IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bugarama : Abantu babiri basize ubuzima mw’isanganya ry’imodoka

Bugarama : Abantu babiri basize ubuzima mw’isanganya ry’imodoka

dimanche 21 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu babiri bitavye Imana, abandi cumi n’umwe barakomereka mw’isanganya ry’imodoka ryabereye muri zone Bugarama, intara ya Muramvya.

Imodoka yo mu bwoko bwa Hiace yari mw’ibarabara rija mu Bukirasazi, mu ntara ya Gitega, yataye ibarabara, ica iratembagara. Ababonye iryo sanganya bavuga ko ryoba ryavuye ku muvuduko munini iyo modoka yunguruza abantu yarimwo.

Abantu babiri baciye bahasiga ubuzima, abandi cumi n’umwe barakomereka, bakaba bariko bavurirwa ku bitaro bikuru vy’i Muramvya.

Iryo sanganya ryabaye kuri uwu w’Imana rije rikurikira ayandi atatu yabaye kuri uwu wa gatanu, hafi y’aho iry’uwu munsi ryabereye. Muri ayo masanganya atatu y’ubwa mbere, abantu babiri nibo bapfuye, abandi cumi barakomereka.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.