IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Bubanza: abantu 20 barishwe mu mezi atatu aheze

Bubanza: abantu 20 barishwe mu mezi atatu aheze

vendredi 14 Kigarama 2012

Icegeranyo cashizwe ahabona n’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka kivuga ko abantu 20 bishwe mu mezi atatu ahezemu ntara ya Bubanza.
Abadomwako urutoke ni imigwi y’abagwanyi, abapolisi n’abasuma bitwaje ibirwanisho.

Ligue Iteka imenyesha ko abantu 20 aribo bishwe mu mezi atatu aheze mu ntara ya Bubanza, abandi 7 barakomeretse, 2 barahohoterwa, 18 barafungwa bidaciye mu mategeko. Ngo hari n’abakenyezi barenga 20 bafashwe ku nguvu n’abantu batamenyekanye.

Ishirahamwe Ligue Iteka rivuga ko abakoze ayo mabi harimwo abapolisi b’igihugu,imigwi y’abagwanyi iva mw’ishamba cimeza rya Rukoko, abasuma bitwaje inkoho hamwe n’urwaruka rw’Imbonerakure zegamiye umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi.

Ico cegeranyo cashizwe ahabona kuri uyu wa kane italike 23 Munyonyo 2012. Ivyo ngo ni ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu rikomeye kuko bihitana ubuzima bw’umuntu.
Abakorewe ayo mabi ngo benshi bari mu migambwe itavugarumwe na Reta. Amakomine aza ubwambere yasinzikaye cane, ico cegeranyo kivuga ko ari Rugazi, Gihanga na Musigati. Ligue Iteka rikavuga ko benshi mu bagirizwa batahanwe, ngo bakingiwe ikibaba.


Bonesha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.