IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CENI: Zimwe mu nyabwonko zirimwo intonde z’abiyandikishije zahiye

CENI: Zimwe mu nyabwonko zirimwo intonde z’abiyandikishije zahiye

lundi 9 Ntwarante 2015, par IGIHE

Imashini imwe muri zimwe zariko zikoreshwa mu kwandika amazina y’abiyandiksihije kugira bazotore, yahiye iratokombera hamwe n’icuma kibika umucanwa bita’’ onduleur’’, nk’uko vyemezwa n’umukuru w’umurwi ujejwe gutegura amatora CENI Petero Karaveri Ndayicariye.

Kuri uwu w’Imana, igenekerezo rya 8 Ntwarante, akaba ariho ivyo vyuma vyasha, ariko mu murwi CENI bemeza kandi ko ataco vyonona ku gikorwa bariko bakora, kuko ivyarimwo vyari vyamaze gushikanwa mu cuma cakira ayo mazina nyene. Mu murwi CENI bavuga ko baciye bahindura inyabwonko zindi zari zegereye ivyo vyahiye, izigera kuri zitandatu, zikaba zahinduwe. Ariko haramakuru amwe ava aho muri CENI, akemeza ko hahiye imashini zishika zitanu zose.

Tubamenyeshe ko iryo sanganya ribaye mu gihe mu mpera z’ino ndwi nyene dutanguye, vyavugwa ko kuva ku wa 12 gushika ku wa 16 Ntwarante, ariho hategekanywa igikorwa co kumanika intonde z’abiyandikishije, nk’uko vyashikirijwe n’umuvugizi w’uwo murwi Prosper Ntahorwamiye mu mpera zino ndwi turangije.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.