IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Brésil : Igiterwa c’ipampa kigira gitezwe imbere mu Burundi

Brésil : Igiterwa c’ipampa kigira gitezwe imbere mu Burundi

vendredi 13 Kigarama 2013

Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu Laurent Kavakure yakiriye umurwi ugizwe n’abahinga bava mu gihugu ca Bresile, aho abo bashitsi bari mu rugendo rwo gukomeza ubucuti hagati y’ Uburundi n’igihugu ca Bresile.

Mu minsi abo bahinga baje bava mu gihugu ca Bresile bamaze mu Burundi, bakaba bamaze kugendera COGERCO ishirahamwe risanzwe rihingura ipampa, n’ibindi bibanza bitandukanye vy’igihugu. Babariye Kavakure, umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu ko igihugu ca Bresil gifise imigambi yo guteza imbere igiterwa c’ipapampa, mu karere k’Afrika y’Ubuseruko.

Kavakure rero akaba yashimiye abo bahinga mu vyo guteza imbere igiterwa c’ipampa mu rugendo bariko baragira mu Burundi, ndetse aca amenyesha ko Uburundi buriko bwaguye imigenderanire hagati yabwo n’igihugu ca Bresil. Umushikiranganji akaba abandanya amenyesha ko itezwa imbere ry’ipampa mu Burundi, rizotuma ihinguriro ry’impuzu COTEBU rizoca ritangura gusohora impuzu nziza, kandi impuzu z’agaciro.

Igihugu ca Bresile kikaba kitipfuza guteza imbere igiterwa c’ipampa mu Burundi gusa, kuko cipfuza no guteza imbere igiterwa nk’imyumbati, na cane cane ko ico giterwa gifasha cane abarundi mu mfungurwa mbumbarugo.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.