IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura : Umwana umwe yapfuye, abantu 32 bakomeretswa n’amagerenade 6 (...)

Bujumbura : Umwana umwe yapfuye, abantu 32 bakomeretswa n’amagerenade 6 yatewe

lundi 15 Ruhuhuma 2016, par egide

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko muma gerenade atandatu yatewe kuva isaha zibiri z’agatondo muri zone za Rohero, Buyenzi, na Ngagara, umwana umwe w’imyaka 11 ariwe yahasize ubuzima, abantu 32 barakomereka.

Nk’uko tubibwirwa na OP1 Pierre NKURIKIYE, ivyabaye mu gisagara ca Bujumbura ahatewe amagerenade kuri uwu wa mbere bifatwa nk’ibikorwa vy’iterabwoba.

Mu giporisi bavuga ko umwe mubakoze ivyo bikorwa vy’iterabwoba yafashwe, hamwe n’ipikipiki n’imodoka imwe vyafashwe.

JPEG - 85.9 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Abantu bakomerekeye mu bitero vya gerenade vyabereye kuri station y’igitoro ya Interpetrole iri hafi ya Hotel NOVOTEL, imbere y’ikibanza citiriwe ukwikukira. Abandi bakaba bakomerekeye muri zone Buyenzi, bakomerekejwe na Gerenade nyene yatewe imbere y’ishami ry’ibanki BCB aho nyene mu Buyenzi, hakaba n’iyatewe mu Ngagara muri karitiye ya gatanu. Izindi gerenade zibiri zatewe imwe kw’isoko kwa Siyoni, hamwe n’iyindi mu kibanza badandarizamwo amashurwe mu gisagara ca Bujumbura (Maison Fleurie), imbere y’ishure rya Athenée Primaire.

Abari kuri station y’ibitoro ya Interpetrole bavuga ko babonye ikintu gitembagara kiri mu kamwanya, baca bumva kiraturitse.
Muri zone Buyenzi, grenade nayo nyene iri mu kamwanya, yatewe imbere ya banke ya BCB.


IGIHE

Messages

  • murasara canke murakomeye?mbega yuk muvuga ngo ni iterabwoba uyo mwana yapfuy muzomugarukana gute?mbega hoh abo bakomeretse reta y’uburund izobavuza?mugabo uwo yafashwe ni mwice.

  • Haaaaa!!!!! Turashirantakibuza Koyabuzekwemera Azosigara Atwara Ibiziga Ha

  • ukwo nukurwanya rete canke nukurwanya abanyagihugu?? mamawe!! ukwo sukutavugarumwe nareta gusa ahumbwo nubugizi bwanabi... igerenade mubanyagihugu ngo ba? yayayayaya!!!!. nimba murabagabo nimuje ahabona tubereke ingene intama yambarwa.mureke kuguma mwirara mubanyagihugu...erega murateyisoni!!

  • Mbega Burundi ujahe uzohereza benegihungu nduhumuke ta leta tufise na kagwi kabajura gakigira amahera kivye na bagirizwa ubucanyi Mbega iyo leta muraba, igizwe na Nyamitwe,Bunyoni,abo nibo bahenda Pierre ngo ntarekure mandated yivye na Nduwimana,Gaston,Rwasa,bironderera amahera abahasiga ubuzima taco icambere amahera,vyuvikana gute kurungika abasoda mubindi bihungu iwawe tamutekano ufise burimusi hapfa benegihungu,ikibabaje nuko aca babesha ngo umutekano urahari ikindi ngo in Kagame utoza abakora ubwicanyi Mbega Nkurunziza umengo abazi ivyo avuga atoje imboneraKure murikongo aca yijirana iterahamwe ngo azibe ikiringo ca gatatu,

  • Yooooo Imananitabare Uburundi Nabarundi Turagowe Pe!!!!

  • abica abantu bose bamenyeko bazobazwa amaraso yabo.

