IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Buterere:Umukenyezi yishwe abanje gufatwa kunguvu

Buterere:Umukenyezi yishwe abanje gufatwa kunguvu

jeudi 13 Kigarama 2012

Umugabo wo muri komine Buterere yishe umugore abanje kumufata ku nguvu nk’uko bivugwa n’abana b’uwo mugore. Ngo yari yaramusavye ko bobana kuko yari umupfakazi ariko uwo mukenyezi aranka.

Amakuru ava muri komine Buterere mu gisagara ca Bujumbura avuga ko hari mw’ijoro ryo kuri uyuwa gatatu italike 12 Kigarama. Umugabo ngo yinjiye mu nzu y’umukenyezi w’umupfakazi baba kw’ibarabara rimwe, aramucumita imbugita nyinshi mu mutwe no mu mutwe. Umukenyezi yaratabaje ariko ababanyi bavyumvise yamaze gucikana, uwo mugabo nawe yamwishe yamaze guhunga.

Umwana w’uwo mukenyezi avuga ko nyina wiwe yabanje gufatwa ku nguvu arashurashuzwa imbere yo kwicwa n’uwo mugabo. Ico yamuhoye, ngo uwo mugabo yari yasavye uwo mukenyezi ko bokubakana kuko bose bari abapfakazi ariko uwo mugore aranka kuko yarafise abana ngo atashaka gusiga.
Ababanyi biwe bavuga ko bari bamaze kumva ko uwo mugabo ahiga ko azokwica uwo mugore. Musitanteri wa komine Buterere avuga ko nawe nyene yaramaze kumva ko uwo mugabo ahiga kwica uwo mugore.

Yaciye afatwa n’igipolisi ku mvo z’amatohoza ariko musitanteri wa komine Buterere avuga ko ata vyinshi vyo kubaza kuko ababanyi babonye uwo mugabo yiruka ahunga. Ababanyi basaba ko yohanwa hisunzwe amategeko.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.