebwe nugusuka ibihwa vy’amafi imbere y’imiryango ,abo baravyumva kukurusha le connaisseur w’amashati,

  • Yemwe mwabana mwe c mwubaha inzego kuko umuntu nk’umukuru wigihugu aruwo kwubahwa erega mututse président muba mututse twebwe twamutoye, ba mugira indero.

  • Ariko jewe ndabaza aba bantu bafashe aba bana, mbega umukuru w’igihugu bamutuka gute? Ntushobora kumushikira ngo umutuke canke umubwire nabi kuko ntiwohakura inkoba zose, umututse atumva naho conke windondovye uba witutse. None bamutukiye hehe, vyagenze gute? none ubu mwibaza ko abarundi bose bamuhezagira? Kugira uhezagire umuntu bivana nico yagukoreye, no kumutuka bivana nico yagukoreye. Peter ntagira igitutsi kweli.

  • Ewe GAHINZI ICO UVUZE N’ICUKURI. PETER NTA GITUTSI AGIRA KUKO NTIWOMUTUKA NGO ARAKABURA IJAMBO ASANZWE ATARYO AGIRA, NTIWOMUTUKA NGO URAKABA UMUGABO NIRYO KUKO N’UBUNDI NI NIRYO;

  • abatutsi, abahutu, abatwa twese hamwe muze twikureko intwaro y’agacinyizo ntibasubire kuduhenda baducamwo ivyamoko twes twaratahuy ko tur bamw tuva kumana imw abo ba dd bazoruka amaraso yabarundi bariko baranwa iherezo ryabo bazita mumuriro abandi bimanike kumugozi abandi bicw nabi iko nabo bish abatavuga kimw nabo petero nkurunziza nabamuyoboka umuriro wanyu uriko uracanwa muzotwengera muriwo natw tubemerey kuzobenyegez kugira mwake neza muhere

  • turarushe yemwe kuri ako gasuzuguro kabantu bamwe bamwe begereye umukuru wigihugu!kubona agomba kurenga constitution;accord arusha yiyibagije inganda zabanje gutikira muko ayo masezerano aboneka!barundu barundikazi nukuri twanke twivuye inyumaa ako gasuzugurro kumuntu umwe gusa! TURIYAMIRIJE IKIRINGO CA 3!!!!

  • turarushe yemwe kuri ako gasuzuguro kabantu bamwe bamwe begereye umukuru wigihugu!kubona agomba kurenga constitution;accord arusha yiyibagije inganda zabanje gutikira muko ayo masezerano aboneka!barundu barundikazi nukuri twanke twivuye inyumaa ako gasuzugurro kumuntu umwe gusa! TURIYAMIRIJE IKIRINGO CA 3!!!!

  • Uyu mugambwe uzova kubutegetsi nk’imbwa yirukanwe Na shebuja kuko irya inkoko zabandi. Nkurunziza adaciwe umutwe nabayoboke biwe hazona arahImana. Ikintu code ukorera mugenzawe nico nawe uzokorerwa

  • Dusanzwe tuzi ko igitutsi kidatumwa. Ubwo rero ni ukuraba neza ababwiye umukuru w’igihugu ko yatutwe. Nibo bamututse nimba atumvise abo banyeshure bavyivugira. Hari umwe muri aba batware aherutse kuvuga ngo: "Iyo tuba tukiri mwishamba......" None burya baravuye mwishamba? Ubu barihe? Je mbona ahubwo bavuye mwishamba umubiri mugabo ivyiyumviro, imitima, n’inmyifato yabo biracari mwishamba. Fata akarorero: mw’ishamba, nta butungane buriyo. Akaruta akandi niko kakamira. Ehee nivyo vyagarutse mu bantu no mu bisagara. Uwufise imbarag niw ashinga amategeko kandi akayarenga atangorane. Umuntu abonwa ko ari muto ntavuga kuko aba atukanye. Should we live by abiding the rule of "Only the stronger to survive?" Ooooooh Poor Burundi! Mugabo ndigaruye "Nta mvura idahita." Mbona harimwo bamwe muribo batanguye gushishwa ni vyo bakora. Ivyo nivyo Karosi arota.

