IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burkina Faso: Gen Gilbert Diendere niwe aramutswa igihugu

Burkina Faso: Gen Gilbert Diendere niwe aramutswa igihugu

jeudi 17 Nyakanga 2015

Inyuma y’itangazo ryaciye ku mbonesha kure y’igihugu ca Burkina Faso rishikirijwe n’umwe mu basirikare bari mu bacunga umukuru w’igihugu,Gen Gilbert Diendere niwe yashikiriye amabanga yo kurongora igihugu.

Kuva kuwa gatatu igenekerezo rya 16 Nyakanga 2015,umukuru w’igihugu Michel Kafando n’umushikiranganji wa mbere Isaac Zida barafashwe n’umurwi w’abasirikare bari mu bacunga umukuru w’igihugu.

Saran Sérémé umwe mu bari biteze kwitaba amatora y’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko Gen Gilbert Diendere yari umuntu atekanye kandi w’ubwenge ari naco gituma adatahura ingene yoba yagiye muvyo gutembagaza ubutegetsi.

Ku ruhande rw’abatembagaje ubutegetsi,bavuga ko umukuru w’igihugu n’umushikiranganji wa mbere bariho ari bazima kandi ko mu mwanya baza kuba barekuwe.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Bigeze ahobisesema, Burya igihugu kimaze kubankikigendera kumatwgeko yabohanzeyaco bicabiba nabibi. Ndasavye ibihugu bizikovyikukiye vyerekaneko vyikukiye nubwobizoba aribikene vyanyakuja nkukukwu Burundi. Raba iyi Burkina Faso, abatekeje uwaripredida Braise Compaur baribashigikiwe nabohanze yigihugu cabo raba umuvumo wabinjiranye, abagambaniye Garddafi baribashigikiwe nabohanze yigihugu Libya nuneraba umuvunobakwegeye igihugucabo ahokiwugejeje, Syliya, Egypt, u Rwanda 90-94, nahandihose abanyagihugu bakwega amategeko yohanze yibihuguvyabo bituma habumuvumo bubihuguvyabo. Ndabibitseko bamwe murababenegihugu ca Burkina Faso mumesiheze ngaha Burundi harimyigaragamvyo baciyebaja mwibarabara ngokugira bifatikanye nabatabguje akajagari ngaha Burundi, ndababwirako mumisi nuratangura gufata iyubuhungiro yerekeza Buraya.

  • Ntihagire ico babagira gusa uburyarya ubonako bwamye

  • Aha! Muburundi iyo iyo bagira nkurunziza nkuko,ubu tuba dufise umutekano!

  • Abategetsi b’i Burundi ntacobariga.Imana ihora ihoze.

  • nibamureke guko ntiyakoze

  • MUSHAKA KUGRERANY BURKINA FASO N’UBURUNDI?NOKUBWIRA KO UWUFASHE UBUTEGETSI ARI SOMAMBIKE WA BLAISE COMPAORIN.URUMVA IGIHUGU NI CA BLAISE KUKO GENERAL GILBERT DIENDERE ATWARA TRANSITION.NINO UBURUND BUZOGUMA BUTWARWA N’ABAGUMYABANGA APANA IBIPINGA.

  • yemwe nukuri iyongeso yabobasirikare suyo gushigikira ahubwo bakwiye guhanwa namategeko kandi ntibahirahire ngobabarye nurwara

  • ATEGETSI BARUKIN FAS BARABE BAKWIRIZ UMUSHAR ABAJENERAR BONGER BIYEGEREZ ABATURAG NKAPEREZID WUBURUNDI

  • ewe bwenge nagira izina niryo muntu eka shaka ureke nta blaise azosubira kuramutswa burkina nawe uzoba ubona.

  • ngahamuburundintibizokunda kukwigisoda caracanzwe nkakera kubafabe vyokunda ubundakurahiye

  • @ Rosa Kamikazi, singombwa kwabari Bleise Compoure, ashoborakubaruyundi ariko ugasanga afise ivyobahuriyekovyishi, Rekandakwibutse haniwacu Burundi, haratwawe numu prezida yitwa micombero azagukurwa na Bagaza, uwobagaza azagukurwa na Buyoya abobose bakoneje kugira ibintu 95% bakonezaguhurirako nacanecane kutitaho kubonako abahutu bokwibona mugihuguvyukuri. Uyumuntu rero yitwa Bwenge iryozina riramukwiye nisunze ivyoyavuze.

  • Kafando nabiwe karabaciyemwo barihenda. Iyumvire namwe ingene yubahutse agakura mumatora cdp yose motif ngo niyo kwa compaoré ubujuju yagiz nuko yibagiy ko aribo bamucungiy ubuzima. Ico shima kubasoda ba burkina faso nuko badahohotera abanyagihugu. Abo muburundi bo babona iki ko nkuru yigirira amatora wenyene akayahagarikira barorera.?

  • muvyukukuri abaturagi nibo bafise ijambo ryanyum

  • @None,
    erega uyo kamikazi rose ni umututsi ,baziko bakoresheje imvugo yo gukengera abandi ko ariho ivyo bavuga bigira ikilo kurusha ivabandi,aho wewe ubona yishuye bwenge abanje kwiyumvira,yasimbiye gusa ku kumutuka,ariko wamunyishuriye neza,abo ba manifestants bo muri burkina bazongere kwifata nk’ibihangange vyo muri africa,ntimushobora kwibaza ingene bintwenza ivyo muri burkina,hari uturundi ngaha twabihekeko mukome

  • Wewe Hahh, niwewe ukwiyekwiha iryozina uhaye Fedalite kubera utagira iciyumviro cawewokwandika ngaha ariko ugasokoroka witabantu igihugu!!!.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.