IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bubanza: Umuntu umwe yarishwe mu gitero c’abantu bitwaje ibirwanisho

Bubanza: Umuntu umwe yarishwe mu gitero c’abantu bitwaje ibirwanisho

lundi 7 Nyakanga 2015

Umuntu umwe niwe yishwe arashwe n’abasirikare,inyuma y’igitero cabaye mw’ijoro ryo kuw’Imana igenekerezo rya 6 Nyakanga 2015,ahitwa i Buringa,muri komine ya Gihanga mu ntara ya Bubanza.

Amakuru ava ngaho i Buringa,hafi y’ikibuga c’indege mpuzamakungu c’i Bujumbura,ico gitero cabereye kw’ibarabara rya Bujumbura Cibitoki,ku kirindiro c’abasirikare no ku yandi mamodoka yaca kuri iryo barabara.

Ayo makuru nyene amenyesha ko abasirikare bishe umuntu ashobora kuba yari muri uwo murwi,kandi ko ikirwanisho yari afise naco nyene cafashwe n’abasirikare b’igihugu.Gushika ubu abanyagihugu baho i Buringa bavuga ko batazi ko coba cari igitero categuwe gukorerwa abasirikare canke ari ubusuma busanzwe.

Mwomenya ko muri iyo ntara ya Bubanza,hari haheze iminsi hari abantu banyuruza abanyagihugu,kugira babasubize bagategerezwa gutanga amafaranga.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.