  • @vuganeza nyakuvuga neza utogoza nyoko mbe abo bahutu umvugira uribaza ko wewe ubasuvya umbwege???bwokubona ibintu??wakigugu we ngenda ureshe nyoko ureke ivyabahutu ni vyabatutsi kandi wewe uriko uhindagura amazina kuru rubuga wigisha amacakubiri urumuntu umwe twamaze kuku menya uri willy nyamitwe rero Nyamitwe ndakubarire aho ubona amacakubiri yoba harico wokuguka kisumba icufise ubu??abarundi bafatanye munda??tubwire ico uzuguka kireze komosa abahutu tukuje inyuma (Nyamitwe=ndamuke mpemuke))

  • @nwari
    Nimba mfise amacakubiri ndamaze,wewe bandanya ubumwe bwawe nimba hari ico bwakumariye,wabonye ndiko ndabavugira,?Hari itangazo wabonye ndabararika,wewe niwe bibabaza ndabivuze et je m’en foue,abahutu n’abatutsi nico kibazo kihari kandi wew n’abandi benshi ntimushobora kubitwibagiza ntibikunda,nyamitwe nimba afise umututsikazi,première nouvelle! nuko ata vy’amoko acibuka ntageza kuronka ico abivuzeko,ikindi womenya sinirigwa ndabaresha,ivyo bitwara umwanya !!
    Nwari nwari,birakugoye,mwamaze kumenya kuri uru rubuga!Mwe nande?Allezvous faire foutre!!!

  • iBIGWARUDUBI VYO BIRAGWIRIYE NGAHA MU BURUNDI,MURI ABA BASERUYE IVYIYUMVIRO NTA N’UMWE UGERARAGEZA GUTORERA INYISHU C’ABAHEZANGUNI,UHEREYE KURI NYAMITWE N’ABANDI NKA WE BABA DD,IKIBARAJE ISHINGA ARI INYOTA Y’UBUTEGETSI GUSA ,ITARAMBERE NTUBABAZE,....NI AKAMARAMAZ KUBONA ECONOMIE Y’IGIHUGU IRI KU RUGERO RW’AHO URWANDA RWARI RURI NYUMA YA GÉNOCIDE YABATUTSI YO MURI 94;NONE UWOKUBWIRA KO WAMUHOMBEJE UFISE BILAN NÉGATIF NYUMA Y’IMYAKA 10,URONGOYE UNE ENTREPRISE WOKWIDOGA NGO BAKURENGEYE AKARIMBI,UBWICANYI ,UBUSAHUZI BW’UBUTUNZI BW’IGIHUGU,ITERABWOBA KUBA OPPOSANTS N’ABA FRONDEURS ,VYIRIRWA BIKORWA ATAWAMIRA KOKO?AHA SINIBAGIYE ABIRIRWA BATUKA ANYAMAHANGA BAGIRA ICO BASHIKIRIJE MU NTUMBERO YO GUFASHA ,BIRIRWA BATUKWA ,NGO E EH MAMA ,"Ntibazi n’aho Ubundi buherereye":BIRABABAJE:UWO MUNYAKUBAHWA Petero NKURUNZIZA,NJE MBONA YARANANIWE KWERI ,NAHIREZE AGAKONI ABANDI KUKO NIWE MUTIMA AKAVUYO N’URUHAGARA BIRI MU GIHUGU;Nous les BARUNDAIS ,IL nous faut une nouvelle équipe,un nouveau moteur;ABITWAZA AMACAKUBIRI AFATIYE KU MOKO BO IMINSI YABO NI MIRONGO 40,ITARENGA NTIRENGUKE ,IZA GUHERANA N’INTAGONDWA Z’AKAGWI KARI KU BUTEGETSI ,GAPFUKAMYE MU NDA ISINZI Y’ABARUNDI.

