IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi : Ibiciro vy’ibitiro vyasubiye kugabanywa

Burundi : Ibiciro vy’ibitiro vyasubiye kugabanywa

mercredi 11 Ntwarante 2015, par IGIHE

Ubushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro, amaposita n’ingenzi bwafashe ingingo yo kugabanya igiciro c’igitoro, kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 10 Ntwarante uno mwaka.

Muri iryo gabanywa ry’ibiciro vy’amazutu na Peterori, Iritiro ya essence yagumijwe ku mafaranga igihugu n’amajana umunani na mirongo umunani(1880F). Amazutu yavuye ku mafaranga igihumbi n’amajana icenda na cumi aja ku mafaranga igihumbi n’amajana umunani na mirongo umunani ku ritiro(1910 à 1880 Fbu le litre), ni kuvuga ko cagabanuwe amafaranga mirongo itatu gusa. Peterori yavuye ku mafaranga igihugumbi na majana atandatu na miringo ibiri, ija ku gihumbi na majana atanu na mirongo umunani,(1620F a 1580 FBU) ni kuvuga ko bagabanijeko amafaranga mirongo ine gusa.

Muri iryo tangazo basohoye bakaba bavuga ko bagabanije ivyo biciro kuko no kw’isoko mpuzamakungu vyagabanutse. Reta y’ Uburundi ikaba igabanije ico giciro c’igitoro inyuma yaho abo mu mashirahamwe n’amasendika ahurikiye muri rwa runani rwishinze kurwanya ubuzima buzimvye,aguma asaba Reta ko yogabanya ibiciro gushika ku mafaranga 1700 kw’iritiro kuko no kw’isoko mpuzamakungu vyagabanutse. Ariko rero muri ayo mashirahamwe ntibashimye na gato, kubwabo Reta irakwiye kugabanya kandi, kanatsinda iguma inunuza abanyagihugu kuko ikurako amafaranga 700 indwi yose kw’iritiro.


Floxella Karire

Messages

  • Uko n’ukabanya canke ni ikina mico ! none ko igikoro ko cagabanijwe niyo ntica ntikize, akanyungu kuwinguruza afashe bus nakahe? Ubundi iryo gabanywa ry’igitoro hungutse nde ? Leta n’igerageze utwareko ama taxes make kugira umunyagihugu ashikirwe n’iryo gabanuka ry’igitoro.

  • bariko bararondera amajwi muraba mwumva, rindira mubatore muzobibona ndavugasimvura.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.