Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura : Umwana umwe yapfuye, abantu 32 bakomeretswa n’amagerenade 6 (...)
Bujumbura : Umwana umwe yapfuye, abantu 32 bakomeretswa n’amagerenade 6 yatewe
lundi 15 Ruhuhuma 2016, par
Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko muma gerenade atandatu yatewe kuva isaha zibiri z’agatondo muri zone za Rohero, Buyenzi, na Ngagara, umwana umwe w’imyaka 11 ariwe yahasize ubuzima, abantu 32 barakomereka.
Nk’uko tubibwirwa na OP1 Pierre NKURIKIYE, ivyabaye mu gisagara ca Bujumbura ahatewe amagerenade kuri uwu wa mbere bifatwa nk’ibikorwa vy’iterabwoba.
Mu giporisi bavuga ko umwe mubakoze ivyo bikorwa vy’iterabwoba yafashwe, hamwe n’ipikipiki n’imodoka imwe vyafashwe.
- OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi
Abantu bakomerekeye mu bitero vya gerenade vyabereye kuri station y’igitoro ya Interpetrole iri hafi ya Hotel NOVOTEL, imbere y’ikibanza citiriwe ukwikukira. Abandi bakaba bakomerekeye muri zone Buyenzi, bakomerekejwe na Gerenade nyene yatewe imbere y’ishami ry’ibanki BCB aho nyene mu Buyenzi, hakaba n’iyatewe mu Ngagara muri karitiye ya gatanu. Izindi gerenade zibiri zatewe imwe kw’isoko kwa Siyoni, hamwe n’iyindi mu kibanza badandarizamwo amashurwe mu gisagara ca Bujumbura (Maison Fleurie), imbere y’ishure rya Athenée Primaire.
Abari kuri station y’ibitoro ya Interpetrole bavuga ko babonye ikintu gitembagara kiri mu kamwanya, baca bumva kiraturitse.
Muri zone Buyenzi, grenade nayo nyene iri mu kamwanya, yatewe imbere ya banke ya BCB.
IGIHE
Messages
15 Ruhuhuma 2016, 13:26, par j.claude
murasara canke murakomeye?mbega yuk muvuga ngo ni iterabwoba uyo mwana yapfuy muzomugarukana gute?mbega hoh abo bakomeretse reta y’uburund izobavuza?mugabo uwo yafashwe ni mwice.
15 Ruhuhuma 2016, 13:28, par Katabirora
Haaaaa!!!!! Turashirantakibuza Koyabuzekwemera Azosigara Atwara Ibiziga Ha
15 Ruhuhuma 2016, 14:50, par kamaro
ukwo nukurwanya rete canke nukurwanya abanyagihugu?? mamawe!! ukwo sukutavugarumwe nareta gusa ahumbwo nubugizi bwanabi... igerenade mubanyagihugu ngo ba? yayayayaya!!!!. nimba murabagabo nimuje ahabona tubereke ingene intama yambarwa.mureke kuguma mwirara mubanyagihugu...erega murateyisoni!!
15 Ruhuhuma 2016, 15:02, par Jonathan
Mbega Burundi ujahe uzohereza benegihungu nduhumuke ta leta tufise na kagwi kabajura gakigira amahera kivye na bagirizwa ubucanyi Mbega iyo leta muraba, igizwe na Nyamitwe,Bunyoni,abo nibo bahenda Pierre ngo ntarekure mandated yivye na Nduwimana,Gaston,Rwasa,bironderera amahera abahasiga ubuzima taco icambere amahera,vyuvikana gute kurungika abasoda mubindi bihungu iwawe tamutekano ufise burimusi hapfa benegihungu,ikibabaje nuko aca babesha ngo umutekano urahari ikindi ngo in Kagame utoza abakora ubwicanyi Mbega Nkurunziza umengo abazi ivyo avuga atoje imboneraKure murikongo aca yijirana iterahamwe ngo azibe ikiringo ca gatatu,
15 Ruhuhuma 2016, 15:09, par Jehovayire
Yooooo Imananitabare Uburundi Nabarundi Turagowe Pe!!!!
15 Ruhuhuma 2016, 15:36, par barutwanayo
abica abantu bose bamenyeko bazobazwa amaraso yabo.
15 Ruhuhuma 2016, 16:50, par wewe
We wiyita jonathan. Niciyumviro cawe ariko bibonekako uri mubagwanya reta ubwo subugabo genda mutere igisirikare mureke kwica inzirakaremgane naho mumvugo yawe uboneka ko utari umurundi ariko mukisuka muvyabwo
Tuzoraba amaherezo yanyu ivyo mukora ni ugaidi ntabugabo murimwo ntanuwuzoashigikira.