  • Mwabantu mwe bo mugisagara ca bujumbura nimuhimbe muhishe kuko ivyo mwita Democratie ntimuzi iyo yavuye??Mbega aho BIKOMAGU yasohora ama Blindes akaja kurasa aho Democratie iryamye akgenda anayitwaye abanje kuyica umutwe ni bande bafashe iyambere mukuyigarukana????uciye ubwenge azonyishure,Ubu rero mwabonye ko Bibagiye kubaturira mumapine,mwabonye ko muatakiri amaboro,mwabonye ko bayibagarukaniye none ngo mushaka ibindi mutazi iyo vyazananye???mwibuke ko ari intare ziyorobetse mu ntama kandi ntaho bagiye ababikora.uwitwa NZEYIMANA Joseph niwe yavuga ko abahutu bazobumba nabo bamena mwibazako abo yasize canke ivyo vyiyumviro vyiwe haraho vyagiye???ikibabaje n’abahutu bakurikira ivyo batazi.
    <<INYENZI YISEMA YIKWEZE KU MURUNDI WISAKE >>>

  • birababaje kumva urwaruka rwuburundi rusigaye rupfugwa ruzira ubusa tukaba dusaba amakungu ko yohaguruka ikarwanya idyorenganyo

  • MWEBWE NARABABWIYE AKO NAGAKOKO KAKIBARIMWO MWABANYESHURIMWE....!!!!! NTIMURI NA BA POILISSIME DEJA....!!!!GENDA URABE ABANDI NKUBU MWIRIWE MWICAYE HARYA ABANDI SYLLABUS BAZIREMBEJE NGO MUGIYE KURABA ABAFASHWE....EWE MUKAMA WANJE...BIRABABAJE KWELI SINOGUHENDA.REKA MUBANZE MWIGE NAYUBUNDI ABO BABATUMA NTANUMWE AFISE UMWANA MURI UNUVERSITE DU BURUNDI...BARYA BOSE ABANA BABO BIGA MURI PRIVE MWA BUJUJU MWE!
    KANDI MUBANDANIJE MUGIRA IYO NYIFATO NIVYO MWARI MUFISE MUZOBIBURA.
    AKARORERO MURABAZA BAMWE BAKUBITIRA MU CIBITOKE BAZOBACIRA AGACE.!!!!!

  • mbeganikuki ubutungane bwuburundi umengo ntangingo bwofata butategetswe nakagwi kamwempoze.bamenyeko iman’iguh’igorofa ikuraririj’akaruri!

  • Igifis intango kigira n iherezo. ibikomeye IMANA izovyorosha. ntimugasabir abansi bany ibihano kuk Iman ibihindur umugisha, ariko nimwabahezagira muzoba mubokoreyeko amakara yak umuriro. mpore cane bene wacu IMANA irumv amarira yacu. ego simbabesha.

  • @titi
    ntidushobora kuvira hasi rimwe kuko ayo moko wadondaguye ntituri bamwe,kiretse abahutu n’abatwa turi bamwe,abatwa ni sous famille y’abahutu yahisemwo kubaho d’une autre façon,raba meme le physique nta tandukaniro ririho,raba honorable liberate ni umutwakazi kandi ntaho atandukaniye n’abandi bahudukazi,nyabuna abatwa nukubafata neza ni bene wacu,ivyo uvuga ubifitiye akarorero,umututsi wabonye yiyahuye yishe umuhutu kuva ashitse i burundi ni nde,kumbura muhaguruke mureke guhendwa ngo aba dd barica ngo bazovyishura ,na shetani uburundi bwacu irabutinya yasanze hari inkozi z’ikibi kuyiruta,izo nazo ni abatutsi ,na luciferi ibumvise iriruka,imana yo ntuvuge ubu bayitatse itungwa nayo yameze ,uravuze ,ni twebwe twobitega imana na shetani vyose bibahunga eka da!!ja hamwe na bo wewe!!!

  • Imana niyo yogutabara igihugu cacu!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.