IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bimwe mu bisabwa abarongoye ibihugu vya EAC

Bimwe mu bisabwa abarongoye ibihugu vya EAC

samedi 30 Rusama 2015

Mu gihe hari inama buca ikorana mu gihugu ca Tanzaniya ku birabana n’Uburundi, bamwe mu barongoye amashirahamwe yiyamiriza ikiringo ca gatatuc’umukuru w’igihugu, basaba abarongoye ibihugu vyo mu karere ka EAC, kugondoza Petero Nkurunziza agaheba ico kiringo.

Mu kiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru, Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME asaba abakuru b’ibihugu buca bakoranira i Dar es Salaam ko bohanura mugenzi wabo Petero Nkurunziza, agaheba kwitoza ubugira gatatu, kandi n’amatora akegezwa inyuma.

Gabriel Rufyiri avuga ko bamwe mu bafasha Uburundi bahagaritse vy’agateganyo imfashanyo, mpaka umurwi CENI utunganije neza amatora. Abandanya avuga ko aho gukurikiza impanuro z’abasanzwe bafasha yaba abo mu makungu canke abo mu gihugu, umukuru w’igihugu yaciye atera umukono kw’itegeko 100/160 ryo ku wa 21 Rusama, ryegeranya amafaranga anagana n’imiriyaridi 44 z’amafaranga y’amarundi, mu gutegura amatora.

Nk’uko iryo shirahamwe ribivuga, imigambwe imwe imwe yoba icuditse na CNDD FDD niyo iboneka ku rubuga, mu kwitegurira amatora. Umugambwe CNDD FDD ukagirizwa kandi ko, uriko ukora ibishoboka vyose, kugira usigare ku rubuga wonyene, mu kwitegurira amatora yo muri uyu mwaka w’2015. Iryo shirahamwe rikaba risaba umurwi CENI na Reta y’Uburundi, gutegura ibiganiro n’aberwa n’amatora bose, kugira amatora meza, ategurwe mu gihugu.


Aristide Nizigire

Messages

  • Bareke bigugumizeko ivyo bavuga ko bakoze mumyaka cumi bizohohomvoka umisi mike bibaza ngo abarundi ivyo bari batunze,kwri kuzirabaraba ntibazi kuzikoresha?barahumba.

  • birarenze urupimo,budget yateguriw ibikorwavvy’igihugu : kuvura,kurimakorora,kwigisha,uburaro ,none raba habaye ikosa ryama riba mu ma budget previsionnels yo mu gihugu ariryo"MAUVAiSE AFFECTATION Budgetaire" Ubuho ni Detournement de toute activite econimique pour le pays vers la pilitisation sans issus d’un peuple.c’est domage kotugiye kwikorera ibiroro vyamznoti tugiy kugura juste un kg de sucre,!

  • Nubwambere uwo mugabo ahejeje iciyumviro ciwe adatukanye amasiha... IMana imufashe abandanye urwo rupfasoni

  • Haha!turabwigwa ntitwunva.uraba birenge niw’ubarigwa

  • Ko nta na rimwe ndabona icifuzo canje mwafisize ku rubuga???

  • ngira uwo mugabo kwavuganye urufpasoni bigiye guhera ha niryambere!!

  • iyo uteye ibuye mubantu beshi uwukomye induru niwe ribariguyeko wewe wumvaka rufyiri atukana nuko abagukoze mugisebe cubunyonyezi nubwicanyi. rufyiri urintwari komerakurugamb gwiza mwatanguje

  • gasanga,atarekura peteromurozi,tuzomumesa.amesaabandi.sawa.mumugandoze,kugirangodutora amahoro.pita,pita,pita,hebaimanairakubona

  • uwoavugakobakubitarufyiri.numusazi.ahubwogendaumukorekowamuhinbiri

  • kugira abe amatora yizewe vyiza yokwitabwa nabose mugihugu cose atanumw akumiriwe no mugisangara ca buja bisigurako bobanza bakayigiza inyuma hakaba nibiganiro bikomeye

  • hamwe atoba yitavye azico yiyagiriza..vyiza yagenda..guko iyonama yerekeye nyene niwayayitumye ikorana.murakoze

  • emwe uyo mugbo petero yananiye abarundi reka turabe kwananira amakungu nayo.

  • Peter mumureke yitoze nkuko mumwiyaniriza natsidwa sawa natorwa ntakibuza atabandanya icombona reka amatora yonyene akore icayo mureke kwimena umutwe nkumwana muto ok

  • peter nareke abarundi babeho mumahoro burya nimba arumusezi wukuri yoreka abandi bakabaho mumahoro iy’mana kuko nkuko umuryango wiwe utekanye iconobona nuko amatora yohagarikwa amahoro mpaka abonetse kuko uburundi ntamahoro ariho nagato ndasaba imana ifashe abarundi ibahe ubuzima bwiza tufashanywe kusabira uburundi

  • peter nareke abarundi babeho mumahoro burya nimba arumusezi wukuri yoreka abandi bakabaho mumahoro iy’mana kuko nkuko umuryango wiwe utekanye iconobona nuko amatora yohagarikwa amahoro mpaka abonetse kuko uburundi ntamahoro ariho nagato ndasaba imana ifashe abarundi ibahe ubuzima bwiza tufashanywe kusabira uburundi

  • Gikuru abo ba prezida bibihugu vya Afrika y ubuseruko nibakora nk abagabo bafate ingingo kuko kubwa peter nkurumbi ntabwo yemera kureka kwitoza kuko arazi ico yiyagiriza yakoze so kananira abagabo ntiyimye arahumba nth

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.