15 Ruhuhuma 2016, 17:01, par Anick
Mbegamuraz Agaciro Kuwo Mwana Yafyuy?Uwokababaza Mwokavuga?
15 Ruhuhuma 2016, 17:22
NYIE WARUNDI MBONA MNAUWANA NINYIKWA NINYI HAMJUI KUUA NIDHAMBI?
15 Ruhuhuma 2016, 17:35, par Chaka
None ga yemwe ko tubona police yirirwa isaka ibirwanisho none vyovyo ntibiza bihera i Bujumbura?kandiko police ari nyishi ntibotuza abo batera ubwoba ,nibagarukane abasoda bacu bagiye muri Amisom babanze bazimye iwacu!
15 Ruhuhuma 2016, 18:29, par ernest
Ntabandi barigutera Ayo magerenade ninkurunziza nakokarwi kiwe kuko nibobase kwinteko MABROBU ziza muburundi gucungera umutekano wabanyagihugu kuko baziko ziramutse zije zitobakundira ko babandanya batera Ayo magerenade bongera bafata uwomuntu wese baziko yiyamirije ikiringo ca gatatu ca peter nkurunziza
15 Ruhuhuma 2016, 19:15, par HAMADI BUTIHINDA
ABOBANTUBAGIR IVYOBINTUBAKWIYEKWICWANABO
15 Ruhuhuma 2016, 19:44, par Yvett Bcm
Mbega Ububisha!!!Abo Bapfa Ni Kakagwi Kavurwako Ariko Gatwara Uburundi?Cank Bari Muri Manda Yagatatu?Ikibazo;muribazako Namwe Muzopfa?Canke Ko Imana Ayo Maraso Izoyabandikako?Nimureke Kuza Mwambura Ubuzima Bwabandi .Kuko Atarimwe Mwaburemye!!Mubikora Mwinyegeza Amaso Yabantu Ariko Ntimubinyegeza Ijisho Ry, Imana.Kayini Yica Mwenewabo Abel Yibazako Atanumwe Amubona .Ariko Imana Yo Ijisho Ryayo Ribona Ibwina Bw,imitima Yacu ,Yabajije Kayini Ivyo Ahejeje Gukora.Namwe Murindir Umuriro W,imana Urabarindiriye Ayo Maraso Azobatamba Imbere.Mwitwaza Ngo Nikiringo!Bongo Yenu!!
15 Ruhuhuma 2016, 19:48, par Nsavyimana Bishanya Egide
je sinibzko abobakor ivyo bagrwanya leta , ahubwo bagwany abanyagihugu, uguter grenad mubant ataco bazra nibzako atariwo muti, ahubwo nibashkiriz ibibazo bafite,
15 Ruhuhuma 2016, 19:49, par Dieudnne
Jewe Mpereye Mukwa 5 . 2015 Gushika kuwa15 . 2 . 2o16 Ntamusi Numwe Rirenga Atakiziga. Mana Garukira Uburundi Nabarundi.
15 Ruhuhuma 2016, 19:49, par Dieudnne
Jewe Mpereye Mukwa 5 . 2015 Gushika kuwa15 . 2 . 2o16 Ntamusi Numwe Rirenga Atakiziga. Mana Garukira Uburundi Nabarundi.
15 Ruhuhuma 2016, 19:57, par NIYIGABA JEAN MARRIE
YOO! MUBURUNDI IMANA YONYENE
15 Ruhuhuma 2016, 20:49, par Dieudonné
Uburundi nabarundi Turagowe Ntamusinumwe Rirenga Atakiziga,sinzi Ingene Ibendera Ryigihugu Rigumarimanitse. Mana Nuze Ukoreremuri baherodi Bibujumbura Baryohegwa Babona Ibiziga. Ariko Tuzobanesha Mwizina Rya Yezu. Kandibamenyeyuko Abirigwabaratera Amagerenade bica Abantu Atamyaka Ijana Bazomara.
15 Ruhuhuma 2016, 21:28, par kabezi
Burundi we Imana igufashe, nonese aba bamaze abantu namagrenade ko aribo birirwa bahenda isi ngo leta yanga abaturage, ubu bo bari gukora vyiza. iki nikimenyetso ko batanguye kunanirwa urugamba.
