IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bukirasazi: Umukuru w’igipolisi yarapfuye arashwe n’abantu bataramenyekana

Bukirasazi: Umukuru w’igipolisi yarapfuye arashwe n’abantu bataramenyekana

jeudi 24 Kigarama 2015

Umukuru w’ikirindiro c’abapolisi muri komine ya Bukirasazi mu ntara ya Gitega yarishwe n’abantu bitwaje ibirwanisho bataramenyekana.

Uwo yaraye yishwe azwi kw’izina rya Nahimana Victor yishwe mw’ijoro ryo kuwa gatatu igenekerezo rya 23 Kigarama 2015.Amakuru ava aho i Bukirasazi amenyesha ko yishwe nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro.

Ayo makuru amenyesha ko abantu bitwaje inkoho binjiye basaba abari ho bose kuryama bubitse inda baca babwira ko uwuvyura umutwe wese baca bamurasa. Mu gihe uwo mu polisi yari avuye kugura ikarata yo gushira amafaranga yo kuvuganirako muri Telefone niho abo bagizi ba nabi bamurasa bikanze ko yoba afise ikirwanisho kuko yari yambaye impuzu z’igipolisi.

Uretse uwo yitavye Imana,impuzu ,amafaranga n’ibindi bidandazwa vyarivye nabo bagizi ba nabi,imbere yuko bahunga atanumwe amenye iyo bahungiye.

Ayo makuru aremezwa n’uwurongoye igipolisi mu ntara ya Gitega Marc Hakizimana akamenyesha ko abo bantu bari abagizi ba nabi kuko inkoho y’uwo mu polisi canke icuma co gutuma tumanako amakuru batabitwaye.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.