  • We wiyita jonathan. Niciyumviro cawe ariko bibonekako uri mubagwanya reta ubwo subugabo genda mutere igisirikare mureke kwica inzirakaremgane naho mumvugo yawe uboneka ko utari umurundi ariko mukisuka muvyabwo
    Tuzoraba amaherezo yanyu ivyo mukora ni ugaidi ntabugabo murimwo ntanuwuzoashigikira.

  • Mbegamuraz Agaciro Kuwo Mwana Yafyuy?Uwokababaza Mwokavuga?

  • NYIE WARUNDI MBONA MNAUWANA NINYIKWA NINYI HAMJUI KUUA NIDHAMBI?

  • None ga yemwe ko tubona police yirirwa isaka ibirwanisho none vyovyo ntibiza bihera i Bujumbura?kandiko police ari nyishi ntibotuza abo batera ubwoba ,nibagarukane abasoda bacu bagiye muri Amisom babanze bazimye iwacu!

  • Ntabandi barigutera Ayo magerenade ninkurunziza nakokarwi kiwe kuko nibobase kwinteko MABROBU ziza muburundi gucungera umutekano wabanyagihugu kuko baziko ziramutse zije zitobakundira ko babandanya batera Ayo magerenade bongera bafata uwomuntu wese baziko yiyamirije ikiringo ca gatatu ca peter nkurunziza

  • ABOBANTUBAGIR IVYOBINTUBAKWIYEKWICWANABO

  • Mbega Ububisha!!!Abo Bapfa Ni Kakagwi Kavurwako Ariko Gatwara Uburundi?Cank Bari Muri Manda Yagatatu?Ikibazo;muribazako Namwe Muzopfa?Canke Ko Imana Ayo Maraso Izoyabandikako?Nimureke Kuza Mwambura Ubuzima Bwabandi .Kuko Atarimwe Mwaburemye!!Mubikora Mwinyegeza Amaso Yabantu Ariko Ntimubinyegeza Ijisho Ry, Imana.Kayini Yica Mwenewabo Abel Yibazako Atanumwe Amubona .Ariko Imana Yo Ijisho Ryayo Ribona Ibwina Bw,imitima Yacu ,Yabajije Kayini Ivyo Ahejeje Gukora.Namwe Murindir Umuriro W,imana Urabarindiriye Ayo Maraso Azobatamba Imbere.Mwitwaza Ngo Nikiringo!Bongo Yenu!!

  • je sinibzko abobakor ivyo bagrwanya leta , ahubwo bagwany abanyagihugu, uguter grenad mubant ataco bazra nibzako atariwo muti, ahubwo nibashkiriz ibibazo bafite,

  • Jewe Mpereye Mukwa 5 . 2015 Gushika kuwa15 . 2 . 2o16 Ntamusi Numwe Rirenga Atakiziga. Mana Garukira Uburundi Nabarundi.

  • Jewe Mpereye Mukwa 5 . 2015 Gushika kuwa15 . 2 . 2o16 Ntamusi Numwe Rirenga Atakiziga. Mana Garukira Uburundi Nabarundi.

  • Uburundi nabarundi Turagowe Ntamusinumwe Rirenga Atakiziga,sinzi Ingene Ibendera Ryigihugu Rigumarimanitse. Mana Nuze Ukoreremuri baherodi Bibujumbura Baryohegwa Babona Ibiziga. Ariko Tuzobanesha Mwizina Rya Yezu. Kandibamenyeyuko Abirigwabaratera Amagerenade bica Abantu Atamyaka Ijana Bazomara.

  • Burundi we Imana igufashe, nonese aba bamaze abantu namagrenade ko aribo birirwa bahenda isi ngo leta yanga abaturage, ubu bo bari gukora vyiza. iki nikimenyetso ko batanguye kunanirwa urugamba.