15 Ruhuhuma 2016, 21:36, par Dieudonné
Wewiyita Jehovayire Nakaboregwecanke Nagahimbo Urashoborakuvugako Pierre Ahendwa Uryantatamikwa Ijambo Numugabo Abushitse. Mureke Yitwarire Igiheyigamwarikumwe. Ugirabatera Amagerenade Kubera Arikubutegetsi?. Cankekomushaka igihugu Datawanje Mukukironka Mwoteramagerenade Abantu Nagiramwoyatera Uryafise igihugu Nahonyene Ntacomwopfamunyayeko. Naniyombare Caramunaniye Wamuhimbiriwe Ubuze ivyudahwa uzohore Urekakuvuga Nkurunziza Ko Atamikwa Amajambo. Iyo Umbahafi Nagenda Ndagutatuye
15 Ruhuhuma 2016, 21:50, par Cloude
Intandaro yavyose ni mandat ya gatatu, iyo nkurunziza arekura ubutegetsi ibivyose ntivyobaye,ariko abagwanira ubutegetsi bose nibampahirind uwugifashe wese acayigira ivyo yishakiye , ariko icombona nuko abapfa bose boa kugatwe ka nkurunziza kuko nie nkwezi yakorongo.
15 Ruhuhuma 2016, 21:51, par Dieudonne
EW Hamadi Butihinda Uvuzeko Ayomagerenade Ategwana Nkurunziza Nakgwe Kiwe Nuvuze Uradashe Canke Urimuribamwe Bagendana Ubumuga Bwomumutwe Eka Uvuze Ayasunitswenimpemu Uyumbahafi Nakwereka Icatumye Inkoko Idasoba Kandi Inwamazi
15 Ruhuhuma 2016, 22:59, par Lévis Niyonsenga
None Abobantu Batey Ayama Grenade Nabagwanyi Cank Nabatavuga Rumwe Na L’état Inyishu Ariko Abaribobose Barakwiye Kwikebuka.
15 Ruhuhuma 2016, 23:55, par None?
Ndahohojeje abakomeje guhitanwa naba terrorists bakomeje guhitanisha bene Burundi ama grenades.
Ndanezerejwe nuko uwafashwe yavugishijukuri ivyoyavuze bikaba bigiye kuzitanga umusaruro cokimwe nabafashwe imbere yiwe ivyabavuze dukomeze kubiyfutsamwo umusaruro kuko ahotugeze hose tubivuze ntidutsindwa ahubwo abotubibwiye barumirwa!
16 Ruhuhuma 2016, 13:57, par mugeni wa yesu
emwe mwabijujumwe vyabanyagihugu!!sabakurikira nkurunziza sabamurwanya mwese mwikangur!ijambo ryuhoraho ngo ntukiringir umwana wumuntu nimubakurikir muzobabona uyumusi mufashanya kwicabandi ejo bazobahindukirira!hungira kwa yesu hama mutekane!jeho nubwo hontwara impene kazima yesu wanje ata mandat bamuharurira!
16 Ruhuhuma 2016, 14:37, par NIYONKURU JÉRÉMIE
NDAHOJEJE ABABUZE UMWANA MUHUMURE MW’ISINIKOBIMEZE
16 Ruhuhuma 2016, 21:44, par Uwarushe
Nibagombe bareke kari ntibazitanga nkaguma chomeye, emwe nibareke ntaco bimbwiye. Ahubwo batevye kwugara nakare bafasha abifashije!
16 Ruhuhuma 2016, 23:09, par Big.Didier
abobant bmeny kwimanibabona ivyo bgrabhevyi bcabantu namagrenad bishrakagoz mwzosgi bragowe mana dufashe ngihugu cacu burundi nabarundi amen
18 Ruhuhuma 2016, 13:27, par MBANZAMIHIGO Samuel
tuyamireje abo bantu baguma bahungabanya umuutekano dusavye leta kubafatwa bakora ubwo bubisha kobohanwa bikomey ni samuel kirundo busoni 69848069
3 Ntwarante 2016, 13:58, par alidi Hicuburundi
EWEEEE NKURU AYO MARASO YOSE URIKO URANYWA UMENYEKO UZOYARIHA NGAHA NIMBERE YIMANA.MUTUMA IVYO BIKOKO VYANYU VYI MBONERAKURE BITERE AMAGRENADE KUBANYAGIHUGU MUBESHERE ABO MUTAVUGARUMWE,NUKURI MWEBWE ABA CNDD FDD MWARAVUMWE NIMANA,NINKUKO MUTANGUYE KWICHANA MWENYENE MWABIVUMWE VYIMANA.
18 Ntwarante 2016, 09:11, par Ndayishimiye christa bella
Ako na kamaramaza non abo batera ayo ma grenade bitwaje iki ni bareka abana bu burundi batuze
1er Mukakaro 2016, 20:46
Nukuri Ivyobintu Birateye Agahinda Kumva Umuntu Apha Buhene Igitekerezo.Kuberiki Umuhungu Iyakize Abakobwa Bamuhurumbira?