IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Burundi : Igiti gikorwamwo ingoma kiriko kirahona

Burundi : Igiti gikorwamwo ingoma kiriko kirahona

mercredi 18 Kigarama 2013

Akaranga k’igihugu c’Uburundi gashingiye ku bintu vyinshi kandi bituma igihugu kigira akaranga kagitandukanya n’ibindi bihugu. Muri ivyo harimwo ingoma. Iyo ifise insIguro nini muri kahise kuva ku ntwaro y’abami kugeza uyu munsi. Mbe none ingoma iroroshe kuronka muri kino gihe?

Kuva kera narindi ingoma yari Ifise ikibanza gikomeye mu buzima bw’Abarundi. Ingoma ivuze aho hambere hahise yaba ifise ico isiguye naho ubu atariko bikimeze, kuko muri kino gihe zivuzwa aho ari hose atacamira. Naho biruko, abatimbo bo muri kino gihe baridoga cane kuko ingoma zitaborohera kuronka. Mu bisanzwe ziri imice itatu, zigatandukana bivanye n’ubunini bwazo, n’akamaaro kazo mu gihe bariko bazivuza.

Hariho ingoma irongora izindi bita Inkiranya, habakaba zirya ngoma nini bita ibishikizo, ni ngoma ntonto bita amashako. Izo ngoma rero zibazwa cane cane mu giti citwa Umuvugangoma, ni kindi citwa umusave. Kera ivyo biti bikorwamwo ingoma wasanga ari ibiti vy’inganzamarumbo, canke bigereranye. Ivyo vyavana n’ingoma bakeneye iyo ari yo. Baraheza bakabica mu mashamba yo mu ntara za kirimiro, eka no mu kibira co mu Kayanza. Kubera ivyo biti vyacibwa n’abake kubera ingoma zitavuzwa na benshi, ivyo biti vyararonka umwanya wo gukura.

Muri kino gihe ivyo biti bisa nibiriko birahona kuko ingoma yo mu Burundi isigaye ibonwa mwo urudandazwa. Kubera abatimbo barwiriye kandi bazikoresha mu guca amahera, n’abazikana baca bazikora, bakazigurisha bivanye n’uko ingana. Amashamba y’i Burundi ubu arakingiwe, kuronka igiti c’umuvugangoma ntivyoroshe, iyo kibonetse kigurwa amahera atari make.

Abatimbo bamenyeshako mu minsi iza mu Burundi ingoma zizobura kuko ibiti zikorwamwo vyabuze, ivyo na vyo bituma ingoma zizimba. Izibonetse usanga zidakomeye kuko zikorwa mu biti vy’ibishogoshera. Ingoma y’inkiranya, iyo yabonetse igurwa amahera y’amarundi 80.000, izindi zigurwa mu nsi yayo ariko ingoma yanyuma ntoyi arizo bita amashako zigurwa hagati y’amahera 30.000 ni 40.000 y’amarundi, kandi izo zanyuma zimara igihe gito kuko zivuzwa gusumba izindi. None Uburundi buzogumana iryo zina gute ata ngoma ikivuzwa mu gihugu?


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.