  • Wewiyita Jehovayire Nakaboregwecanke Nagahimbo Urashoborakuvugako Pierre Ahendwa Uryantatamikwa Ijambo Numugabo Abushitse. Mureke Yitwarire Igiheyigamwarikumwe. Ugirabatera Amagerenade Kubera Arikubutegetsi?. Cankekomushaka igihugu Datawanje Mukukironka Mwoteramagerenade Abantu Nagiramwoyatera Uryafise igihugu Nahonyene Ntacomwopfamunyayeko. Naniyombare Caramunaniye Wamuhimbiriwe Ubuze ivyudahwa uzohore Urekakuvuga Nkurunziza Ko Atamikwa Amajambo. Iyo Umbahafi Nagenda Ndagutatuye

  • Intandaro yavyose ni mandat ya gatatu, iyo nkurunziza arekura ubutegetsi ibivyose ntivyobaye,ariko abagwanira ubutegetsi bose nibampahirind uwugifashe wese acayigira ivyo yishakiye , ariko icombona nuko abapfa bose boa kugatwe ka nkurunziza kuko nie nkwezi yakorongo.

  • EW Hamadi Butihinda Uvuzeko Ayomagerenade Ategwana Nkurunziza Nakgwe Kiwe Nuvuze Uradashe Canke Urimuribamwe Bagendana Ubumuga Bwomumutwe Eka Uvuze Ayasunitswenimpemu Uyumbahafi Nakwereka Icatumye Inkoko Idasoba Kandi Inwamazi

  • None Abobantu Batey Ayama Grenade Nabagwanyi Cank Nabatavuga Rumwe Na L’état Inyishu Ariko Abaribobose Barakwiye Kwikebuka.

  • Ndahohojeje abakomeje guhitanwa naba terrorists bakomeje guhitanisha bene Burundi ama grenades.
    Ndanezerejwe nuko uwafashwe yavugishijukuri ivyoyavuze bikaba bigiye kuzitanga umusaruro cokimwe nabafashwe imbere yiwe ivyabavuze dukomeze kubiyfutsamwo umusaruro kuko ahotugeze hose tubivuze ntidutsindwa ahubwo abotubibwiye barumirwa!

  • emwe mwabijujumwe vyabanyagihugu!!sabakurikira nkurunziza sabamurwanya mwese mwikangur!ijambo ryuhoraho ngo ntukiringir umwana wumuntu nimubakurikir muzobabona uyumusi mufashanya kwicabandi ejo bazobahindukirira!hungira kwa yesu hama mutekane!jeho nubwo hontwara impene kazima yesu wanje ata mandat bamuharurira!

  • NDAHOJEJE ABABUZE UMWANA MUHUMURE MW’ISINIKOBIMEZE

  • Nibagombe bareke kari ntibazitanga nkaguma chomeye, emwe nibareke ntaco bimbwiye. Ahubwo batevye kwugara nakare bafasha abifashije!

  • abobant bmeny kwimanibabona ivyo bgrabhevyi bcabantu namagrenad bishrakagoz mwzosgi bragowe mana dufashe ngihugu cacu burundi nabarundi amen

  • tuyamireje abo bantu baguma bahungabanya umuutekano dusavye leta kubafatwa bakora ubwo bubisha kobohanwa bikomey ni samuel kirundo busoni 69848069

  • EWEEEE NKURU AYO MARASO YOSE URIKO URANYWA UMENYEKO UZOYARIHA NGAHA NIMBERE YIMANA.MUTUMA IVYO BIKOKO VYANYU VYI MBONERAKURE BITERE AMAGRENADE KUBANYAGIHUGU MUBESHERE ABO MUTAVUGARUMWE,NUKURI MWEBWE ABA CNDD FDD MWARAVUMWE NIMANA,NINKUKO MUTANGUYE KWICHANA MWENYENE MWABIVUMWE VYIMANA.

  • Ako na kamaramaza non abo batera ayo ma grenade bitwaje iki ni bareka abana bu burundi batuze

  • Nukuri Ivyobintu Birateye Agahinda Kumva Umuntu Apha Buhene Igitekerezo.Kuberiki Umuhungu Iyakize Abakobwa Bamuhurumbira?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.