IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bugabira : Abadasigana bagiriza Imbonerakure kubaturirira amazu

Bugabira : Abadasigana bagiriza Imbonerakure kubaturirira amazu

dimanche 17 Myandagaro 2014

Amazu atanu niyo yaraye aturiwe ku musozi Gaturanda komine Bugabira iri mu ntara ya Kirundo. Ako kabi kabishe kakaba koba gafitaniye isano n’ukutihanganirana mu vya poritike, aho abo bahuye nivyo vyago bavyegeka ku banywanyi b’umugambwe CNDD-FDD.

Mw’ijoro ryo ku wa gatandatu rishira umunsi w’ Imana, amazu atanu yo ku musozi Gaturanda komine Bugabira intara ya kirundo, yaraturiwe n’abagizi ba nabi nk’ igihe c’isaha indwi z’ijoro. Izo nzu zaturiwe akaba ari iza abanywanyi b’umugambwe UPRONA aho mu Bugabira. Ba nyene guturirirwa izo nzu bakeka ko ako kabi kabishe koba kakozwe n’Imbonerakure CNDD-FDD, bari banasanzwe bafitanuye urubanza rw’aho bahohotewe. Abo badasigana bakaba ataco bashoboye gukiza mu vyari muri izo nzu zabo.

Tubamenyeshe ko Imana yakinze ata n’umwe yahasize ubuzima. Muri iyo komine ya Bugabira, amakuru tuhakura akavuga ko uretse ukwo guturira amazu y’abo badasigana ba UPRONA hari n’ibendera ry’uwo muagambwe ryaranduwe.


Floxella Karire

Messages

  • akatarets kaba gasema abo ba dd umusi bavuy kubutegetsi bamw bazorwa kwashi abandi akabonge abandi bimanik kukagozi abandi binjir mpimba abandi bomok bahung igihu nibindi.uwoshaka yoca bugufi kuko ntamvura idahita kandi inkoko yabika cank ikabireka amaherezo buraca.

  • Mwenbwe iyo mwiryaniye mungo zanyu muca muvyegeka kumbonerakure?ejo niwarwana numugore muzoca muvuga ngo yari amakofe yimbonerakure nubwo tutazibona!!!abaporona murasara muri n’ibijuju

  • Hhewe. Mbega abaporona bishe bakiba imyaka 40 kobarahunga canke ngo bakorerwe ivyovyose uriko wipfuriza mukurota kumurango wipfuriza cndd fdd mbega ba Leonse bamaze imyaka. Irenga 10 ko bataricwa nanyagahinda mugabo ndaguye ndagarutse karabishe nikurya nyene kukumbuye kubona umukuru wigihugu aterwa amazira ntoke nawe uvuga ngwabanyamigambwe barabamaze weho wasigaye gute nubu ndabisubiremwo nikurya nyakubahwa yarivumereye uwo wese azokwiyumvira intambara izoheriwe iherere iwe nawe ndumva ko washishwe uratangura nimurusizi twararahiye ntamaraso yabarundi azosubira guseseka

  • IVYO NTAWOBIJAKO TURAZINANYI ABA DD NABO NTAMABI BATABEGEKAKO HARI UBUBESHI NKUBWO BWUZUYE MUBANTU BAMWE BAMWE ARICO KIGWANISHO BASIGARANYE IYO NIMITWE KU RUHORORO IBITOKE VY UMUPORONA NTIVYATEMWE N ABA PORONA NIBINDI VYAHABAYE MUTAYOBEWE ARUKUGIRA BAMWE BAMWE BAKWEGE AKAJAGARI REKA SHA NIMUREKE.

  • Vraiment Imana aho iri irihangana,mbega abantu batagira ubuntu?Uwakoze ivyo akwiye guhanwa uwariwe wese, uko yoba ari kose.

  • ariko abaporona bo mu kirundo turiyemera twituririye amazu none ikinyoma cafashe

  • Ivyo vyose ntagitangaje kirimwo uyo nyakwubahwa yavuze ngo intambara ahizotangurira niho izoherera araraba neza! iyo MANA abeshera izomugaragaza. araba yibuka ikibondo kirihano.

  • Uwo nawe yiyita NDIHO hahahahaa abantu bapfuye bishwe niyintwaroya Nkurunziza barenze abapfuye kuba polona wewe umunsi nawe baguhindukiriye numuryango wawe niho uzobibonaurazi ibihangange vyari mwuwo mugambwe muga vyomowe ibindi biricwa!! Wewe urimuto utora udukorotse muga nuko uzohava uzira utwonyene dutuma uta amapfa

  • Nibaturire nibabura izabaporana baturira bazoturira izabanyina. Barishe abatutsi baratongora none ubu birara mubahutu. Umwicanyi ntagira ubwoko canke umugambwe. Abura uwo yica akica uwiwe !!!

  • MU KIRUNDO DUFISE INGORANE NYINSHI TWARI DUKWIYE KUVA MU VY IMISHWAN TUKARONDERA INGENE TUBAHO IBINDI NI IMIKINO YA POLITIKE ITADUFASHA NAMBA..BA NYA KIRUNDO MUZE TWIGIRE INYUMA YA MINANI WACU AZOTURWANAKO MW ITERAMBERE NONE GIHAHE NA MINANI NA NDITIJE MUTORA NDE ..????TURABE INYUNGU ZACU ZITUGOTWE MURI GIHUTU NA GITUTSI,,,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.